Umujenerali w'Uburusiya yari arongoye ingabo zijejwe ibirwanisho vya nikleyeri yishwe n'igisasu i Moscou

Ahavuye isanamu, Reuters
Intwazangabo yo ku rwego rwa Jenerali n'icegera ciwe mu gisirikare c'Uburusiya biciwe mu gisasu caturikiye ku mugwa mukuru w'iki gihugu, Moscou.
Igihe yari asohotse ava mu nzu y'uburaro mu gitondo co ku wa kabiri, Liyetena Jenerali Igor Kirillov yari arongoye ingabo zijejwe ibirwanisho vya nikyeleri n'ibindi vy'ubumara (armes nucléaires, biologiques et chimiques, NBC) yahitanywe n'igisasu cari kinyegejwe mu kamodoka k'amapine abiri (trottinette/scooter) caturitse, nk'uko bivugwa na Komite y'Uburusiya ijejwe amatohoza.
Amasoko yo mu nzego z'Uburusiya zijejwe umutekano yabwiye itororokanirizo ry'amakuru ryegamiye reta ko iki gisasu caturikirijwe kure ( ni ukuvuga hakoreshejwe ubuhinga bwa télécommande).
Isoko ryo mu gisata ca Ukraine kijejwe igendereza, SBU, ryabiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko Ukraine ari yo yishe Lit Gen Kirillov, kandi ko cari igikorwa kidasanzwe ku "muntu yari akwiye guterwa".
Ejo ku wa mbere, SBU yari yamuciriye urubanza atahari, aho yavuze ku rubuga rwa Telegram ko ari we yari ajejwe "ikoreshwa ry'ibirwanisho vy'ubumara bitemewe n'amategeko"ku gisirikare ca Ukraine.
Amasanamu yavuye aho vyabereye yerekana umuryango w'inzu wononekaye cane, ku mpome hari ibimenyetso vy'umuriro, amadirisha atari make nayo yabomotse. Imifuko ibiri y'ibiziga na yo nyene yashobora kuboneka mw'ibarabara.
Muri Gitugutu (10), Ubwongereza bwari bwafatiye ibihano Kirillov, bumwagiriza ko yahagarariye ikoreshwa ry'ibirwanisho vy'ubumara muri Ukraine, kandi ko yari umuntu akomeye yashikiriza amakuru atari yo avugwa na Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya).
SBU ivuga ko Uburusiya bwakoresheje ibirwanisho vy'ubumara incuro zirenga 4800 ku burongozi bw'uno mu jenerali.
Uburusiya burahakana ibi birego.
Komite y'Uburusiya ijejwe amatohoza, igisata nyamukuru c'Uburusiya kijejwe amatohoza, ivuga ko yatanguye "urubanza rw'icaha c'ubwicanyi bwakorewe ingabo zibiri".
Ivuga iti: "Ibikorwa vy'amatohoza n'ibikorwa vy'ugusaka biriko birakorwa bigamije kumenya ivyabaye n'ingene vyagenze."

Ahavuye isanamu, AP
Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bitangaza ko iki gisasu cahitanye Kirillov w'imyaka 54 n'icegera ciwe kw'ibarabara Ryazansky, cari gifise ibiturika bifise ubukomezi bwa 300g za TNT.
Bivuga kandi ko abahinga mu vy'amabombe n'imbwa zidasanzwe zikoreshwa mu bikorwa vy'ugusaka zagenzuye aho hantu kandi ko ata bindi bisasu vyabonetse.
Muri ibi bihano yari yafatiwe n'Ubwongereza, Kirillov yari yafatiwe amatungo yongera abuzwa n'ingendo.
Muri Rusama (5), Amerika yaragirije Uburusiya ko bwarungitse ibirwanisho vy'ubumara nk'"uburyo bw'intambara" muri Ukraine, buhonyanze amategeko mpuzamakungu abuza ikoreshwa ryavyo.
Abategetsi b'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bavuga ko Uburusiya bwakoresheje ubumara butuma umuntu adashobora guhema neza buzwi nka chloropicrin, mu ntumbero yo kurondera gutsinda Ukraine "ku rubuga rw'intambara".
Nk'uko bivugwa na SBU, ingabo z'Uburusiya zikoresha indege zitarimwo abadereva (drone) mu gukororera ibirwanisho vy'ubumara ku ngabo za Ukraine.
Intwazangabo ya Ukraine y'ipete rya koroleni, Artem Vlasiuk, yari yaravuze imbere y'aha ko abasirikare barenga 2.000 bo muri Ukraine bavuwe mu bitaro kubera ubumara bw'isumu muri ino ntambara, kandi ko abantu batatu bapfuye.
Ico gihe, Kremlin yariyamirije ibi birego, ivuga ko "bidafise ishingiro".
Kirillov yararanguye amabanga atandukanye mu gisirikare c'Uburusiya ajanye n'ibikoresho bitera akaga.
Yari yagenywe ngo arongore ingabo zijejwe ibirwanisho vya nikleyeri n'ibindi vy'ubumara (NBC) mu 2017.
Urupfu rwa Kirillov ruje haciye ikiringo kidashika indwi imwe umuhinga azwi cane mu vy'ibirwanisho w'Uburusiya arasiwe hafi y'i muhira iwe i Moscou.
Ibinyamakuru vyo muri Ukraine vyatangaje ko igandagurwa rya Mikhail Shatsky ryakozwe n'igisata kijejwe igendereza rya gisirikare ca Ukraine.

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock










