Starmer yagiriza Putin ko ariko 'yiteza utunyoni' ku masezerano y'amahoro na Ukraine

Starmer

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, James Gregory and Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer avuga ko ibihano Uburengero bwafatiye Uburusiya bikeneye kwongerezwa, aho kugabanywa, kugira ngo bugondozwe maze bwitabe ibiganiro.

Uno mushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yagiriza Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya "kwiteza utunyoni no gukwega ibirenge" inyuma y'uko uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya asavye ko ibi bihano bibanza gukurwaho imbere y'uko amasezerano y'agahengwe ko mu kiyaga aherutse gushikwako ahagarikiwe na Amerika aja mu ngiro.

"Iki si co gihe co gukuraho canke kugabanya ibihano – ubu ahubwo ni igihe co kwongereza ibihano kugira tubagondoze bitabe ibiganiro", niko Starmer yavuze ari i Paris mu Bufaransa, aho yariko abonanira n'abandi bategetsi ba Bulaya.

Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari mu bari barongoye iyi nama y'ejo ku wa kane izwi nka "urunani rw'abashaka", avuga ko ingabo z'ibihugu vya Bulaya zishobora "kwishura" ziramutse zitewe na Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya).

Starmer avuga ko hakenewe "integuro n'igihe ntarengwa" ku bijanye n'ibiganiro vy'amahoro vya Ukraine.

Muri iyo nama yari yitabwe n'abaserukira ibihugu 30 hamwe n'Ubumwe bwa Bulaya na OTAN/NATO, Starmer avuga ko yemeranije n'abo bari kumwe, ko "dutegerezwa gutera iyindi ntambwe mu gushigikira inzira y'amahoro, mu gushigikira Ukraine no kwongereza igitsure ku Burusiya kugira ngo bwikebuke".

Ati: "Ibi bisigura kwongereza ibihano mu vy'ubutunzi ku Burusiya, kwihutisha ibindi bihano ruhasha, guhagarika amafaranga Uburusiya bwinjiza mu bijanye n'amasoko ntanganguvu, hamwe no gukorana kugira ngo iki gitsure kigire ico gishikako".

Muri iyo nama yo kurondera amahoro abereye kandi arama muri Ukraine, Starmer avuga ko abari bahari bayaga bashira hamwe gusumba ibindi bihe vyose vy'imbere y'aha, akongerako ati "Ubulaya bwose ntibwari bwigere bwerekana inkomezi n'ubumwe kuva igihe kitari gito nk'uko vyagenze muri iyi nama".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubwongereza buzokwakira inama izokurikira y'umurwi ukejwe gukingira Ukraine, ugizwe n'ibihugu bitari bike, kugira ngo yige ku yindi mfashanyo yohabwa Ukraine kugira ngo ishobore kubandanya urugamba.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza avuga ko abarongoye ibisata vyo kwivuna abansi b'Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudagi na bo nyene bazobonanira muri Ukraine, ariko akaba ta tariki yatanze.

Igihe yavugana na Perezida Zelensky wa Ukraine imbere y'iyi nama, Starmer yagirije Uburusiya "kubandanya n'ibitero vyiha inkumbi ku banyagihugu ba Ukraine" yongera avuga ko ivyo Putin yiyemeje ari "ubusa".

Zelensky avuga ko abari muri iyo nama bose batahuye "ko Uburusiya budashaka ikintu ico ari co cose c'amahoro" kandi ko buriko "budindiza iyi ntambara", akongera ko bazoganira ku bijanye n'umutekano urama mu ndwi n'imisi iri imbere.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Perezida Zelensky yashimiye Ubwongereza n'Ubufaransa ku kungene bibandanya bishigikira igihugu ciwe, aca asohora n'isanamu yiwe n'iya Starmer bari mu biganiro, akavuga ko izi nteguro ari "urunani rw'inguvu rugamije amahoro".

Yongerako ati: "Ubumwe bwacu n'igikorwa duhuriyeko i Bulaya, turi kumwe na Amerika n'izindi ncuti, birashobora guhatira Uburusiya ku mugambi w'amahoro".

Uburusiya na Ukraine vyagirizanya kurenga ku vyo vyiyemeje mu masezerano atandukanye, yo kugerageza guhagarika ibitero ku bigo vy'amasoko ntanganguvu.

Washington (ubutegetsi bwa Amerika) itangaza ko ano masezerano yerekeye Ikiyaga Cirabura yashitsweko ku wa kabiri, inyuma y'ibiganiro n'intumwa za Ukraine n'Uburusiya muri Arabia Sawudite, bamwe bamwe ukwabo.

Ariko haciye amasaha makeya, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yavuze ko adashobora kuja mu ngiro gushika ibihano Uburusiya bwafatiwe ku bijanye n'amabanki, inganda n'ibigo bishora imfungurwa n'intabire hanze bifuswe.

Mu vyo Moscou isaba harimwo gusubiza amabanki y'Uburusiya akora ubudandaji bw'ibifungurwa vy'uburimyi mu buhinga bwo guhanahana amafaranga mu buryo bwa none bwa Swift, gukuraho inzitizi ku mato y'Uburusiya akora urudandazwa rw'ibifungurwa, no gukuraho ibihano bijanye no kugurisha amashini akoreshwa mu burimyi n'ibindi bikoresho bikoreshwa mu vyo kwimbura ibifungurwa.

Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko reta yiwe yariko "yihweza" ivyo Moscou isaba – ariko Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko budashobora kwihweza ivyo gukuraho ibihano imbere y'uko Uburusiya bukura ingabo zabwo ku butaka bwa Ukraine bwemewe ku rwego mpuzamakungu, "ata kirinze gusabwa".

Ku wa gatatu, Zelensky yavuze ko yizeye y'uko Amerika - nubwo itari muri urwo runani rw'abashaka – izokwihagararako imbere y'ivyo Uburusiya busaba.

Abaserukira ibihugu biri mu runani rw'abashaka

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abaserukira ibihugu biri mu runani rw'abashaka

Macron yemeza ko ibihugu vya Bulaya "vyemeye vyose hamwe" ko ibihano vyafatiwe Moscou bidashobora gufutwa.

Ati: "Ntiharagera ko ibihano bifutwa... dukeneye kubandanya dutera umukazo mu vyo ubutunzi".

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa avuga ko ari nka hamwe ingabo za Bulaya zo gukingira amasezerano yo guhagarika intambara zoterwa, zotegerezwa "kwivuna".

Ati: "Hanyuma bishitse naho hakaba ikindi gitero ceruye kuri Ukraine, izi ngabo zoba zitewe, aho rero ni inshingano yacu isanzwe yo guca dukora igikenewe.

"Abasirikare bacu, iyo barungitswe ku rugamba, baba bariyo kugira ngo bakore igikenewe no gukurikiza ingingo z'umugaba w'ingabo, iyo bari mu bihe vy'intambara, kugira ngo bishure ico gitero".

Ubwongereza n'Ubufaransa ni vyo birongoye utwigoro two kurungika ingabo muri Ukraine kugira ngo zibuze ikindi gitero cova mu Burusiya mu gihe hoba amasezerano yo guhagarika intambara.

Starmer ashimangira ko inama nshingamateka izogira ico ivuze kw'irungikwa ry'ingabo.

Abategetsi ba Bulaya barerekanye umutima wo gushira hamwe i Paris. Ariko mu vy'ukuri, benshi baramaze kuvuga ko badashobora kurungika ingabo muri Ukraine.

Ibihugu birimwo Finland na Pologne bibona ko bigeramiwe n'Uburusiya, bikabona rero ko ingabo zavyo zikeneye gucungera imbibe zavyo. Ibindi navyo bifise ubwoba ko kurungika ingabo ari ingingo ishobora kwakirwa nabi cane n'abanyagihugu.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Giorgia Meloni – uyu akaba adahengeshanya kwerekana ko afise amakenga ku mugambi w'Ubufaransa n'Ubwongereza – abandanya akora uko ashoboye kugira ngo habe "iyindi" nzira yotuma abasirikare borungikwa muri Ukraine bokorera gusa mu rwego rw'ingabo z'ishirahamwe ONU.

Abategetsi ba Bulaya bavuga ko mu masezerano ayo ari yo yose y'amahoro, ingabo za Ukraine ari zo zonyene zotegerezwa guhangana n'Uburusiya mu gihe hoba ikindi gitero.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi Maria Zakharova avuga ko ingabo za Bulaya zorungikwa muri Ukraine zishobora gutuma haba "imishamirano itaziguye hagati y'Uburusiya na OTAN", nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca reta Tass.

Zakharova agira ati: "Londres na Paris bibandanya bikokeza mu mugambi wo kurungika ingabo muri Ukraine. Ibi vyose bikaba vyikitse inyuma y'icitwa ingabo zo kubungabunga amahoro".

Yongera ko Uburusiya "bwiyamiriza bwivuye inyuma iki kintu".