Ukraine - Russia: Zambia irasaba insiguro ku rupfu rw'umunyeshure Lemekhani Nyirenda

Ukraine war

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bivugwa ko intambara ya Ukraine imaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi

Zambia irasaba insiguro ku rupfu rw'umunyeshure yahora arwanira Uburusiya muri Ukraine.

Ico gihugu gisaba Moscou "gutanga inkuru vyihuta" zijanye n'urupfu rwa Lemekhani Nyirenda.

Uwo munyeshure w'imyaka 23 wo mw'ishure kaminuza rya Moscow Engineering Physics yari mu gihano c'igipfungo c'imyaka icenda azira gufatanwa ibiyayuramutwe.

Umuryango wiwe ufise ibibazo vyinshi kuri urwo rupfu kandi ukaba wipfuza kuraba ko ikiziga ari iciwe.

Nyirenda yapfuye mu kwezi kw'icenda ariko Uburusiya ni ho bukibimenyesha reta ya Zambia.

Ubuserukizi bwa Zambia muri Ukraine bwasanze ikiziga ca Nyirenda cajanywe mu gisagara ca Rostov-on-Don kiri ku rubibe rwo mu bumanuko bw'Uburusiya, nk'uko vyamenyeshejwe n'umushikiranganji wa Zambia ajejwe imigenderanire Stanley Kakubo ku musi wa mbere.

Umushikiranganji Kakubo yagize ati: "Nk'umushikiranganji, jewe ubwanje nagumye mvugana, kandi nzoguma mvugana n'umuryango wabuze kugira bamenye ukuri kw'ido n'ido y'ingene uwabo yapfuye."

Se wiwe Edwin Nyirenda yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko uwo munyeshure yariko arakora akazi asanzwe akora igihe atariko ariga, ko gutanga amakete igihe haza umuntu atamenye amuha ipaki irimwo ibiyayuramutwe

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Se na we yagize ati: "Ntituzi" uwakuye umuhungu wanje mw'ibohero, anongerako ko umuryango gusa "waronse ubutumwa buvuye ku mugabo tutazi wo mu Burusiya yatubwiye ko hari icipfuzo umuhungu wacu yasize yanditse, kandi dutegerezwa kuja mu Burusiya".

Zambia yahora irungika abanyeshure kwiga mu Burusiya ku mfashanyo y'ico gihugu, nk'uko vyari vyagenze kuri Nyirenda.

Uko yarekuwe ava mw'ibohero ntibizwi, ariko Uburusiya bwaremereye umwidegemvyo bamwe mu banyororo mu gihe na bo bokwemera kugwana mu ntambara ibahuza na Ukraine.

Mu kwezi kw'icenda hari amasanamu y'ibanga yagiye ahabona yerekana abacangero b'umugwi Wagner bariko bararondera abanyororo baja kugwana muri Ukraine.

Muri iyo video umukuru wa Wagner, Yevgeny Prigozhin yaragaragaye ariko aratanga amategeko y'intambara, nko kudahirahira ngo utoroke canke kudakora imibonano mpuzabitsina n'abagore bo muri Ukraine, hanyuma aca aha abo banyororo iminota itanu yo kwiyumvira nimba bashaka kuja kugwana.

Mu buryo buteye amakenga, yabwiye abanyororo ko ashobora kubakura mw'ibohero bakomeye ariko ko atokwemanga ko azobagarukana bakomeye.

Igihugu ca Zambia nticagize aho cegamira mu ntambara iriko y'Uburusiya na Ukraine, co kimwe n'ibindi bihugu vyinshi vya Afrika, ariko kivuga ko ciyamiriza intambara iyo ari yo yose.