Ni ibiki bizwi ku ngabo mpuzamakungu ibihugu vya Bulaya bishaka kurungika muri Ukraine?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, James Landale
- Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'imigenderanire
- Yakoze inkuru ari, Kyiv
Ibihugu birenga 20 vyarakoranye mw'ibanga i Londres ku mugwa mukuru w'Ubwongereza kugira ngo biganire ku ciyumviro co kurungika ingabo muri Ukraine gufasha mu mutekano w'iki gihugu nka kimwe mu vyoba bigize amasezerano yo guhagarika intambara yaco n'Uburusiya.
Izi ngabo mpuzamakungu – zikaba zahawe izina rya Multinational Force Ukraine, MFU, mu mpfunyapfunyo – zorungikwa muri ico gihugu kugira ngo zihagararire amasezerano ayo ari yo yose yoshikwako mu ntumbero yo guha Ukraine icizere c'umutekano wayo urama.
Izi ngabo z'Uburengero zishobora kurungikwa muri Ukraine zokwitwa "ingabo zo gutanga icizere" aho kwitwa "ingabo zo kubungabunga amahoro", nk'uko bivugwa n'amasoko yo mu nzego zo ukwivuna abansi n'izo imigenderanire.
Izi ngabo zorungikwa "n'urunani rw'abashaka" zokwibanda ahanini ku gukingira ikirere ca Ukraine, zikarungikwa no mu Kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea) kugira ngo urudandazwa rushobore kubandanya.
Izi ngabo zorungikwa ku rubuga rw'intambara – kumbure zishobora kuba zababa 20.000 – ntizoba zikwiye kugira ngo koko zihagararire amasezerano y'amahoro ayo ari yo yose.
Ahubwo birashoboka cane ko zorungikwa kugira ngo zikingire ibisagara, ibivuko hamwe n'ibigo ntanganguvu nyamukuru.
Kimwe mu biriko birigwa ni uko izi ngabo zitokorera mu buseruko bwa Ukraine, hafi y'urubuga rw'intambara, mu ntumbero yo guhumuriza Uburusiya ko butohava bugira ubwoba ko zirungitswe ngo zije kubutera.
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya hamwe na Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) babandanya bavuga ko badashobora kwemera amasezerano y'amahoro ayo ari yo yose yovuga ivy'irungikwa muri Ukraine ry'ingabo za Bulaya n'iz'ahandi.
Amasoko yavuganye na BBC avuga ko ingabo mpuzamakungu izo ari zo zose zorungikwa muri Ukraine zidashobora kuba "ingabo zo kubungabunga amahoro" kandi ko zidashobora kwitwa uko.
Ingabo zo kubungabunga amahoro zirungitswe kw'izina rya ONU canke rya OTAN/NATO (urunani rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy'Uburengero), mu bisanzwe ntaho ziba zegamiye, kandi ziba zumvikanyweko n'impande zompi, zikaba kandi zemerewe gukoresha inguvu iyo ari ukwivuna gusa.
Izi ngabo mpuzamakungu zozo zivugwa zoba ziri cane cane ku ruhande rwa Ukraine, kuyifasha mu gukangira Uburusiya kugira ngo ntibuzohave bukora ikindi gitero muri kazoza.
Muri uno mwanya, ntivyitezwe ko izi ngabo zorungikwa guhagararira amasezerano ayo ari yo yose yo guhagarika intambara, igikorwa cokorwa n'ingabo za Ukraine ziri ku rubuga rw'intambara be n'ibikoresho vy'Uburengero vyo gucungera ikirere n'ubutaka.
Aya masoko avuga kandi ko izi ngabo zorungikwa n'uru runani zoba zigiye gutanga ikizwi nka "tripwire" – ni ukuvuga igitigiri gito c'ingabo kiri musi y'ic'umukeba, zifise intego yo kubuza ko haba igitero zitiriwe ziratuma ibintu vyunyuka – mu gihe Uburusiya bworamuka busubiye gutera Ukraine.
Aya masoko avuga ko uruhara mu vya gisirikare rw'ingabo mpuzamakungu izo ari zo zose zababa 20.000 rwoba ruto ugereranije n'ibitigiri vy'ingabo z'impande zompi ku rubuga rw'intambara.
Ukraine ifise ingabo zababa umuriyoni, Uburusiya bwobwo bukagira izirenga izo.
Inama y'ejo ku wa kane yibanze ahanini ku kungene ingabo mpuzamakungu zoshobora guha Ukraine uburyo idafise, cane cane ubushobozi bwo gukingira ikirere.
Rero, hazoba ibiganiro bizoba bifise intego yo kumenya ibihugu vyoshobora gutanga indege z'intambara kugira ngo zikingire ikirere ca Ukraine mu gihe c'amasezerano y'amahoro.
Hazoba kandi uguhanahana ivyiyumviro ku kungene Ikiyaga Cirabura cocungerwa kugira ngo amato yunguruza ibintu ashobore kugikoresha. Aha hashobora kuba ibintu bibiri: ingene ama-mine yokurwa mu mayira y'amato, hamwe n'ukungene ingabo zirwanira mu mazi zoba zitunganijwe kugira ngo zikingire umutekano mu mazi.
Amadidane akomeye ahagaze ku kumenya nimba Reta Zunze Ubumwe za Amerika zofasha mu gukingira ingabo za Bulaya zorungikwa, mu gukingira ikirere c'aho ziri, ubuhinga bwo gucungera hakoreshejwe ibigendajuru, hamwe no mu bijanye n'igendereza.
Gushika ubu, Amerika imaze kumenyesha ko itipfuza kugira uruhara na rumwe rwa gisirikare muri iyo ntumbero.
Ubu umukenyuro w'Ubulaya ni ukwihoza ivyo gusaba Amerika, ahubwo bugategura ingabo n'ubushobozi mu buryo bwose bushoboka kugira ngo umutekano wa Ukraine uzokingirwe muri kazoza.
Ibi bimaze kwumvikanwako, ni ho rero Ubwongereza, Ubufaransa n'ibindi bihugu vyoca biraba nimba ivyo bwiyemeje bishobora gutuma Amerika yisubirako ikemera kugira uruhara kanaka.
Ariko izi nteguro zose ahanini zoterwa n'uko hoba hari amasezerano kanaka yo guhagarika intambara muri Ukraine yoba ashitsweko.
Mu gihe Amerika yoyo igifise icizere, abanyagihugu benshi muri Ukraine bagumana amakenga bibaza nimba Uburusiya koko bwoba bwipfuza ko intambara ihagarara.










