Ukraine yoba yarihenze mu guheba ibirwanisho vyayo vya nikleyeri vyagira gatatu kw'isi inyuma y'imyaka 30?

Ibirwanisho vya nikleyeri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Haciye imyaka 30 Ukraine yemeye guheba bumwe mu bubiko bunini cane kw’isi bw’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara (canke vya nikleyeri) yari itunze inyuma y’aho icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti gisambukiye, mu 1991.

Urwandiko rujanye n’iyi ngingo rwaje kumenyekana nk’Amasezerano ya Budapest (Budapest Memorandum).

Muri ano masezerano, Ubwongereza, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya vyiyemeje gukingira umutekano wa Ukraine hanyuma nayo yiyemeza gusubiza ibi birwanisho vya nikleyeri yari itunze.

Hagati aho, ano masezerano yarahonyanzwe kuva mu 2014, igihe Uburusiya bwigarurira uturere tumwe tumwe twa Ukraine, hanyuma mu 2022 naho bugatanguza intambara yeruye kuri iki gihugu.

None ni kubera iki ano masezerano ya Budapest yananiwe no gukingira ubusugire bw’ubutaka bwa Ukraine?

Igihe Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zasenyuka mu 1991, bine mu vyahoze ari intara z’Ubumwe bw’Abasoviyeti zisanze zitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

Mariana Budjeryn wo ku kigo Belfer Center ca kaminuza ya Harvard, agira ati: “Ububiko bw’ibirwanisho vya nikleyeri vy’Abasoviyeti n’ibindi vyose bijanye navyo, vyari ibintu vy’ibanga rikomeye kandi bigenzurirwa hejuru.

“Hariho rero ukuntu ibi bihugu bishasha vyari biherutse kuronka ubwigenge vyariko birarondera ingene bibishira mu minwe yavyo no kumenya neza na neza ivyari bisanzwe biri ku butaka bwavyo.”

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ukraine yarazwe ibirwanisho vyinshi vy’ubumara bikoreshwa mu ntambara (Armes nucléaires tactiques/Tactical nuclear weapons) – imitwe y’ibirwanisho ifise ibisasu vy’ubumara yababa ibihumbi bibiri, hamwe n’ibisasu vya misire vyambukiranya imigabane biharurwa mu 200, be n’indege zitera ibibombe ruhonyanganda zaharurwa muri mirongo.

Ibi vyari mu murundo w’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara vy’Abasoviyeti vyari bigenewe gutera Uburengero – mbere na mbere Amerika – mu gihe ca ya ntambara y’ukwikekana (Guerre froide/ Cold war).

Ukraine yari yafashije mw’ihingurwa ry’ibi birwanisho, rero yategerezwa gufata ingingo kw’ikoreshwa ryavyo. Hariho ingorane zimwe zimwe.

Marion Messmer wo mu kigo Chatham House ati: “Vy’ukuri vyari kuba ingorane kuri Ukraine kuguma ifise igice c’ububiko bwayo bw’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, canke bwose, ahanini bikaba ari ukubera ko ikoreshwa ryavyo ryagenzurwa n’Uburusiya.”

Hanyuma kandi, mu gihe Ukraine yari ihanganye n’ingorane zikomeye z’ubutunzi mu myaka ya 1990, kubungabunga ibi birwanisho vyari kuyisaba uburyo bwinshi cane.

Hejuru y’ibi, impanuka ya nikleyeri ya mbere mbi yabaye ku kigo c’ahitwa Chernobyl/Tchernobyl mu buraruko bwa Ukraine ku wa 26 Ndamukiza (4) 1986 igahitana nibura 28 mu bakozi 600 bakora kuri iki kigo, yari ikiri mu mitwe y’abantu. Rero ikintu ico ari co cose cari kijanye n’inguvu za nikleyeri nticashobora kwakirizwa yompi.

Ariko gusa, ingorane ikomeye cane yari ishingiye kuri poritike.

Messmer ati: “Amerika n’Uburusiya, vyompi vyaragize uruhara rudasanzwe mu gutera igitsure kinini Ukraine kugira ngo ihebe ibirwanisho vyayo vya nikleyeri.”

Ico gihe, buri ruhande rwari rufise intego yarwo.

Amerika yari ifise impungenge ku ntambara z’akarere zaboneka ko zashobora kwaduka, ikabona rero ko ibirwanisho vya nikleyeri vyari kwisanga mu minwe atari yo.

Muri rusangi, Amerika ntiyashaka ko hagira ibindi bihugu bitunga ibirwanisho vya nikleyeri, kandi ibi vyari bijanye n’intego y’Uburusiya.

Budjeryn ati: “Uburusiya bwararwanira n’inguvu zabwo zose kuba ari bwo bwonyene bwokwiganzira ibirwanisho vyose vya nikleyeri vyari bitunzwe n’Ubumwe bw’Abasoviyeti, kandi rero, kuri iki, Uburusiya na Amerika vyavuga rumwe.”

Bivuye kuri iki gitsure yaguma iterwa, Ukraine yahavuye yemera gusubiza ibirwanisho vyayo vyose vya nikleyeri, hanyuma nayo igahabwa ibitoro vy’ibigo vya nikleyeri vyo guhingura umuyagankuba, imfashanyo mu vyo ubutunzi, yongera kandi yizezwa na Amerika, Ubwongereza n’Uburusiya, ko umutekano wayo uzokwubahirizwa.

Ni co gituma ku wa 5 Kigarama (12) 1994, Ukraine yateye igikumu ku masezerano ya Budapest (Budapest ni umugwa mukuru wa Hongrie).

Ukraine yijejwe ko ubwigenge n’ubusugire bw’ubutaka bwayo vyari kwubahirizwa – kandi ko ibihugu vyateye igikumu kuri ano masezerano bitari kwigera bikoresha inguvu kuri yo.

Kubera icizere yari ifitiye ano masezerano, Ukraine yaravuye mu murwi w’ibihugu bitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara. Yaciye irungika ibisasu vyose vya nikleyeri mu Burusiya, yikura n’ibisasu vya misire n’indege zitera ibibombe ruhonyanganda, yongera isambura n’ibigo vyose vyo kurasa ibi bisasu.

Ariko inyuma y’imyaka 20, Uburusiya bwarigaruriye intara ya Crimeée/Crimea buhonyanze amategeko, bwongera butangura gushigikira intambara y’imirwi yitwaje ibirwanisho mu buseruko bwa Ukraine.

Uburusiya bwashimangira ko butahonyanze amasezerano ya Budapest.

Budjeryn ati: “Ibihugu vy’Uburengero nta kibanza kinini vyahaye uru rwandiko. Rwashizwe ku ruhande.”

Muri Ruhuhuma (2) 2022, igisirikare c’Uburusiya carateye Ukraine, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya anagabisha ko ashobora gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara. Uburusiya bwavuga ko iki gitero cabwo catewe n’impungenge bufise ku mutekano wabwo.

None ni kubera iki ano masezerano atakingiye Ukraine?

Messmer agira ati: “Kimwe mu vyatumye amasezerano ya Budapest aba impfagusa ni igipfungu cari muri yo. Iki gipfungu cari gihagaze cane cane ku kibazo c’uko ivyo yemerewe ku mutekano wayo vyari ibintu bitagengwa n’amategeko.”

Ni na cogituma benshi mu banyagihugu ba Ukraine ubu bipfuza kwinjira mu runani OTAN/NATO rwo kurwaniriza umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy’Uburengero, bakizera ko ari ho bokingirwa gusumba.

Gusa, ikibazo kihari ni ukumenya nimba OTAN yiteguriye kwakira Ukraine, mu gihe icuka kibi hagati y’Uburusiya n’ibihugu vy’Uburengero caduze ku rugero rudasanzwe.