'Intambara ntikiri umugani, ariko Ubulaya ntibwiteguye' - umushikiranganji wa mbere wa Pologne

Ahavuye isanamu, HANNIBAL HANSCHKE/EPA-EFE
- Umwanditsi, Sarah Rainsford, i Kharkiv, na Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
Umushikiranganji wa mbere wa Pologne Donald Tusk agabisha ko Ubulaya buri mu gihe c’”imbere y’intambara” kandi ko ari ikizira kikaziririzwa ko Ukraine itsindwa n’Uburusiya ku neza y’umugabane wose.
Avuga ko intambara itakiri "ikintu co muri kahise”, akongerako ati: "Intambara ntikiri umugani kandi haheze imyaka ibiri itanguye".
Avuze ano majambo inyuma y’aho Uburusiya bukoreye igitero gikomeye ku masoko ntanganguvu ya Ukraine hirya y’ejo ku wa kane.
Muri ino ndwi, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yavuze ko igihugu ciwe ata "migambi gifise yo gutera" ibihugu vya OTAN/NATO.
Ivy’uko igihugu ciwe, kimwe mu bihugu bifise ibigega binini cane kw’isi vy’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, gishobora gutera Pologne, ibihugu vy’akarere ka Baltique hamwe na Repubulika ya Tchèque - vyose bikaba bihurikiye mu runani rwa OTAN – ari “amajambo atagira mvura”, nk’uko abivuga.
Hagati aho, agabisha ko ari nka hamwe Ukraine yokoresha indege z’intambara z’Uburengero za F-16 zivuye ku bibuga vy’indege vy’ibindi bihugu, vyoca biba ngombwa ko "biterwa, aho vyoba biri hose".
Kuva Uburusiya butanguje intambara yeruye muri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, imigenderanire yabwo n’Uburengero yaratitutse gushika ku rugero rutari bwigere rubaho kuva ya ntambara yo kwikekana (guerre froide/Cold War) irangiye.
Muri iki gitero giheruka kuri Ukraine, ibisasu vyababa 100 vya misire n’indege zitagira abadereva (drone) ni vyo vyakoreshejwe, ivyatumye intara zitari nke zibura umuyagankuba mu bice bimwe bimwe.
Cari igitero kigira kabiri nk’iki mu ndwi imwe gusa – aho Uburusiya bwarashe ibisasu vyinshi icarimwe kugira ngo birengere ubuhinga bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko iki gitero ari "iterabwoba rya misire", anagabisha ko ibitero ku bigo ntanganguvu bishobora guteza akaga mu bidukikije.
Avugana na BBC, umukuru w’igisagara ca Kharkiv – aho ibikorwa bito bito bigendera ku mamoteri n’inganda zikaba zitorohewe kubera icika ry’umuyagankuba – yavuze ko ubu bwononyi ku bigo vy’umuyagankuba ari "ingorane ikomeye" kandi ko bishobora gufata amezi abiri kugira ngo vyongere bisubire gukora neza.
Mu gusabira Ukraine imfashanyo ya gisirikare yihuta, umushikiranganji wa mbere Tusk yagabishije ko imyaka ibiri iri imbere ishobora kwerekana ingene ibintu bigiye kumera, akongerako ati: “Turi mu gihe ca mbere kigoye cane kuva intambara ya kabiri y’isi yose irangiye”.

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/Jakub Szymczuk/KPRP
Mw’ijambo yashikirije n’uburakari ku bijanye n’umutekano wa Bulayay, yavuze ko ku ncuro ya mbere ku murango Uburusiya bwateye Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) bukoresheje ibisasu vya misire binyaruka gusumba ijwi.
Avuga ko kubona Putin yegeka kuri Ukraine igitero c’iterabwoba ku nyubakwa ya Crocus City Hall i Moscou ata vyemezo atanze vyerekana ko "akeneye ivyitwazo vyo gusigura ibitero vyiwe bigenda vyiyongera ku bibanza vya gisivire muri Ukraine".
Tusk yakoresheje ikiganiro ciwe ca mbere n’ibinyamakuru vya Bulaya kuva asubiye kuba umushikiranganji wa mbere wa Pologne mu mpera za 2023 mu gusaba abategetsi bo ku mugabane wose wa Bulaya gukomeza ibisata vyabo vyo kwivuna abansi.
Avuga ko Ubulaya budakeneye gushinga “urwego rubangabanganywe na OTAN” ariko ko bwoba incuti nyayo ya Amerika mu gihe bwokwikwiza gusumba mu vya gisirikare, butaravye uwuzoba yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yimirije muri Munyonyo (11) muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Pologne ubu ikoresha 4% y’umwimbu wayo mu vyo kwivuna abansi, mu gihe ibindi bihugu vya Bulaya bitarashobora gushika ku ntego ya OTAN y’ibice 2%.
Tusk yahoze arongoye Inama nkuru ya Bulaya, agabisha uno mugabane ko utegerezwa kwitegurira intambara imbere y’uko iba.
Ntashima ingene umushikiranganji wa mbere wa Espagne Pedro Sánchez aherutse gusaba abategetsi bagenziwe ba Bulaya kureka gukoresha ijambo “intambara” mu makoraniro yabo ku mvo z’uko abanyagihugu badashaka guterwa ubwoba.
Tusk avuga ko ku ruhande rwiwe i Bulaya yishuye ko intambara itakiri umugani, akagabisha ko “ikintu ico ari co cose gishoboka".
Abandanya avuga ati: "Ndazi ko ari ibintu biteye ubwoba, cane cane mu bakiri bato, ariko ni ngombwa ko twama twiteguriye umuzo w’ibihe bishasha. Ibihe vy’imbere y’intambara".
Igihe yari umushikiranganji wa mbere wa Pologne ku ncuro ya mbere, kuva 2007 gushika 2014, yahora avuga ko hari ibihugu bike bindi vya Bulaya hejuru ya Pologne n’ibihugu vya Baltique vyabona ko Uburusiya bwari gushobora guteza akaga.
Tusk afise icizere ku co avuga ko ari impinduka nyayo mu nyifato ya Bulaya.
Hagati aho, umukuru wa gisirikare mushasha wa Ukraine Jenerali Oleksandr Syrskiy yemeye, ibintu bidakunze kuba, ko Uburusiya buriko burarengera ingabo za Ukraine “hafi batandatu kuri umwe” ku rubuga rw’intambara.
Avuga ko Ukraine yatakaje ubutaka yategerezwa "kuba yaragumije" iyo ironswa ibirwanisho bikwiye n’ubuhinga bwo gukingira ikirere, akavuga kandi ko ibintu mu turere tumwe tumwe tw’intambara “bimeze nabi cane”.

Aya majambo yo kugabisha ashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere wa Pologne yibutsa ayamaze imisi ashikirizwa n’ibihugu bibanyi vya Baltique; nimba Uburusiya bushobora gutera, bukigarurira bukongera bukihagira intara muri Ukraine, vyofata igihe kingana iki kugira ngo Perezida Putin akore igitero nk’iki ku bihugu vyabo nk’ibi, vyahoze biri mu bigenzurwa na Moscou? Ni bwo bwoba bafise.
Ibi bihugu vya OTAN bihana urubibe n’Uburusiya bishira uburyo bwinshi cane mu gisata co kwivuna abansi gusumba ubw’ibihugu vy’uburengero bwa Bulaya.
Inyuma yo gutsindira ikiringo kigira gatanu c’umukuru w’igihugu, mu matora abamunegura bavuga ko yari “ay’amanyanga”, Vladimir Putin aherutse kuvuga ko ata migambi afise yo gutera igihugu ico ari co cose ca OTAN.
Ariko abategetsi b’ibihugu vya Baltique, nk’umushikiranganji wa mbere wa Estonia Kaja Kallas, bavuga ko badashobora Kwizera amajambo ya Moscou. Mu misi y’imbere y’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine muri Ruhuhuma 2022, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yariyamiriza amajambo yagabisha ko ku gitero cari cimirije, aho yavuga ko yari “poropagande” kandi ko yari “amajambo y’Uburengero yo guhuguza".










