Amerika yishize hamwe n'Uburusiya mu kurwanya ivyemezo vya ONU kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, James Landale
- Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'imigenderanire
- Umwanditsi, Patrick Jackson
- Igikorwa, BBC News
Amerika yashigikiye Uburusiya incuro zibiri mu matora yabereye muri ONU mu kwibuka imyaka itatu irangiye Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine, icerekana neza ingene ubutegetsi bwa Donald Trump bwahinduye ivyiyumviro ku bijanye n'iyo ntambara.
Ubwa mbere ibi bihugu bibiri rutura vyabanje kurwanya icemezo categuwe n'Ubulaya ciyamiriza ibikorwa vya Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya), kigashigikira iyubahirizwa ry'ubusugire bwa Ukraine, kikaba cemejwe n'Inama Nkuru y'ishirahamwe ONU i New York.
Mu nyuma vyaje gushigikira integuro y'icemezo categuwe na Amerika mu Nama Nkuru y'Umutekano ya ONU gisaba ko intambara ihagarara, ariko kitarimwo ingingo n'imwe yiyamiriza Uburusiya.
Inama Nkuru y'Umutekano yaremeje iyi nteguro ariko ibihugu bibiri bihambaye bifatanije na Amerika, Ubwongereza n'Ubufaransa, vyashimye kutagira uruhande vyegamiye inyuma y'aho bigeragereje guhindura amajambo yaco ariko bikananirwa.
Ibi vyemezo birwanyana vyashikirijwe mu gihe Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yari yagendeye mugenziwe Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ntumbero yo kugerageza gutorera umuti ukutumvikana gukomeye kuhari ku bijanye n'iyi ntambara.
Ku wa kane, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene azogendera uno mukuru w'igihugu mushasha wa Amerika.
Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika) kuri Trump yateje amadidane mu runani ruhurikiyemwo ibihugu vy'uburengero mu kwiyegereza Moscou, ivyateje amakenga ku nshingano y'igihe kirekire ya Amerika yo gufasha mu bijanye n'umutekano wa Bulaya.
Uno mugaga mu migenderanire hagati ya Amerika n'Ubulaya warigaragaje imbere y'ibihugu 193 bigize Inama nkuru ya ONU, mu gihe abaserukira Amerika bagerageza kwemeza integuro yabo isaba ko yohera vuba, ariko basa n'abatababajwe cane n'abantu bamaze gupfira mu "ntambara hagati y'Uburusiya na Ukraine".
Abaserukira ibihugu vya Bulaya bashikirije integuro yuzuye, yagiriza Uburusiya ku ntambara yabwo yeruye, inashigikira ubwigenge n'ubusugire bwa Ukraine.
Mariana Betsa, icegera c'umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire, yavuze ati: "Dukeneye gusubira kwemeza ko iki gitero gikwiye kurwanywa no kwiyamirizwa, aho guhabwa impembo".
Ibihugu bigize Inama nkuru ya ONU vyarashigikiye integuro y'iki cemezo ca Bulaya ku majwi 93, ariko ikintu catangaje ni ingene Amerika itigumije ariko igahitamwo gutora iyihakana, ifatanije n'Uburusiya, Israyeli, Koreya ya Ruguru, Sudani, Bielorussie, Hongrie n'ibindi bihugu 11, 65 navyo birifata.
Inama nkuru ya ONU kandi yaremeje integuro ya Amerika ariko ibanje gusubirwamwo hagashirwamwo amajambo yo gushigikira Ukraine, ivyatumye Amerika ihitamwo kutagira aho ihagaze.
Mu Nama Nkuru ya ONU ijejwe Umutekano kw'isi ifise ububasha bw'ikirenga, ikaba igizwe n'ibihugu 15, integuro y'icemezo yashikirijwe na Amerika - yasaba ko intambara ihagarara ariko ata ngingo n'imwe irimwo inegura Uburusiya – yaremejwe ku majwi 10 ata kintu na kimwe gihinduwemwo, ivyatumye Ubwongereza, Ubufaransa, Danemark, Ubugiriki na Sloveniya bihitamwo kutagira aho vyegamira.
Intumwa mfatakibanza ya Amerika muri ONU, Dorothy Camille Shea, yavuze ko iki cemezo ca Amerika ari "icemezo gisanzwe c'imbonekarimwe...kiraba imbere aho kuraba inyuma. Icemezo gihagaze ku ciyumviro gisanzwe kimwe rudende: guhagarika intambara".
Ni ikintu kidakunze kuboneka aho Amerika icanamwo n'ibihugu vya Bulaya bifatwa ko ari incuti zayo.
Kuva Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine, haraciye imyaka itatu, Inama Nkuru y'Umutekano kw'isi yagiye ibangamirwa n'ububasha bw'Uburusiya, kimwe mu bihugu bitanu ntayegayezwa, bwo guhagarika ingingo iyo ari yo yose budashatse.
Ni co gituma Inama Nkuru ya ONU yahavuye iba urubuga nyamukuru rwo kuvuganiramwo ibijanye n'iyi ntambara. Gusa ivyemezo vyayo ntibitegerezwa kuba itegeko ku bihugu bigize iyi nama, ibitandukanye n'ibifashwe n'iyi Nama nkuru y'Umutekano kw'isi.













