Ukraine: Perezida Volodymyr Zelensky ku rutonde rw’abaronderwa n’ubutungane bw’Uburusiya

Zelensky

Ahavuye isanamu, EPA

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe intwaro yo hagati bwashize Perezida Volodymyr Zelensky ku rutonde rw’abategetsi ba Ukraine baronderwa n’ubutungane.

Nk’uko biri mu nyandiko z’ubu bushikiranganji, Perezida Zelensky akurikiranwa hakurikijwe ingingo mpanavyaha, ariko ntiyerekanwa iyo ari yo.

Ikinyamakuru RIA Novosti cegamiye ubutegetsi kivuga ko na Petro Poroshenko yahoze ari umukuru w’igihugu ca Ukraine na we nyene yashizwe kuru uru rutonde.

Imbere y’aha, abategetsi b’Uburusiya bari bamaze gutegura urutonde rw’abategetsi n’abanyaporitike ba Ukraine bakurikiranwa n’ubutungane.

Ibinyamakuru vyatangaje ko amazina y’uwahoze ari umushikiranganji w’ikigega ca reta wa Ukraine Aleksandr Shlapak, uwahoze arongoye ibanki nkuru ya Ukraine Stepan Kubiv, hamwe kandi n’uwahoze arongoye inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano no kwivuna abansi wa Ukraine Alexander Litvinenko ko nabo nyene bari bamaze gushirwa kuri uru rutonde rw’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati.

Muri Kigarama 2023, umukuru w’igisata gikuru kijejwe igendereza, Kirill Budanov, yarashizwe ku rutonde rw’abaronderwa n’ubutungane bw’Uburusiya.

Hampande y’uru rutonde, Alexander Pavlyuk, umukuru w’igisirikare ca Ukraine kirwanira ku butaka na we nyene yashizwe kuri uru rutonde, nk’uko bitangazwa n’ibinyamakuru vy’Uburusiya.

Abategetsi b’Uburusiya ntibatomora neza ingingo bisunze mu mategeko mpanavyaha mu gukurikirana aba bategetsi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Reta ya Ukraine ivuga ko ibi ataco bivuze kandi ko vyerekana ko abategetsi b’Uburusiya bariko barata wakuba.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe imigenderanire, reta ya Ukraine ivuga ko amakuru y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bw’Uburusiya avuga ko bakurikirana Perezida Volodymyr Zelenskyi ari “icemezo c’uko Uburusiya bwabuze ico bufata n’ico bureka” kandi ko ari “amajambo ya poropagande kubera bwabuze ibindi borementanya kugira ngo abanyagihugu babatahure”.

Ni mu gihe Sentare mpuzamakungu mpanavyaha muri Ntwarante (3) 2023 yasohoye umutahe mpuzamakungu wo guhagarika Perezida Vladimir Putin ku vyaha vyo mu ntambara yagirizwa, mu ntambara yatanguje kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.

Mw’iri tangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Ukraine, reta ivuga ko uru rutonde ataco ruhindura kuri iyi ngingo yo kurondera guhagarika Perezida Putin.

Ubu bushikiranganji buvuga buti: “Twashaka kubibutsa ko aya majambo atagira mvura y’Uburusiya ataco asa asana n’umutahe wa Sentare Mpuzamakungu wasohorewe umutegetsi w’igitugu w’Uburisiya Vladimir Putin, yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara.

“Ni uw’ukuri kandi utegerezwa gukurikizwa mu bihugu 123 kw’isi yose”.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yagiriza Perezida Putin ivyaha vyo mu ntambara, igahagarara cane cane ku vyo imwagiriza vyo gutwara mu Burusiya abana b’abanya-Ukraine bidaciye mu mategeko.

Hagati aho, Ukraine nta gahengwe ironka mu bitero vy’urutavanako vy’ingabo z’Uburusiya, mu gihe zivugwa ko ziherutse gutera intambwe zikomeye mu kumenera mu birindiro vy’ingabo za Ukraine mu karere ka Donbas.

Muri kino gihe, igisagara ca Kharkov nico kigeramiwe n’amabombe y’ingabo z’Uburusiya, mu gihe bizandanya kandi zicucagira vya muzinga ku bigo ntanganguvu vya Ukraine mu gihugu cose.