Ukraine: Abasivire bariko bahunga Kherson mu gihe ibitero vy’Uburusiya vyiyongera

Iyi sanamu ni iyo inyuma ya kimwe mu bitero vya bombe vyatewe kuri Kherson ku wa 24 Kigarama

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iyi sanamu ni iyo inyuma ya kimwe mu bitero vya bombe vyatewe kuri Kherson ku wa 24 Kigarama

Nika Selivanova ni umwana w’imyaka 13, ari kumwe n’abavyeyi biwe, bariko barahunga bava mu gisagara ca Kherson, ntibazi iyo bazogarukira.

Nyina wiwe, Elena, ntiyorohewe kuva mu misi mike iheze.

"Imbere y’aha, [ingabo z’Uburusiya] zadutera incuro cumi ku musi, ubu ni incuro 70-80, umusi wose. Birateye ubwoba”, niko Elena avuga.

"Ndakunda Ukraine n’igisagara canje ciza. Ariko dutegerezwa kuhava".

Elena n’abakobwa biwe batatu bari mu bantu barenga ibihumbi 400 bamaze guhunga Kherson kuva kuri Noweli, inyuma y’aho igisirikare c’Uburusiya congerereje ibitero vy’amabombe.

Elena yavuye i Kherson n’itereni mu gikorwa co guhungisha abantu categuwe na reta ya Ukraine.

Amajana n’amajana y’abanyagihugu bariko barahunga bakoresheje uburyo bwabo, aho imirongo minini y’imodokari yibonekeza ku ma bariyeri ava muri Kherson, zuzuye abanyagihugu batekewe n’ubwoba.

Iryna Antonenko yari yuzuye amosozi igihe abanyamakuru ba BBC begera imodoka yiwe kugira baganire na we.

Ati: “Ntidushobora kubandanya tuvyihanganira. Amabombe ararenze urugero. Twarahagumye uwu mwanya wose twibaza ko bishobora gucureha. Ariko ibombe yaguye ku nzu iri hampande yacu, kandi n’inzu ya dawe nayo yatewe”.

Ategura gutera aja mu gisagara ca Kryvyi Rih kiri hagati muri Ukraine ari naho umuryango wiwe uri.

Aya mamodoka ni ayariko arava muri Kherson mu gatondo ko ku Noweli
Insiguro y'isanamu, Aya mamodoka ni ayariko arava muri Kherson mu gatondo ko ku Noweli
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kwezi guheze, habaye ibihe vy’umunezero i Kherson. Inyuma yo kwigarurirwa n’Uburusiya ku musi ugira kabiri butanguye igitero, iki gisagara cagiye kubohozwa ku wa 11 Munyunyo (11).

Hampande y’ahakoraniye igico c’abantu bari bafise amabendera ya Ukraine bigina ko bari bikuyeko Abarusiya, haguye igisasu ca muzinga ku musi wa Noweli gihitana abantu 11, abandi mirongo barakomereka.

Uwo musi, Kherson yatewe vya muzinga incuro 41, nk’uko bivugwa na reta ya Ukraine.

Abarusiya barekura ibibombe bari ku ruhande rwo mu buseruko bw’uruzi Dnipro aho bahungiye.

Kherson ni intara kirumara, ikunze kwitwa umuhora ujana muri Crimée/Crimea. Abenshi mu bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko vyabaye ngombwa ko Abarusiya bakora ibitero vyo kwivuna muri ako gace.

Biragoye kubona ico biteze kuronka mu gucucagira amabombe Kherson. Hampande ya vya muzinga, haribonekeza n’ibisasu biturira bikoreshwa ku bibanza barondera kuzigiza.

Ntibiratomoka kandi neza nimba igisirikare ca Ukraine kiriko kiragerageza kubohora uturere turi mu buseruko bw’uruzi.

Muri ico gisagara, nta n’agahengwe, ni ibombe ku yindi.

Serhii Breshun w’imyaka 56 yishwe igihe yari asinziriye. Inzu yiwe yamuguyeko igihe yaterwa ibombe.

Haciye umusi umwe apfuye, nyina wiwe Tamara w’imyaka 82 yahahuriye n’abanyamakuru ba BBC aje kurondera igitabo c’inzira c’umwana wiwe mu bihomoka. Yari akeneye iki gitabo kugira ngo ashobore kumukura mu buruhukiro.

N’amarira menshi, ati: "Ntegerezwa kuba nariyumvamwo ko hari ikintu kibi categerezwa kuba uwo musi. Kubera naravuganye nawe kuri terefone ndamusaba ko yova muri iyo nzu. Yaranse, none akaba kabaye. Ubuzima bwacu burapfuye”.

Tamara w'imyaka 82, ubu ategerezwa guhamba umuhungu wiwe, Serhii Breshun
Insiguro y'isanamu, Tamara w'imyaka 82, ubu ategerezwa guhamba umuhungu wiwe, Serhii Breshun

Bagiheza gusa kuvugana na we, bagiye bumva ikindi kibombe gituritse.

Muri ico gisagara, kurokoka, waba uri hanze canke mu nzu, ni kubw’umugisha.

Umukorerabushake wo mw’ishirahamwe Croix Rouge/Red Cross Viktoria Yaryshko yariciwe mu gitero ca muzinga, hanze gato y’ibiro vy’iri shirahamwe i Kherson.

Viktoria yari umukozi wa Croix Rouge akaba yari nyina w'abana babiri
Insiguro y'isanamu, Viktoria yari umukozi wa Croix Rouge akaba yari nyina w'abana babiri

Viktoria yaba mu cumba co mu kuzimu ca Croix Rouge n’abana biwe babiri Alyonushka w’imyaka 17 hamwe na Sasha w’imyaka 12. Niyo bakiba, bari kumwe n’umurwi w’abagiraneza babaye umuryango wabo bakumva batekaniwe.

Dmitro Rakitskyi umugenzi wa Viktoria, avuga ati: “Iyo incuti ya hafi cane ipfuye, ntivyoroshe. Ariko iyo duca duheba, urupfu rwiwe nta nsiguro ruba rwaragize. Turakora uko dushoboye kugira ngo abantu babeho. Ibindi vyose biza mu nyuma”.

Ariko ntivyoroshe gukora ivyo mu gihe uzi ku umuryango wawe ushobora kuja mu vyago umwanya n’umwanya.

Dmitro ati: "Ikimbabaza gusumba ni uko [ingabo z’Uburusiya] zama zitera ibigo vya gisivire. Inyubakwa, amazu yo kubamwo, ivyumba vyo kwishuhirizamwo. Biragoye gutahura intumbero ya bino bitero.

Ibihumbi mirongo vy’abasivire baracaba muri Kherson, ariko ubutegetsi bw’intara bumaze kubasaba kuhava nibura incuro zibiri muri ino ndwi.

Ni igisagara kigeramiwe n’ibitero vy’urutavanako kandi vy’urudavagi.