Uburusiya buvuga ko habanza gukurwako ibihano imbere yo gushira mu ngiro agahengwe ko mu kiyaga kuri Ukraine

Ubwato buteye missile muri Black Sea

Ahavuye isanamu, SPUTNIK/KRE/EPA-EFE

Insiguro y'isanamu, Ubwato bw'Uburusiya mu kiyaga Cirabura (Black Sea)
    • Umwanditsi, Jake Lapham
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, James Landale
    • Igikorwa, Diplomatic correspondent
    • Yakoze inkuru ari, Kyiv

Uburusiya bwavuze ko ibihano bimwe bimwe vy'ibihugu vy'uburengero bw'Isi bitegerezwa gukurwaho imbere y'uko butangura guhagarika intambara yo mu kiyaga na Ukraine.

Mu masaha makeyi inyuma y'aho Amerika imenyeshereje ko izo mpande zibiri zemeye guhagarika ibitero mu kiyaga Cirabura mu masezerano atandukanye, ubutegetsi bwa Kremlin bwavuze ko ivyo vyoshika gusa hamwe ibihano vyari vyafashwe ku mabanki menshi y'Uburusiya bivanyweho.

Ivyo bisabwa birimwo gukuraho ibihano vyafatiwe banki y'uburimyi ya reta Rosselkhozbank no gusubiza iyo banki uburenganzira ku buryo mpuzamakungu bwo kwishura bwa Swift.

Muri iri joro riheze, Uburusiya bwaragavye igitero c'indege zitajamwo abadereva ku gisagara c'ikivuko ca Mykolaiv, nk'uko abategetsi ba Ukraine babivuga, aho umukuru w'igihugu Volodymyr Zelensky yavuze ko ivyo bitero ari "ikimenyetso gitomoye" c'uko Uburusiya budashaka amahoro.

Inyuma y'aho Uburusiya bugabiye igitero ku gihugu cose ca Ukraine, ishirahamwe ry'Ubumwe bw'Uburayi n'ibihugu bifatanije na ryo vyahagaritse gukoresha Swift ku bigo vy'Uburusiya bitari bike.

Intumbero yari iyo gutuma amashirahamwe y'Uburusiya atakaza uburenganzira bwo gukoresha Swift, uburyo bworoshe kandi bw'ako kanya bwo gukora ivyashara, ivyo bikaba vyahungabanije irihwa ry'amasoko ntanganguvu n'ivyimburwa vy'uburimyi Uburusiya bugurisha hanze.

Guhindura iyo ngingo vyosaba ko Umuryango w'Ubumwe bw'Uburayi uvyemeza, ikintu gisa n'ikidashoboka uravye amajambo iryo shirahamwe riherutse gushikiriza mu gushigikira Ukraine.

Umuvugizi wa Komisiyo y'Uburayi yavuze ko gukura ingabo zose z'Uburusiya muri Ukraine bizoba ari kimwe mu bintu nyamukuru vyotuma hakurwaho canke hasubirwamwo ibihano ivyo ari vyo vyose.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa kabiri, umukuru w'igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko Uburusiya bushobora kuba buriko buragerageza gutevya guhagarika iyo ntambara.

Mu kiganiro yagiranye n'ikinyamakuru Newsmax, yavuze ati: "Ngira ngo Uburusiya bushobora kuba bushaka kuyirangiza [intambara], ariko bushobora kuba buriko barakwega ibirenge. Narabikoze mu myaka iheze."

Ivyo guhagarika intambara mu kiyaga vyatangajwe na Amerika inyuma y'imisi itatu y'ibiganiro vy'amahoro muri Arabiya Saudite.

Ariko rero, mu nyuma Ukraine n'Uburusiya vyasohoye amajambo atandukanye ku bijanye n'ibintu vy'ido n'ido vy'ayo masezerano, harimwo igihe n'ingene azotangura.

Zelensky yavuze ko yizera ko ayo masezerano adasaba gukurwako ibihano kugira ngo atangure gukora kandi ko azoca atangura gukora ubwo nyene.

Yavuze ko ivyo Uburusiya bwavuze ari ukugerageza "gushira mu nzira bashaka" ayo masezerano.

Ikiyaga Cirabura kimaze igihe kitari ishimikiro ry'intambara.

Mu bihe vya mbere vy'intambara, Ukraine yarashoboye gutera ubwato bw'Uburusiya mu vyambu vyayo vyo muri Crimea kandi kuva mu ci riheze, Ukraine yavuze ko yasambuye ubwato 28 bw'Uburusiya.

Kubera ubwasigaye mu bwato bw'Uburusiya bwaciye butera bugana ibivuko vy'Uburusiya na Abkhazia amaja mu buseruko, Ukraine igihe ishobora gushora hanze neza ibicuruzwa – intete zo zikaba zashitse hafi ku rugero rw'imbere y'intambara – bitwawe n'amato bwacisha mu ruhande rw'uburengero bw'Ikiyaga Cirabura.

Rero uguhagarika intambara kwose kwo mu kiyaga – kuramutse gushizwe mu ngiro – nta kinini gusa n'uko kwohindura ku buryo intambara yifashe mu gihe ahanini iriko iragwanirwa ku butaka.

Ariko Jenny Mathers, umwigisha mukuru wa politike mpuzamakungu kuri kaminuza ya Aberystwyth, akaba n'umuhinga mu vya politike y'Uburusiya, yavuze ko guhagarika intambara mu kiyaga vyoha Uburusiya "akarusho kanini" kuko ubu buhanzwe no gushobora gushora hanze ibiva mu burimyi bwabwo.

Mathers ati: "Ukraine yarashoboye kugurisha hanze ivyimburwa vyinshi vy'uburimyi bwayo biciye mu kiyaga Cirabura, kandi yarashoboye gutera neza ubwato bw'Uburusiya, rero Uburusiya ntibukoresha ikiyaga Cirabura muri iki gihe."

Uwo mugambi w'intete zica mu Kiyaga Cirabura wari washitsweko 2022, utuma amato ya Ukraine ashobora guca muri ico kibazo ata nkomanzi, hanyuma abategetsi ba ONU bagaca bafasha Uburusiya nabwo kuronka amayira yo gushora ivyo kurya n'ifumbire hanze.

Uburusiya bwavuye muri ayo masezerano mu ci rya 2023, buvuga ko ibihano vy'amahera biriko birabuza ivyo burungika hanze, buca buvuga ko buzofata ubwato bwose buja muri Ukraine nk'uko ari ikintu gishobora guterwa n'igisirikare.

Mu gihe gushira mu ngiro amasezerano y'agahengwe mu kiyaga vyogira ico amaze, kwoba ari gukingira ibitero vyo mu kirere vy'Uburusiya ibivuko vya Ukraine.

Umuvugizi wa Ukraine Dmytro Pletenchuk yagize ati: "Kuri twebwe, guhagarika intambara ubwa mbere na mbere vyoba guhagarika ibitero vya missile ku bivuko".

"Naho muri kino gihe, ibintu turabibona (tubifise mu minwe) ku vyerekeye ku mazi, Ikiyaga Cirabura,Ikiyaga Azov no mu mazi azungurutse akarere ka Crimea kifatiwe vy'infatakibanza n'Uburusiya.

Niyo mpamvu kuri twebwe igisirikare kirwanira mu mazi ca Ukraine, ibi ata kintu kinini bizohindura."

Inyuma yo gutangaza uwo mwumvikano kuri uyu wa kabiri, ubutegetsi bwa Washington bwavuze ko impande zompi zikomeza gukora mu ntumbero yo gushika "ku mahoro kandi arama", aho bwongeyeko ko ayo masezerano azotuma inzira ihambaye y'urudandazwa yuguruka.

Ukraine n'Uburusiya navyo nyene vyiyemeje "gufata ingingo" zofasha gushira mu ngiro ivyo bemeranije bijanye no gusigaho kugabanako ibitero mu bibanza vy'amasoko y'umuyagankuba, nk'uko bivugwa n'ubutegetsi bwa Amerika White House/ Maison Blanche.

Ikiyaga Cirabura kiri mu bumanuko bwa Ukraine no mu burengero bw'Uburusiya, kikaba no ku nkengera za Rumaniya, Bulgariya, Turkiya na Georgiya.

Kiri ku nkombe kandi z'ibindi bice vya Ukraine vyigaruriwe n'Uburusiya, birimwo Crimea.