Uburusiya mu myimenyerezo y’ibirwanisho vya nikleyeri inyuma y’amajambo y’abategetsi b’Uburengero

Ibisasu vya nikleyeri vy'Uburusiya vyo mu bwoko bwa Yars vyerekanywe i Moscou biri mu myimenyerezo yo kwitegurira ibirori vyo guhimbaza Umusi w'Instinzi muri ino ndwi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibisasu vya nikleyeri vy'Uburusiya vyo mu bwoko bwa Yars vyerekanywe i Moscou biri mu myimenyerezo yo kwitegurira ibirori vyo guhimbaza Umusi w'Instinzi muri ino ndwi

Uburusiya bwatanguye kwitegurira imyimenyerezo y’ikoreshwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara hafi ya Ukraine inyuma y’amajambo “y’iterabwoba” yavuzwe n’abategetsi b’igihugu vy’Uburengero.

Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) Dmitry Peskov avuga ko amajambo aherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron hamwe n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire David Cameron ari "intambwe nshasha yerekana ko icuka kibi kiriko kirarenga inkombe".

Mu ndwi iheze, Macron yavuze ko bibaye ngombwa yorungika ingabo mu gihe Ukraine yobisaba, Cameron na we akaba yavuze ko Ukraine ifise uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho ihabwa n’Ubwongereza mu bitero vyayo ku butaka bw’Uburusiya.

Ku wa mbere, umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire yavuze ko “amajambo y’uguturira” ya Cameron ateye kubiri n’inshingano z’Ubwongereza z’uko ibisasu vya misire vyarungikiwe Ukraine bitazokoreshwa ku butaka bw’Uburusiya, akerekana ko ubu Ubwongereza "bwinjiye muri ino ntambara".

Ubu bushikiranganji buvuga kandi ko mu kwishura ku bitero vya Ukraine ku Burusiya hakoreshejwe ibirwanisho vy’Ubwongereza hashobora kubamwo gutera ku bibanza n’ibikoresho vya gisirikare vy’Ubwongereza ivyo ari vyo vyose ku butaka bwa Ukraine no hanze yayo.

Buvuga kandi ko amajambo ya Macron y’uko Ubufaransa bushobora kurungika ingabo muri Ukraine ashobora gufatwa ko "bwiteguriye guhangana n’Uburusiya amaso mu yandi".

Ejo ku wa mbere abaserukira ibihugu vy’Ubufaransa n’Ubwongereza mu Burusiya bompi bararengukishijwe.

Itororokanirizo ry’amakuru TASS ryo mu Burusiya rivuga ko Perezida Vladimir Putin ari we nyene yategetse iyi myimenyerezo yo gukoresha ibirwanisho vy’ubumara bikoreshwa ku rubuga rw’intambara (Armes nucléaires tactiques/Tactical nuclear weapons) .

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yitezwe gutangura "ubu bwa vuba" kandi igashobora kubamwo ingabo zikoresha ibisasu vya misire hamwe n’izirwanira mu kirere no mu mazi.

Ibirwanisho vy’ubumara bikoreshwa ku rubuga rw’intambara ni ibirwanisho vya nikleyeri bito bito bikoreshwa mu gusambura ibibanza vy’umwansi mu karere kanaka bitarinze guteza ingaruka mbi zikomeye z’ivyuka vy’ubumara.

Ku rundi ruhande, ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara binini binini vyagenewe gukoreshwa ku ntera ndende - nk’akarorero hagati y’imigabane. Uburusiya bwama bukora imyimenyerezo ijanye n’ikoreshwa ryavyo.

Mu kwa kane, umukuru w’igihugu ca Biélorussie/Belarus, Alexander Lukashenko, yavuze ko hari "ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara binini binini bitari bike" bibitswe ku butaka bw’igihugu ciwe.

Umuvugizi w’igisata kijejwe igendereza mu gisirikare ca Ukraine arahakana ko ata myimenyerezo ya nikleyeri Uburusiya bushobora gukora, akavuga ko ari "iterabwoba gusa ryo kwerekana ko bufise inguvu za nikleyeri".

Ariko umuvugizi wa OTAN/NATO Farah Dakhlallah avuga ko ibi ari "ibintu biteje akaga kandi vy’ukutagira ico wibanga" kandi ko OTAN "imeze magabo".

Inyuma y’umubonano w’i Paris (umugwa mukuru w’Ubufaransa) hagati ya Macron na Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa, umukuru w’Ubumwe bwa Bulaya, Ursula von der Leyen, avuga ko yizeye ko Xi azofasha mu kugabanya amajambo “y’ubusamazi” y’iterabwoba ry’Uburusiya ashingiye ku birwanisho vya nikleyeri.

Iri terabwoba ry’Uburusiya rije mu gihe kuri uno wa kabiri ari ho hategekanijwe ko Perezida Vladimir Putin arahirira ikiringo kigira gatanu nk’umukuru w’iki gihugu.

Ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe imigenderanire buvuga ko butazosubira gufata Vladimir Putin nk’umukuru w’igihugu inyuma y’irahira ryiwe, buca busaba n’ibindi bihugu gukurikiza aka karorero.

Hagati aho, isoko ryo mu bushikiranganji bw’imigenderanire bw’Ubufaransa risubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivuga ko uwuserukira Ubufaransa muri ico gihugu yitaba ibi birori.

Ubudagi hamwe n’ibindi bihugu bitari bike vya Bulaya vyanse kurungika intumwa zavyo.