Intambara ya Ukraine: Nta gahengwe mu bitero vy'amadrone, Putin ati 'nari kuba nateye Ukraine imbere y'igihe'

Imihora yo ku rubuga rwa Telegram yasohoye amasshusho yerekana umuriro mu gitero co mu ntara ya Oryol

Ahavuye isanamu, Telegram

Insiguro y'isanamu, Imihora yo ku rubuga rwa Telegram yasohoye amasshusho yerekana umuriro mu gitero co mu ntara ya Oryol

Mu gihe ata musi wijana hatavuzwe ibitero vya za ndege zitagira abadereva (drone) mu ntambara hagati ya Ukraine n'Uburusiya, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko mw'ijoro ryakeye ingabo z'Uburusiya zakoze ibitero zikoresheje amadrone 103, aho 97 yakorowe canke aburirwa irengero.

Ubutumwa iki gisirikare kirwanira mu kirere cacishije ku rubuga rwa Telegram, buvuga ko gushika isaha zine mu masaha ya Kyiv, 52 zari zimaze gukororwa, 44 nazo zikaba zitamenyekanye iyo zazimiriye kandi ata ngaruka zateye. Kivuga kandi ko iyindi drone yagurutse yerekeza muri Bielorussie.

Muri uwo mwanya nyene, mu ntara za Kherson, Nikolaev, Chernihiv, Sumy, Zhitomir na Kyiv, biturutse kuri ibi bitero vy'Uburusiya, amaduka y'abigenga, amazu y'uburaro n'ibintu, vyononekaye nk'uko igisirikare ca Ukraine kibivuga. Nta bapfuye canke ngo bakomereke muri ibi bitero.

Ni mu gihe igisirikare c'Uburusiya naco gitangaza ko Ukraine yakoze ibitero mu ntara zitanu ikoresheje amadrone, aho 42 yakorowe n'ubuhinga bwo gukingira ikirere mw'ijoro ryakeye.

Nk'uko biri mu butumwa bwacishije ku muhora w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya ku rubuga rwa Telegram, amadrone 20 yakororewe mu kirere c'intara ya Oryol, 16 asamburirwa mu kirere c'intara za Rostov na Bryansk, atanu mu ntara ya Kursk, hanyuma iyindi imwe hejuru y'intara ya Krasnodar.

Imbere y'aha, buramatari w'intara ya Oryol, Andrey Klychkov, yanditse ko mu kigwati ca Stalnoy Kon, ububiko bw'igitoro bwasubiye guterwa hagaca haduka umuriro waciye uzimwa, nk'uko abivuga.

Mu ntara ya Rostov, nk'uko bivugwa n'umukuru mfatakibanza w'ino ntara, amadrone yarasiwe hafi ya Taganrog na Novoshakhtinsk, naho nyene hari ihinguriro ry'igitoro. Ababa i Rostov bavuga ko bumvise amajwi asa n'ibiturika mu kirere c'iki gisagara.

Nta tangazo rirasohoka rivuga nimba hoba hari abapfuye canke bakomeretse.

BBC ntirashobora guhinyuza ano makuru avugwa.

Ni inyuma y'aho ejo ku wa gatandatu, ikibuga c'indege c'intara ya Kazan iri mu bumakuko bw'Uburusiya cahagaritse ibikorwa kubera igitero ca drone ya Ukraine, ubu kikaba casubiye kwugurura ibikorwa vyaco.

Intambara Uburusiya bwatanguyue muri Ruhuhuma (2) iri hafi kumara imyaka itatu, aho ingabo zabwo zimaze amezi atari make zitera intambwe ku rubuga , mu gihe Ukraine yoyo ibandanya itakaza ubutaka.

Ntibizwi ingene iyi ntambara izogenda igihe Donald Trump aherutse gutorerwa ikiringo ca kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika azoba ashikirijwe amabanga, mu gihe yiyemeje ko ni yashika ku butegetsi azorangiza iyi ntambara vuga bwango nubwo atavuga ingene bizogenda.

Buri musi ingabo z'Uburusiya zitera intambwe - Putin

putin

Ahavuye isanamu, Reuters

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko Uburusiya bwari bukwiye kuba bwakoze igitero cuzuye kuri Ukraine imbere y'igihe kandi bukaba bwariteguriye neza intambara.

Mu kiganiro kirangiza umwaka yagiranye n'abanyamakuru ku wa kane, Putin, asubije amaso inyuma, yavuze ko hategerezwa kuba harabaye "imyiteguro myiza" y'igitero ca 2022, avuga ko ari "igikorwa kidasanzwe ca gisirikare".

Uburusiya bwigaruriye Crimee/Crimea ya Ukraine mu 2014, maze inyeshamba zegamiye ku ruhande rw'Uburusiya nazo zica zitangura intambara mu buseruko bwa Ukraine, ariko Putin yagiye kwiyumvira kugerageza gufata Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) inyuma y'imyaka umunani.

Mw'iryo jambo ryiwe, Putin yaramaze umwanya munini avuga kuri iyi ntambara yo muri Ukraine, aho yavuze ko yiteguriye "umwumvikano" kugira ngo intambara ihere- nubwo atatomoye neza uwo mwumvikano ico wohagararako.

"Buri musi", ingabo z'Uburusiya zitera intambwe, nk'uko asigura, aho avuga ko ingabo ziwe ko ari "intwari".

Harageze igihe asohora ibendera ririko ibikumu aho yavuze ko yarihawe n'ingabo z'Uburusiya zirwanira mu mazi bariko "barwanira igihugu cabo" mu ntara ya Kursk, aca ahamagara abari ngaho babiri kuyifatira inyuma yiwe kugira ngo ifatwe amasanamu.

Putin yasohoye ibendera ririko ibikumu avuga ko yahawe n'ingabo z'Uburusiya zirwanira mu mazi zirwanira muri Kursk

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Putin yasohoye ibendera ririko ibikumu avuga ko yahawe n'ingabo z'Uburusiya zirwanira mu mazi zirwanira muri Kursk
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yaravuze kandi ku migambi y'ubwubatsi y'Uburusiya mu turere bwafashe muri Ukraine, avuga ko amabarabara yo mu ntara ya Luhansk muri Ukraine yateye imbere cane kuva afashwe n'ingabo zishigikiwe n'Uburusiya mu 2014.

Umwe mu bari bitavye iki kiganiro amubajije nimba Uburengero "bwarakiriye ubutumwa" bujanye n'impinduka mu mategeko ajanye n'ikoreshwa ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, ingingo Putin yafashe muri Munyonyo (11), yishuye ati "urazobabaza".

Iri tegeko rishasha ryemerera Uburusiya gukora igitero ca nikleyeri ku gihugu ico ari co cose, kizoba gishigikiwe n'igihugu gitunze ibirwanisho vya nikleyeri.

Ibi bisigura ko ari nka hamwe Ukraine yoramuka ikoze igitero gikomeye ku Burusiya ikoresheje ibisasu vya misire vyemewe, indege zitagira abadareva (amadrone) cane n'izindi ndege z'intambara, gishobora gukwiza ibisabwa kugira ngo cishurwe hakoreshejwe igitero ca nikleyeri, nk'uko nyene vyogenda ku gitero cokorwa kuri Bielorussie canke ikintu ico ari co cose gikomeye cobangamira ubusugire bw'Uburusiya.

Putin yaravuze cane kandi ku bushobozi bw'igisasu rutura Oreshnik kinyaruka gusumba ijwi, Uburusiya bwakoresheje mu gitero cabwo kuri Ukraine muri Munyonyo.

Mu ntumbero yo kukigerageza, yasavye ko Uburusiya bworasa iki gisasu ca Oreshnik kuri Ukraine, kugira ngo ingabo za Ukraine zirwanira mu kirere – zikoresheje ibirwanisho zahawe na Amerika – zigerageze kugikorora hanyuma turabe ingene bigenda.