Intambara ya Ukraine n'Uburusiya: Trump arashobora guhagarika utwigoro tw'amahoro abonye ko ata kizovamwo

Abariko bagerageza kuzimya imiriro inyuma y'igitero i Kharkiv

Ahavuye isanamu, State Emergency Service of Ukraine

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika arashobora guhagarika utwigoro twiwe two kurondera amahoro hagati y'Uburusiya na Ukraine mu misi iri imbere ari nka hamwe ata bimenyetso bitomoye ko aya masezerano ashobora gushikwako, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters risubiramwo umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio.

Ari i Paris inyuma y'umubonano n'abategetsi ba Bulaya, Rubio yagize ati: "Nta mayinga n'amezi tuzomara muri ibi. Rero, dukeneye kubona vuba bwango, kandi aha ndiko mvuga imisi mikeyi, nimba ibi bishoboka mu ndwi nkeya ziri imbere. Ari uko, turabandanya. Atari uko naho, turafise ibindi bikorwa vyihutirwa".

Mu gihe c'imyiyamamazo, Trump yari yemereye Abanyamerika ko yari kurangiza intambara yo muri Ukraine mu masaha 24 ya mbere amaze gushika ku butegetsi, gusa ntiyavuze inzira yari gucamwo. Ariko, amaze gushika muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu), yavuze ko amahoro yari gushikwako muri Ndamukiza (4) canke muri Rusama (5).

Ni mu gihe Steve Witkoff, intumwa idasanzwe ya Perezida Trump, avuga ko Uburusiya bushobora kuronswa tumwe mu turere twa Ukraine burondera mu biganiro vy'amahoro, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru The Wall Street Journal.

Iki kinyamakuru co muri Amerika, kimusubiramwo avuga ati: "Uburusiya burashobora kuronka bumwe mu butaka, ariko atari bwose".

Nk'uko bivugwa na Witkoff, "Ukraine ishobora kuba itarajwe ishinga rinini na tumwe mu turere tuvuga Ikirusiya".

Umusi umwe imbere y'aho, umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yari yavuze ko "Whitkoff yafashe ingingo yo kwegamira ku ruhande rw'Uburusiya".

Witkoff, inyuma yo guhura na Vladimir Putin mu gisagara ca St. Petersburg, mu nyuma akavuga ko bavuganye ku "turere dutanu" twa Ukraine Moscou iriko iragerageza kwihagira, yavuze ko afise umuco mwiza ku vyo Moscou isaba kugira ngo habe amahoro arama.

Hagati aho, ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe iterambere bwasohoye ku rubuga ngurukanabumenyi rwabwo urwandiko rwuzuye rw'amasezerano yagiranye na Amerika yerekeye ugufashanya mu vyo ubutunzi.

Yulia Sviridenko yasohoye ifoto y'igihe ano masezerano yaterwako igikumu

Ahavuye isanamu, Yulia Sviridenko/Facebook

Insiguro y'isanamu, Yulia Sviridenko yasohoye ifoto y'igihe ano masezerano yaterwako igikumu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibiri muri uru rwandiko vyerekana ko aya masezerano azotuma hashingwa ikigega co gusanura Ukraine. Ubu bushikiranganji buvuga ko "ano masezerano azotanga amahirwe yo kwinjiza imitahe ifadika, guteza imbere ibikorwa remezo, no gukorana neza hagati ya Ukraine na Amerika".

Nk'uko biri muri uru rwandiko, Amerika na Ukraine "biremera uruhara Ukraine yagize mu gukomeza amahoro n'umutekano kw'isi mu gutanga ata gahato ububiko bwagira gatatu kw'isi yose bw'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara".

Hejuru y'ibi, uno mwumvikano uvuga ko Amerika yubaha intego ya Ukraine ijanye no kwinjira mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya n'amasezerano yagiranye n'ibigega mpuzamakungu hamwe n'ibindi bigo bizwi ko bitanga amafaranga.

Impande ziri muri ibi biganiro hagati ya Ukraine na Amerika zitezwe gutanga icegeranyo c'aho ibi biganiro bigeze gushika ku wa 26 Ndamukiza (4) 2025, nk'uko biri muri uru rwandiko.

Ejo ku wa kane, icegera c'umushikiranganji wa mbere akaba n'umushikiranganji w'iterambere n'ubudandaji wa Ukraine Yulia Sviridenko yatangaje ko bateye igikumu kuri ano masezerano, akavuga ko hasigaye ko inama nshingamateka ziyemeza.

Ku ruhande rwiwe, mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa kane, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashimangiye ko iterwa ry'igikumu kuri ano masezerano ari iciyumviro catanzwe na Amerika.

Igitero ca misire c'Uburusiya i Kharkiv mu gatondo ko kuri uno wa Gatanu Mweranda cahitanye umuntu umwe abandi bashika 87 barakomereka

Ahavuye isanamu, State Emergency Service of Ukraine

Insiguro y'isanamu, Igitero ca misire c'Uburusiya i Kharkiv mu gatondo ko kuri uno wa Gatanu Mweranda cahitanye umuntu umwe abandi bashika 87 barakomereka

Hagati aho, intambara zozo nta gahengwe zitanga. Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaza ko bwakoroye indege z'intambara zitajamwo abadereva (drone) za Ukraine 56 mw'ijoro ryakeye: 27 mu ntara za Voronezh, 12 mu ntara ya Belgorod, 12 hejuru y'Ikiyaga Cirabura, zitatu mu karere ka Crimée/Crimea hamwe n'imw'imwe mu ntara za Rostov na Krasnodar.

Ni mu gihe umukuru w'igisagara ca Kharkiv muri Ukraine, Igor Terekhov, avuga ko inyubakwa 20 z'uburaro 20 hamwe n'izindi 30 z'abigenga zononekaye, mu gitero ca misire cakozwe n'Uburusiya mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, abatari bake bakaba bakomeretse.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ati: "Uku ni ko Uburusiya bwatanguye uyu wa Gatanu Mweranda – vya muzinga na za 'shaheds' – agashinyaguro ku banyagihugu bacu n'ibisagara vyacu".

Mu ntara ya Sumy naho, abategetsi bavuga ko igitero ca drone c'Uburusiya cakubise inyubakwa ikora imikate (gâteau/cake) ya Pasika, kigahitana umurwizatunga yari aje kugura ivya Pasika, nk'uko bivugwa n'umukuru w'akarere ka Sumy, Mykhailo Melnyk.