Amaherezo ya Ukraine: Ingene intambara ishobora kurangira mu 2025

 Volodymyr Zelensky
    • Umwanditsi, Paul Adams
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vy'imigenderanire

"Nagira ndababwire ko ibintu biriko birahinduka cane," niko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yavuze mu kiganiro n'abanyamakuru kirangiza umwaka, hari ku wa 19 Kigarama (12). "Ku rwasiro ibintu vyama biriko birahinduka. Imisi yose".

Mu buseruko bwa Ukraine, ingabo z'Uburusiya ziri mu ntambara zibandanya zitera intambwe buhoro buhoro, mu gahinga kanini ka Donbas, zigota zongera zifata ibigwati n'ibisagara.

Bamwe mu basivire bahunga intambara zitarabashikira. Abandi bararindira gushika bumvize ibibombe bitanguye guturagurika hirya no hino bakabona gutekera ivyo bashoboye kwikorera hanyuma bakurira amatereni n'amabisi abahungishiriza hirya kure mu burengero.

Uburusiya buriko bwagura akarere ku muvuduko munini cane gusumba ibindi bihe vyose kuva butanguje ino ntambara muri Ruhuhuma (2) 2022, naho UKraine ibandanya ihayagiza ibitero vyayo ku mubanyi rutura wayo.

Nubwo Ukraine iherutse gutera intambwe nkeya, iki gihugu gisa n'ikiriko kiratsindwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Nubwo Ukraine iherutse gutera intambwe nkeya, iki gihugu gisa n'ikiriko kiratsindwa

Mu gihe iyi ntambara iriko yegereza imyaka itatu kuva itanguye, Ukraine isa n'iyiriko iratsindwa, ku bamaze gupfa canke gukomereka bababa umuriyoni.

Hagati aho, muri Amerika, mahindagu Donald Trump azwi ko ata rukundo rwinshi afitiye Ukraine canke indongozi yayo, vuba arashikira amabanga yo kurongora igihugu.

Bimeze nk'aho ari igihe c'impinduka. Ariko 2025 ushobora kuba koko umwaka w'aho iyi ntambara iriko irasambura Ubulaya ishobora kuzorangira – none nimba ari uko, iherezo ryayo rishobora gusa gute?

'Abavuga ibiganiro ni ukwihenda'

Trump mu kwiyemeza ko yohagarika iyo ntambara mu masaha 24 amaze gufata ubutegetsi ni ukwirata kurenze urugero, ariko ni amajambo avugwa n'umuntu bigaragara ko atagishoboye kwihanganira iyi ntambara n'uruhara rwa Amerika ruyituma itakaza uburyo bwinshi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu ntango z'uku kwezi, yagize ati: "Ibitigiri binyanyagiye irya n'ino vy'abasirikare bapfa bakiri bato ku rubuga rw'intambara birarenze urugero. ibiriko biraba birateye ubwoba".

Ariko ubutegetsi bwa Amerika bwimirije buhanzwe n'ibibazo bibiri, nk'uko bivugwa na Michael Kofman, umushakashatsi mukuru ku kigo Carnegie Endowment for International Peace.

Muri Kigarama yagize ati: "Ubwa mbere, bugiye kuragwa intambara igeze aho umwansi ashaka, ata mwanya munini cane wo gushira ibintu ku murongo. Ubwa kabiri, bugiye kuyiragwa ata nzira itomoye yo gushika ku ntsinzi".

Mu biganiro aherutse kugirana n'abanyamakuru, Trump aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu yaratanze ibimenyetso bimwebimwe ku kuntu ashobora guhangana n'iyi ntambara.

Yabwiye ikinyamakuru Time Magazine ko atemeranya "na gato" n'ingingo y'ubutegetsi bwa Biden yo muri Munyonyo (11) yo kwemerera Ukraine kurasa ku butaka bw'Uburusiya ikoresheje ibisasu vya misire biraswa kure yahawe na Amerika.

Ati: "Turiko turunyura iyi ntambara kandi dutuma ibintu biba nabi cane".

Ku wa 8 Kigarama, yabajijwe n'imboneshakure NBC News nimba Ukraine ikwiye kwitegurira kuronswa imfashanyo y'intica ntikize.

Yishuye ati: "Birashoboka. Vy'ukuri birashoboka".

Donald Trump avuga ko azorangiza intambara mu masaha 24 amaze gushika ku butegetsi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Donald Trump avuga ko azorangiza intambara mu masaha 24 amaze gushika ku butegetsi

Ariko ku bafise ubwoba, kandi ni benshi, ko ino ndongozi nshasha ifise icipfuzo co kuva muri Ukraine, yaravuze amajambo asa n'ayo kubahumuriza, aho yavuze ati: "Ku bwanje, ntushobora gushika ku masezerano iyo wiyonkoye".

Ukuri ni uko imigambi ya Trump idatomoye na gato.

Hanyuma ubu, abategetsi ba Ukraine bamirira kure akamo baterwa ngo baganire, canke ivy'uko umuzo wa Trump usigura ko ata kabuza ibiganiro biri hafi.

"Hari vyinshi bivugwa ku biganiro, ariko ni ukwihenda", bivugwa na Mykhailo Podolyak, umuhanuzi mu biro vya Perezida Zelensky.

"Nta nzira y'ibiganiro ishoboka kubera Uburusiya (butararemerwa bihagije no kuriha igiciro c'ino ntambara) budategekwa kuriha igiciro gihagije c'ino ntambara".

'Imikenyuro y'ubwenge' ya Zelensky

Nubwo Ukraine ifise amadidane ku vyerekeye ibiganiro mu gihe ingabo z'Uburusiya zibandanya zisatira bikomeye mu buseruko, biragaragara ko Perezida Zelensky yipfuza cane kwereka Trump ko ari we muntu bokorana.

Igihe atsinda amatora, ino ndongozi ya Ukraine yaciye yihutira kumukeza, haciye akanya gato aca arungika abategetsi bakuru kubonana n'ab'uno mukuru w'igihugu yari ahejeje gutorwa.

Abifashijwemwo na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, Zelensky yarashoboye kandi kubonana na Trump igihe bompi bagendera Ubufaransa mu birori vyo kwugurura urusengero rwa Notre Dame.

Dmytro Kuleba yahoze ari umushikiranganji wiwe w'imigenderanire, yabwiye inama ya Amerika ijejwe imigenderanire mu ntango za Kigarama ati: "Ivyo turiko turabona ubu ni imikenyuro y'ubwenge iriko ikorwa na Perezida Zelensky".

Yavuze ko Zelensky yariko "yerekana intego y'ukwubaka n'uko yiteguriye gukorana na Perezida Trump".

Mu gihe ata kimenyetso kigaragara c'uko Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) iriko irakora nk'uko, biragaragara ko reta ya Kyiv iriko iragerageza kuyiha intambwe.

Orysia Lutsevych, umukuru w'ihuriro ry'abanya-Ukraine mu kigo Chatham House, agira ati: "Kubera ko Trump adasobanura neza ingene azobikora, abanya-Ukraine bariko baragerageza kumuha ivyiyumviro bimwe bimwe ashobora gutanga nk'ivyiwe".

"Barazi gukorera ku tuntu twabo".

Umugambi w'intsinzi: ingene intambara ishobora kurangira

N'imbere y'amatora ya Amerika, hari ibimenyetso vyerekana ko Zelensky yariko arondera ingene yokwerekana ko Ukraine ari incuti ya kazoza ku mukuru w'igihugu yari gutorwa nka Trump afise intego yo guhindura ibintu kandi adashaka kubandanya ahagarariye umutekano w'Uburayi.

Nka kimwe mu bigize "umugambi w'intsinzi" yashize ahabona muri Gitugutu (10), Zelensky yatanze iciyumviro c'uko ingabo za Ukraine zizoba zimenyereye intambara zishobora gusubirira ingabo za Amerika ziri i Bulaya mu gihe intambara n'Uburusiya izoba irangiye.

Yarabemereye kandi ko bashobora kuzoshora imitahe rusangi mu gukoresha amatungo kama ya Ukraine harimwo ubutare bwa uranium, graphite na lithium.

Zelensky yagabishije ko ubu butare buhambaye cane "bushobora guha inguvu Uburusiya canke naho bugakomeza Ukraine n'isi yubakiye kuri demokarasi".

Ukraine ivuga ko ingabo zayo zishobora gusubirira iza Amerika ziri ku mugabane wa Bulaya intambara n'Uburusiya irangiye

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ukraine ivuga ko ingabo zayo zishobora gusubirira iza Amerika ziri ku mugabane wa Bulaya intambara n'Uburusiya irangiye

Ariko ibindi biri muri uno mugambi w'intsinzi w'uno mukuru w'igihugu ca Ukraine - harimwo no kwinjira mw'ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe – bisa n'ivyakiranywe amadidane mu bihugu vy'incuti za Kyiv.

Ivyo kwinjira muri OTAN cane cane ni ikibazo kitumvikanwako, nk'uko camye kuva Uburusiya butanguje iyi ntambara.

Ku bwa Kyiv, ni yo nzira yonyene yo kurokora kazoza k'iki gihugu, gihanganye n'Uburusiya, umwansi waco w'inda ndende arondera ko Ukraine iba umuja wayo.

Ariko nubwo mu kw'indwi kw'umwaka uheze vyavuzwe ko Ukraine iri "mu nzira idasubira inyuma yo kwinjira mw'ihuriro rihuza Uburaya na Atlantike, harimwo no kwinjira muri OTAN", uru runani rurigabuye, aho Amerika n'Ubudagi bitarashobora gushigikira ko Ukraine ihabwa ubutumire.

Perezida Zelensky avuga ko ari nka hamwe igihugu cose cokwemererwa kwinjira muri uru runani, hakurikijwe imbibe zemewe ku rwego mpuzamakungu, yiteguye ko mu ntango yokwemera kwinjirana ubutaka bwa Ukraine ubutegetsi bwayo bugenzura muri iki gihe.

Yabwiye imboneshakure Sky News muri Munyonyo ko ibi vyotuma "intambara ikaze" ihagarara, kugira ngo ikibazo c'imipaka ntabanduka ya Ukraine gitorerwe umuti biciye mu biganiro.

Ariko, avuga ko ata kintu nk'iki kiremerwa.

Kyiv igoyagoya

Nimba atari OTAN, ikindi ni igiki? Mu gihe ibiganiro vy'amahoro birongowe na Trump bishobora kuba biri hafi, Ukraine na yo igatakaza ku rugamba, impari ku rwego mpuzamakungu zihagaze ku gutsimbataza inguvu za Kyiv igoyagoya.

Ku wa 12 Kigarama, Andriy Yermak, umukuru w'ibiro vya Perezida Zelensky, yabwiye ikinyamakuru ca reta ya Ukraine ati : "Ni ngombwa cane kugira ivyo biyemeje bikomeye, bishingiye ku mategeko kandi bishobora gukorwa".

Avuga ko kahise ka vuba ka Ukraine kasize iragi ry'agahomerabunwa. "Ikibabaje, ku vyo twabonye, ni uko ivyo twari twemerewe vyose bitatuzaniye umutekano".

Hatariho uburyo nyabwo busa n'ubwo kwivunira umwansi hamwe nk'uko biri mu ngingo ya 5 y'amasezerano yashinze OTAN, abihweza ibintu n'ibindi batinya ko ata kintu na kimwe coba kirimwo cozibira ikindi gitero c'Uburusiya.

Orysia Lutsevych ati: "Zelensky arazi ko atoshobora guhagarika intambara uko gusa".

"Bitegerezwa kuba uguhagarika intambara nyakwo. Kwoba ari ukwiyahura kuri Zelensky ari nka hamwe yokwemera guhagarika intambara uko gusa ata nyishu y'ukungene Ukraine yokingirwa".

Mu mahuriro yerekeye imigambi ya Bulaya, abahinga bamaze igihe bihweza ingene Ubulaya bwoshobora gufasha mu kwikorera umuzigo w'iyi nshingano iremereye.

Ingabo za Ukraine mu ntara ya Donetsk

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Ukraine mu ntara ya Donetsk

Mu vyiyumviro bitangwa harimwo kurungika ingabo zo gucungera umutekano muri Ukraine (iciyumviro catanzwe ubwa mbere na Macron mu kwa kabiri), canke gukoresha ingabo zo gutabara (Force expéditionnaire) zirongowe n'Ubwongereza, zikaba zihurikiyemwo ibihugu umunani vyo mu turere twa Nordique na Baltique, hakiyongerako Ubuholande.

Ariko Kofman afise amakenga. "Imigambi y'umutekano itagiramwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika nka kimwe mu bihugu bifise ikibanza ni nk'igitumbura gifise igitoboro kinini hagati".

Ni iciyumviro gisubirwamwo i Kyiv.

Podolyak ati: "Ni iyihe nzira yindi yoba ihari? Nta zindi nzira zihari uno musi".

Avuga ko impapuro gusa, nk'Amasezerano ya Budapest yo mu 1994 (yerekeye imbibe za Ukraine inyuma y'icahoze ari Ubumwe bw'Abasoviyeti) canke amasezerano ya Minsk yo mu 2014-15 (yarondera guhagarika intambara ya Donbas) ataco zimaze, mu gihe ata nguvu za gisirikare zitegekanywa mu kuzibira.

Ati: "Ni ngombwa ko Uburusiya butahura ko buramutse butanguje igitero buzokwitega ibitero vyinshi cane mu kwishura.

Ubwongereza, Biden n'uruhara rw'Uburengero bw'isi.

Mu gihe ata mwumvikano urahaba ku vyerekeye kazoza ka Ukraine k'igihe kirekire, incuti zayo ziriko zikora uko zishoboye mu gukomeza igisata cayo co kwivuna abansi.

Mu ntango za Kigarama, umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte, yavuze ko "vyose" vyariko birihwezwa, harimwo kuyirungikira ibindi bikoresho vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere, aho bimwe muri vyo vyokoreshwa mu gukingira ibigo vy'amasoko ntanganguvu vy'iki gihugu ageze ahatemba, mu gihe hoba uwundi mupfunda w'ibitero vya muzinga n'indege zitarimwo abadereva z'Uburusiya.

Mu gihe Ukraine ibandanya ikehanirwa n'abarwanyi, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi John Healey avuga ko reta ishobora kuba yipfuza kurungika ingabo z'Ubwongereza muri Ukraine gufasha mu gutanga inyigisho.

Ku ruhande rwabwo, ubutegetsi bwa Biden busa n'ubwiyemeje bikomeye guha Ukraine imfashanyo nyinshi ishoboka yemejwe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka imbere y'uko busezera, nubwo amakuru avuga ko umwanya ushobora kuba ari muto kugira ngo bushobore kurungika vyose.

Ku wa 21 Kigarama vyavuzwe ko Trump ashobora kubandanya arungikira Ukraine imfashanyo ya gisirikare, ariko ko ashobora gusaba ibihugu vya OTAN kuduza cane amafaranga agenewe ibisata vyavyo vyo kwivuna abansi.

Incuti za Kyiv zibandanya kandi zifatira ibihano Moscou, zizigiye ko ubutunzi bw'Uburusiya muri iki gihe c'intambara - bubandanya bwihagararako - impera n'imperuka bushobora kuzosenyuka.

Umushingamateka wa Amerika atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, agira ati: "Hari umwikomo kubona ibihano bitashoboye gusenyura ubutunzi bw'Uburusiya ku buryo budashobora kwivyukiranya".

Inyuma y'urukurikirane rw'ibihano (15 vyafashwe n'Ubulaya bwonyene), abategetsi babandanya berekana ko ataco bivuze ku vyerekeye inkurikizi bishobora kugira.

Ariko ibimenyetso biheruka birarushiriza gutera ubwoba Kremlin. Mu gihe inyungu ku ngurane zikiri kuri 23%, ibiciro bikaba vyaraduze gushika hejuru ya 9%, ifaranga ry'Uburusiya rikaba ririko riratemba, n'ubutunzi bwitezwe kugabanuka cane mu 2025, ingorane ku bukungu bw'Uburusiya ni gake zaboneka ko ziteye ubwoba.

Putin yifata nk'aho ataco vyamugize. Mu kiganiro ciwe n'abanyamakuru kirangiza umwaka, yagize ati: "Ibihano biriko biragira inkurikizi, ariko nta kintu kinini bimaze".

Bifatanije n'ibitigiri biteye ubwoba vy'abantu Uburusiya butakaza ku rugamba – abategetsi b'Uburengero bagereranya ko Uburusiya butakaza ingabo 1.500, zicwa n'izikomereka, buri musi – igiciro c'iyi ntambara gishobora guhatira Putin ku meza y'ibiganiro.

Ariko none Ukraine izoba imaze gutakaza ubundi butaka bungana gute – hanyuma kandi abantu bangana gute bazoba bamaze kwicwa - imbere y'uko iki gihe gishika?