Russia yateye misire mirongo ku bisagara vya UKraine

Hugo Bachega & Matt Murphy

i Kyiv na London

An air defence missile moves to intercept a Russian rocket over Kyiv

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Misire yo gutegerera mu kirere roketi y'Uburusiya irafashe ikirere hejuru ya

Ibisigara hirya no hino muri Ukraine vyatewe ibisasu vya misire, muri kimwe mu bitero vya mbere binini cane kuva intambara itangura.

Abantu nibura batatu - barimwo umwana w’umukobwa w’imyaka 14 – bajanywe mu bitaro inyuma y’aho umugwa mukuru, Kyiv, uterewe, nk’uko bivugwa n’umukuru w’ico gisagara Vitaliy Klitschko.

Urwamo rw’umuturiko w’ibisasu rwumvikanye kandi mu bisagara vya Kharkiv, Odesa, Lviv na Zhytomyr.

Igisirikare ca UKraine kivuga ko hatewe misire 69, uburyo bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere butegera 54 muri izo.

Imbere y’aho umujenama w’umukuru w’igihugu Mykhailo Podolyak yavuze ko hari hatewe misire 120 zitumberezwa ku bikorwa-remezo bisanzwe.

Ico gitero co mu kirere camaze amasaha hafi atanu.

Ingabo zo mu kirere za Ukraine zivuga ko igitero c’Uburusiya ku gihugu cazananye inzira zitandukanye hakoreshejwe misire zo mu kirere n’ iziterwa ziva mu kiyaga’’. Zivuga kandi ko hari drone z’ubwihevyi (Kamikaze) zakoreshejwe.

Brig Gen Oleksiy Hromov yavuze ko ibitero vyatumberejwe ku bikorwa-remezo vy’umuyagankuba mu gihugu cose.

Rescue teams examine a damaged home in the Kyiv region

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abatabara bariko barasuzuma inzu yasambuwe mu ntara ya Kyiv

Inzu zibiri muri Kyiv zononywe n’ibimanyu vya misire zasamburiwe mu kirere, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba gisirikare muri ico gisagara. Klitschko avuga ko misire 16 zasambuwe n’uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Mu ntara yo mu bumanuko ya Mykolaiv, umukuru w’intara Vitaly Kim yanditse ko misire zitanu zategerewe mu kirere, mu gihe umukuru w’igisagara Andriy Sadovy avuga ko ibiturika vyinshi vyumvikanye muri Lviv.

Mu ntara ya Odesa, Marchenko yavuze ko misire 21 zarashwe n’ingabo za Ukraine. Yongeye avuga ko ibimanyu vy’izo misire vyaguye ku nyubakwa yo kubamwo ariko ko atacononekaye.

Mu kigwati co mu ntara yo mu burengero ya Ivano-Frankivsk, umujenama mukuru wa prezida Volodymyr Zelensky yavuze ko misirire yaguye ku nyubakwa ibamwo abantu ariko ntiyaturika. BBC ntiyashoboye kubihinyuza mu buryo bwigenga.

A missile that flew into a civilian home in Western Ukraine

Ahavuye isanamu, Kyrylo Tymoshenko

Insiguro y'isanamu, Iyi mirire itaruritse yaguye ku nzu mu gisagara ca Ivano-Frankivsk kiri mu burengero, nk’uko bivugwa n’umutegetsi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu Kyrylo Tymoshenko
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibitero vy’Uburusiya biharurwa muri mirongo vyarashegeshe Ukraine muri aya mayinga aheze, bituma umuyagankuba ucika kenshi mu gihugu cose. Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe amasoko ntanganguvu Herman Halushchenko avuga ko ibitero vyononye ivyuma vyo guhingura umuyagankuba kandi ko ibintu ‘’bigoye’’ mu ntara za Odesa na Kyiv.

Umukuru wa Lviv yavuze ku wa kane ko 90% vy’igisagara ciwe bitagira umuyagankuba, mu gihe Klitschko nawe avuga ko 40% vya Kyiv ata muyagankuba bifise.

Ubutegetsi bw’ingabo mu bumanuko bwa Ukraine bwari bwagabishije ko Ubususiya bwariko burategura gutera gushika kuri misire 20 ziva ku birindiro vyabwo muri Mer Noire (Ikiyaga Cirabura).

Ubutegetsi bw’Uburusiya buguma buhakana gutumbereza ibitero vyabwo vya misire ku banyagihugu basanzwe. Ariko prezida Vladimir Putin ubu vuba yaremeye ko ingabo z’Uburusiya zimaze igihe zigema ibikorwa-remezo vy’amasoko ntanganguvu vya Ukraine.

Kuvyemera kwakurikiye ivyavuzwe n’abategetsi mpuzamakungu, harimwo umukuru w’Ubufaransa, ko gutumbereza ku bikorwa-remezo vy’amasoko ntanganguvu gishobora kuba icaha co mu ntambara.

Mu rukurikirane ry’ibisasu muri uku kwezi, Ukraine yavuze ko yakoroye 60 kuri misire 70 zatewe n’Uburusiya.

Kyiv yasavye abategetsi b’ibihugu vya Buraya na Amerika kuyongera uburyo bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere, nawe prezida Joe Biden wa Amerika akaba yemeye gutanga ubuhinga bwa Patriot.

Igitero co ku wa kane cabaye haheze amasaha make ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya (Kremlin) vyanse iciyumviro ca Ukraine c’uko ibiganiro vy’amahoro vyotangura mu 2023.

Umukuru w’igenderereza muri Ukraine, Kyrylo Budanov, yabwiye BBC ko Uburusiya buzobandanya kugaba ibitero ku bikorwa-remezo bisanzwe igihe cose buzoba bubishiboye.

‘’Kubandanya gutyo, barabishobora igihe kirekire?, arabaza, ‘’Oya, kuko nta misire nyinshi zisigaye.

‘’Amahinguriro y’ibigwanisho ntashobora guhingura ibikwiye kugira haboneke misire nyinshi zo gutera. Niyo mpamvu yindi bariko baragerageza kuronderera ibigwanisho vya misire mu bindi bihugu vy’isi.’’

Muri uku kwezi, umutegetsi akomeye wo muri Amerika yabwiye Reuters ko Uburusiya vyabaye ngombwa ko muri aya mayinga ya vuba bukoresha ibigwanisho bimaze imyaka myinshi bifise urugero runini rwo kudakora neza.

N’uwuserukira Ubwongereza muri ONU yavuze ko Uburusiya buriko buragerageza kuronderera ibindi bigwanisho muri Korea ya Ruguru, harimwo amajana ya misire.

Dame Barbara Woodward ati ni ‘’nk’aho ata nkeka dufise ko Uburusiya buriko burarondera ibigwanisho muri Korea ya Ruguru (no) mu bindi bihugu biri mu bihano bikomeye, kuko ububiko bwabwo buriko buragabanuka cane’’.