Trump aranegura Zelensky inyuma y'uko Ukraine yanse guhebera Uburusiya akarere ka Crimée

- Umwanditsi, Brandon Drenon
- Igikorwa, BBC News, Washington DC
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagiriza Volodymyr Zelensky kubangamira ibiganiro vy'amahoro, inyuma y'uko uno mukuru w'igihugu ca Ukraine avuze ko ubutegetsi bw'iki gihugu budashobora kwemera ko Uburusiya bwihagira akarere ka Crimée/Crimea.
Trump yanditse ku rubuga hwaniro Truth Social ko amasezerano yo guhagarika intambara yari "hafi cane", ariko ko kubera Zelensky yanse ibisabwa na Amerika ata "kindi bizotanga atari ukudindiza" iyi ntambara.
Imbere y'aha, icegera c'umukuru w'igihugu ca Amerika JD Vance yarerekanye uko Amerika ibona ibintu ku bijanye n'amasezerano, avuga ko "yotegerezwa guhagarara, hanyuma hakubahirizwa aho imipaka igera ubu".
Ukraine ibandanya ivuga ko idashobora guheba Crimée, akarere ko mu bumanuko kihagiwe n'Uburusiya mu 2014.
Vance avuga ko aya masezerano asigura ko Ukraine n'Uburusiya "vyompi bizotegerezwa guheba bumwe mu butaka bwavyo muri iki gihe".
Ubutegetsi bwa Trump ntiburashira ku mugaragaro ibintu nyamukuru bijanye n'ubutaka buri ruhande rwotegerezwa guheba.
Abajijwe n'abanyamakuru muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) nimba ubutegetsi bwiwe burondera kwemera ko Crimée yegukira Uburusiya burundu, Trump yavuze ko yipfuza gusa ko intambara ihagarara.
Ati: "Nta ruhande na rumwe negamiyeko. Sinshaka kwegamira ku ruhande na rumwe. Ico nshaka ni uko hoba amasezerano".
Uretse ko Zelensky adashobora kwemera ko Uburusiya bwigarurira Crimée mu buryo butemewe n'amategeko, vyoba binateye kubiri n'amategeko mpuzamakungu y'inyuma y'intambara avuga ko imbibe z'ibihugu zidakwiye guhindurwa hakoreshejwe inguvu.
Ntahengeshanya kwiyamiriza ivyo igihigu ciwe gisabwa ko coheba akarere ka Crimée.
Ati: "Aho nta kintu na kimwe co kuganirako. Ni ikintu giteye kubiri n'ibwirizwashingoro ryacu".

Ahavuye isanamu, Reuters
Ukraine ivuga ko Uburusiya bwakoze igitero mw'ijoro ryakeye bukoresheje ibisasu vya misire na za ndege zitajamwo abadereva (drone) mu ntara zitari nke.
Ku mugwa mukuru Kyiv, umukuru w'igisagara Vitali Klitschko avuga ko abantu babiri bishwe abandi 54 barakomereka, harimwo abana n'umugore yibungenze. Ibisigarira vya drone vyateye imiriro itari mike, hakaba hari n'abantu bazibiriwe mu bihomoka vy'inzu y'uburaro, nk'uko abivuga.
Muri Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko, haravugwa ibiturika vyumvikanye mu gisagara.
Imbere y'aha, abantu icenda barishwe abatari bake nabo barakomereka mu gisagara ca Marhanets kiri mu buseruko bwa Ukraine igihe drone y'Uburusiya yagema imodoka yari itwaye abakozi.
Ano majambo y'ukudahuza hagati ya Trump na Zelensky ni ikindi kintu gishasha cerekana imigenderanire itifashe neza hagati yabo.
Muri Ruhuhuma (2), aba bategetsi babiri barateranye amajambo bikomeye muri Maison Blanche.
Ejo ku wa gatatu, Trump yavugiye muri Maison Blanche ko yasanze vyoroshe gukorana n'Uburusiya gusumba Ukraine.
Mu gushaka kwerekana ko yizeye y'uko bari hafi yo gushika ku mwumvikano n'Uburusiya ariko ko impinga ikiri ndende kuri Ukraine, Trump yagize ati: "Nibaza ko Uburusiya bwiteguye. Nari nibajije ko vyari kworoha kwumvikana na Zelensky. Gushika ubu biracagoye cane".
Yumvikanishije ko ashobora kubonana n'uno mukuru w'igihugu ca Ukraine igihe abategetsi b'ibihugu bitandukanye bazoba bakoraniye mu birori vyo gushingura Papa Fransisko ku wa gatandatu.
Igihe yari mu myiyamamazo y'amatora aheruka, Trump yaravuze kenshi ko yari kurangiza ino ntambara hagati ya Ukraine n'Uburusiya mu masaha 24 (ni ukuvuga mu musi umwe), ariko mu gihe ariko yegereza imisi 100 atanguye amabanga, n'ubu agahengwe karacari kure nk'ukwezi.
Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche, Karoline Leavitt , yabwiye abanyamakuru ati: "Umukuru w'igihugu arababaye cane. Ukwihangana kwiwe gutera kugabanuka cane".
Ejo ku wa gatatu, Vance yagabishije ko Amerika ishobora "kwiyonjorora" mu ruhara rwayo rwo kurondera umwumvikano ari nka hamwe Uburusiya na Ukraine bitoshika ku masezerano – amajambo Trump n'umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, bavuze mu ndwi iheze.
Abategetsi ba Amerika kandi bariyonjoroye mu nama y'i Londres mu Bwongereza yo kwiga ibijanye n'ibiganiro vyo kurangiza iyi ntambara, mu gihe utwigoro mu rwego rw'imigenderanire turi ku murindi munini.
Ibi biganiro vy'i Londres hagati y'abategetsi b'Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Ukraine na Amerika vyari bifise intego yo kurondera ko intambara yohagarara vyaragabanijwe uburemere muri ino ndwi, inyuma y'uko Rubio n'intumwa idasanzwe ya Trump Steve Witkoff biyonjoroye.
Ahubwo, intumwa ya Trump muri Ukraine, Keith Kellogg, ni we yitavye ivyo biganiro vyabereye i Londres, Witkoff na we akazoja mu Burusiya kubonana na Perezida Vladimir Putin ku ncuro ya kane.
Abategetsi bo mu gisata c'imigenderanire y'Ubwongereza bavuze ko batamenya neza igituma Rubio na Witkoff bavuye muri ivyo biganiro vy'i Londres.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze ko vyatewe n'ibibazo bijanye n'integuro, ariko vyaragaragaye ko ari ingingo yafashwe ku munota wa nyuma kandi yajuragije ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Ubwongereza.
Mu kiganiro Today ca Radio 4 ya BBC, Yuriy Sak, umuhanuzi mu bushikiranganji bwa Ukraine bujejwe amahinguriro, yavuze ko abahagarariye Ukraine mu biganiro bari kwitaba iyi nama ya Londres bafise "intego itomoye kandi yumvikana" yo kurondera gushika ku masezerano yo guhagarika intambara "azocira inzira ibiganiro vyo muri kazoza".
Uburusiya bwongereje akariro mu bitero kuri Ukraine kuva ejo ku wa gatatu inyuma y'agahengwe gato ka Pasika igihe bwahagarika ibitero vyabwo vyo mu kirere.
Putin yasavye ko haba agahengwe ka Pasika ariko ku wa kabiri umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi John Healey yabwiye inama nshingamateka ko igendereza ry'igisirikare c'Ubwongereza ryasanze ata gutezura kwahabaye mu bitero.
Yagize ati: "Mu gihe Putin yavuze ko yategetse ko haba agahengwe ka Pasika, yaragahonyanze. Mu gihe Putin avuga ko ashaka amahoro, yaranse ko intambara ihagarara; hanyuma kandi mu gihe Putin avuga ko ashaka kurangiza intambara, abandanya akwega ibirenge mu biganiro".
Bivugwa ko abantu ibihumbi amajana n'amajana bamaze kwicwa canke gukomereka ku mpande zose kuva Uburusiya butera Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022, abanyagihugu ba Ukraine bababa imiriyoni indwi na bo ubu bakaba banyanyagiye irya n'ino kw'isi nk'impunzi.
Iyi ntambara imaze imyaka irenga cumi ikaba yatanguye mu 2014, igihe umukuru w'igihugu wa Ukraine yari yegamiye uruhande rw'Uburusiya yabogozwa. Uburusiya bwaciye bwigarurira Crimee buca bufata mu mugonngo inyeshamba zarwanira mu buseruko bwa Ukraine mu ntambara yasheshe amaraso menshi.










