Trump ararakariye cane Putin ku biganiro vyo guhagarika intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, James Landale
- Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'imigenderanire
- Umwanditsi, Phil McCausland
- Igikorwa, BBC News, New York
Donald Trump avuga ko ashavuye cane kandi ko arakariye Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya inyuma y'amayinga aheze bagerageza kuganira kw'ihagarikwa ry'intambara muri Ukraine.
Mu kiganiro n'imboneshakure NBC News, Perezida Trump yavuze ko ashavuriye Putin mu kwifatira mu gahanga Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko adakwiye kuba umukuru w'igihugu, aca agabisha ko azoduza amakori gushika kuri 50% ku bihugu vyose bigura igitoro c'Uburusiya, ari nka hamwe atokwemera guhagarika intambara.
Ati: "Ari nka hamwe Uburisiya na jewe twonanirwa no gushika ku masezerano yo guhagarika iyi ntambara iriko yiha inkumbi muri Ukraine, kandi mbonye ko bizoba bivuye ku Burusiya – ibishobora kuba atariko bimeze…nzoshiraho amakori agira kabiri…ku gitoro cose kiva mu Burusiya".
Aya majambo yerekana ko Trump yahinduye imvugo kuri Putin n'Uburusiya.
Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) yasabwe kugira ico ibivuzeko ariko ntiyashotse yishura.
Abategetsi ba Bulaya bari bahagaritse umutima ko Trump yariko yiyegereza Putin mu gihe ibiganiro vyo guhagarika intambara muri Ukraine vyariko birabandanya.
Mu mayinga atandatu aheze, Trump yarifatiye mu gahanga Zelensky muri Maison Blanche anamusaba guheba ibitari bike. Ahubwo yaciye aryosharyosha Putin mbere amwemerera n'ibitari bike mu vyo asaba.
Ubu bisa nk'aho yahevye iyi nzira. Ni bwo bwa mbere Amerika igabishije ishimitse Uburusiya ku ngaruka zo gukwega ibirenge mu biganiro vy'amahoro, bikaba bisa nk'aho ari ukwereka Moscou ko umupira uri mu minwe yayo.
NBC News ivuga ko, mu kiyago c'iminota cumi kuri terefone, Trump yavuze ko yashavuye cane kandi ko yarakaye igihe Putin yanegura ubutegetsi bwa Zelensky, nubwo we nyene ubwiwe yigeze kwagiriza uno mukuru w'igihugu ca Ukraine ko atatowe, agasaba ko atunganya amatora.
Trump ati: " Ndashobora kuvuga ko nashavuye cane, narakaye, igihe... Putin yatangura kuvuga ko Zelensky adakwiye kurongora igihugu, kuko ibi si ibintu vyubaka".
Yongeyeko ati: "Uburongozi bushasha busigura ko mudashobora gushika ku masezerano vuba".
Igihe yavuga kuri Putin, Trump yavuze ko Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yari izi ishavu afise, ariko akavuga ko yari afise "imigenderanire myiza cane" n'uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya kandi ko "ishavu rica rihera…iyo akoze ikintu ciza".
Ari nka hamwe Uburusiya butokurikiza amasezerano yo guhagarika intambara, Trump agabisha ko azorushirizaho gucuvya ubutunzi bwabwo biramutse bigaragaye ko bizoba bivuye kuri Putin.
"Hazoba amakori ya 25% ku gitoro n'ibindi bicuruzwa bigurishwa muri Amerika, hamwe n'ayandi yo hejuru", ni ko Trump avuga, agasigura ko aya makori ku Burusiya azoshirwaho mu kwezi kumwe ari nka hamwe hatoba amasezerano yo guhagarika intambara.
Amakori yandi yo hejuru ni amakori afatwa nk'ibihano ku bihugu bikorana urudandazwa n'ikindi gihugu. Ashobora gushika kuri 50% ku bicuruzwa vyinjira muri Amerika bivuye mu bihugu bibandanya bigura igitoro mu Burusiya. Ibihugu bigura iki gitoro gusumba ibindi ku rugero rwo hejuru cane ni Ubushinwa n'Ubuhindi.
Inyuma y'iki kiyago, Zelensky yanditse ku mbuga hwaniro ko "Uburusiya bubandanya burondera ivyitwazo kugira ngo bubandanye iyi ntambara gusumba".
Avuga ko "Putin ariko arakina urukino nk'urwo asanzwe akina kuva mu 2014", igihe Uburusiya bwihagira intara ya Crimée/Crimea.
"Ibi ni akaga kuri bose - kandi harakwiye inyishu ibereye ya Amerika, Ubulaya, n'incuti zacu kw'isi yose zikeneye amahoro".
Trump avuga ko azovugana na Putin muri iyi ndwi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uburusiya bwatanguje intambara yeruye ku gihugu kibanyi ca Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022. Ubu bugenzura hafi 20% y'ubutaka bwa Ukraine.
Abantu barenga 100.000 barwanira igisirikare c'Uburusiya baramaze kwicwa mu ntambara yo muri Ukraine mu gihe yinjiye mu mwaka ugira kane, nk'uko biri mu biharuro vyihwejwe n'igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'Ikirusiya, ikinyamakuru Mediazona hamwe n'abakora ku bwitange babandanya baharura abapfa kuva muri Ruhuhuma 2022.
Ukraine iheruka gusohora ibitigiri vy'abo yatakaje muri Kigarama (12) 2024, igihe Perezida Volodymyr Zelensky yemeza ko abasirikare n'intwazangabo 43.000 ari bo bari bamaze gupfa. Abihweza ibintu n'ibindi bo mu bihugu vy'Uburengero babona ko ibi biharuro biri hasi cane bakabona ko birenga kure n'iyo.
Muri ico kiganiro nyene ca NBC ejo ku wa Mungu, Trump yavuze ko atariko arafyinata igihe yavuga ko ashobora kwitoreza ikiringo kigira gatatu, nubwo ibwirizwashingiro rya Amerika ritabimwemerera.
Ati: "Abantu benshi barabinsaba, ariko ndababwira nti haracari kare".
Muri ico kiganiro yagiranye na NBC, yaragabishije kandi ko ashobora kurekurira ibibombe kuri Irani ari nka hamwe yokwanka amasezerano ya nikleyeri. Mu ntango z'uku kwezi, Trump yararungikiye ikete ubutegetsi bw'iki bihugu asaba ibiganiro.
"Izocucagirwa ibibombe ku rugero batari bwigere babona", ni ko yavuze, anongerako kandi ko azoyidugiriza amakori y'inyongera.
Ejo ku wa Mungu, Perezida Masoud Pezeshkian wa Irani yavuze ko igihugu ciwe kidashobora kwinjira mu biganiro bitaziguye na Washington ku bijanye n'umugambi waco wa nikleyeri, ariko ko ibiganiro biciye ku bandi bishoboka.
Ati: "Ntitwanka ibiganiro; icaduteye ikibazo ni uko barenze ku vyo biyemeje. Bategerezwa kwerekana ko bashobora kugarukana ubwizigirwa".













