Ni gute Uburusiya bwashoboye guhangana n’ibihano bwafatiwe kubera intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu kwezi guheze, Abarusiya bitabiriye amatora, aho batoye umukuru w’igihugu cabo.
Nta bitangaza vyari vyitezwe kuko vyaragaragara neza ko ari Vladimir Putin yategerezwa kuyatsinda kugira abandanye arongora Uburusiya.
Ayo matora yabaye mu gihe kidasanzwe c’intambara yo muri Ukraine, Uburusiya buri mu bihano vy’Uburengero hari kandi n’impungenge kuri kazoza k’ubutunzi bwabwo.
Faisal Islam, umunyamakuru wa BBC mu bijanye n’ubutunzi, arakora umwihwezo.
Hari muri Ruhuhuma (2) 2022. Ifaranga ry’Uburusiya (rouble/ruble) ryarakorotse, agaciro k’ikompanyi Gazprom ricukura gaze n’ako ibanki Sberbank i Londres karakorotse ku rugero rwa 97%.
Hatanguye kwibonekeza imirongo miremire ku mamashini atanga amahera (ATM) i Moscou. Abatunzi bakomakomeye b’Uburusiya baratswe amato, imirwi y’umupira w’amaguru, amazu eka n’amakarata ya banki. Uburusiya bwagiye mu bibazo bikomeye cane vy’ubutunzi.
Ibi vyabaye ingaruka zihuta z’ingingo zidasanzwe z’Uburengero zo kugerageza kuboha Uburusiya mu vyo ubutunzi inyuma y’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.
Mu ngingo nyamukuru bwafatiwe harimwo ifatirwa ry’amatungo ya reta mu mabanki yo hanze, cane cane ifatirwa ry’imiriyaridi 300 z’amadorari y’Abanyamerika yegukira ibanki nkuru y’Uburusiya.
Amareta y’Uburengero yaririnze gukoresha amajambo ngo "intambara y’ubutunzi", ariko vyaraboneka neza ko yari mu ngwano y’amafaranga n’Uburusiya. Yari yo nzira nziza gusumba uguhangana gisirikare hagati y’ibihugu bitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
Imyaka ibiri irarangiye intambara itanguye kandi hari impinduka ikomeye yabaye muri uru rwego rw’ubutunzi.
Mu kiganiro yagiranye n’abanyamakuru, umukuru w’igihugu Vladimir Putin yarishimye cane avuga ko ubutunzi bw’Uburusiya ari bwo bwa mbere bwiyongera ku mugabane wose wa Bulaya.
Mu kwa kabiri, ikigega mpuzamakungu FMI carerekanye ingene ubutunzi bw’Uburusiya bukomeye aho cerekana ko muri uno mwaka buzokwiyongera kuva kuri 1.1% gushika kuri 2.6%.
Nk’uko ibiharuro vya FMI bivyerekana, mu mwaka uheze wa 2023 ubutunzi bw’Uburusiya bwaraduze ku muvuduko usumba kure cane uwa G7 yose kandi no muri uno mwaka wa 2024 niko bizogenda.
Ibi si ibiharuro gusa.
Kuba ata ntambwe Ukraine yateye ku rugamba mu mwaka uheze hamwe n’uko vyitezwe ko intambara izodindira ku rubuga mu mpera z’uyu mwaka bihuriranye n’uko ubutunzi bw’Uburusiya bwasubiye kwongerereza inguvu igisirikare, na cane cane mu kwubaka ibirindiro vyo kwivuna ku rwasiro mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine.
Ubutunzi bw’Uburusiya burashobora kubandanya bwiyongera?
Abategetsi b’Uburengero babona ko uno mukenyuro udashobora kubandanya mu gihe ca vuba. Ariko ikibazo kihari ni iki: none ubu butunzi buzokwihagararako gushika ryari?
Uburusiya bwarahinduye ubutunzi bwabwo bubugira ubwo mu gihe c’intambara. Urugero rw’amafaranga akoreshwa mu rwego rw’umutekano ni rwo rwa mbere runini kuva intwaro y’abasoviyeti isenyutse.
Urugero rwa 40% y’amafaranga akoreshwa mu gisirikare no mu rwego rw’umutekano, ni urwo ku gihe c’intwaro y’icahoze citwa Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Ibindi bisata vya reta vyaragabanirijwe amafaranga bikoresha kugira ngo afashe mu guhingura ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe, ibisasu vya misire hamwe no gutsimbataza ibirindiro mu turere twa Ukraine bwigaruriye.
Hejuru y’ibi, nubwo Uburengero bwafashe ibihano, ibitoro na gaze bibandanya vyinjiza amafaranga mu bigega vya reta.
Amakonteneri y’ibitoro ubu aja mu Buhindi no mu Bushinwa kandi hafi vyose bikarihwa mu mafaranga y’Ubushinwa, yuan, aho kurihwa mu madorari ya Amerika.
Igitoro cimburwa n’Uburusiya kiracari ku tugunguru imiriyoni 9.5 ku musi, urugero ruri musi gato y’urw’imbere y’intambara.
Igihugu carazungurutse ibihano mu kugura no kugurisha amajana n’amajana y’amakonteneri y’igitoro.
Mu kwa kabiri, ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwatangaje ko amakori yegeranijwe mu kwa mbere ku gitoro yasumvye ayegeranijwe mu kwa mbere kwa 2022, imbere y’uko intambara itangura.
Amafaranga mvamakungu abandanya yinjira biciye mu gitoro, gaze na diyama vy’Uburusiya yafashije kugabanya ingorane ziterwa n’igabanuka ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburusiya.
Abategetsi b’Uburengero bashimangira ko ibi bidashobora kuzomara igihe kirekire, ariko bakemeza ko vyagize ingaruka.
Umwe mu bategetsi ba kimwe mu bihugu rutura yavuze mu mwiherero ati: " Umwaka wa 2024 uzoba mwiza cane kuri Putin gusumba uko tuvyibaza. Yarashoboye kunagura inganda ziwe gusumba uko twavyibaza”.
Uburusiya bwarahinyutse

Ahavuye isanamu, Reuters
Ariko, uburyo ubutunzi bwaduze bwatumye Uburusiya buboneka ko bugendera cane ku mafaranga ava mu gitoro, ku Bushinwa be no ku buryo bukoreshwa mu ntambara ariko ataco bwinjiza.
Mu mwaka uza, igihe igitoro na gaze bizoba bironderwa cane hanyuma ibihugu vy’abakeba vyo mu kigobe c’Abarabu bigafata iya mbere, Uburusiya buzohinyuka.
Iduga ry’umwimbu rusangi mu gihugu (PIB/GDP) uva mw’ihingurwa ry’ibimodoka vy’intambara be n’ibisasu vya muzinga biza guturikira mu karere ka Donbas mu buseruko bwa Ukraine na ryo nyene nta karusho ritanga.
Hagati aho, Uburusiya bwaranyazwe bamwe mu ncabwenge z’igihugu.
Amayeri y’Uburengero ntiyabaye ayo kwugarana ubutunzi bw’Uburusiya, ahubwo yabaye ay’umukino w’akayabu n’akagomba yo kubuzibirira inzira z’ubuhinga, kuduza ibiciro, kuzibira inzira z’ubutunzi no gutuma igihugu kizoteba kikaruhishwa n’intambara muri kazoza.
"Twashaka ahubwo ko Uburusiya bukoresha amafaranga yabwo mu kugura igitoro aho kugura imodoka z’intambara”, niko umutegetsi wa Amerika avuga.
Kw’isoko ry’igitoro, poritike si ukugerageza kubuza Ubuhindi nk’akarorero kugura igitoro c’Uburusiya, ahubwo ni ukurondera kugabanya inyungu ziva muri uru rucuruza kugira ntizisubire mu minwe ya Putin kugira ngo azikoreshe mu ntambara.
Ariko uku kwivyukiranya no kwihagararako bishobora kumara nibura igihe gisigaye c’uno mwaka.
Ariko kandi ibi bishobora gufasha Kremlin mu mikenyuro yayo yo kurindira ko umukuru w’igihugu yohinduka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika be n’igabanuka ry’imfashanyo ya gisirikare Uburengero buha Ukraine.
Amatungo yafashwe
Nico gituma ubu igikuru ari ukuraba uruhara nyamukuru aya majana y’amamiriyaridi y’Uburusiya yafashwe.
Mu kwa kabiri, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yambwiye ati: "Nimba imiriyaridi 300 z’amadorari y’Abanyamerika yarafashwe n’amakungu, kubera iki tutoyakoresha?" Aya mafaranga yose yafashwe yari akwiye gukoreshwa mu twigoro two gusanura Ukraine, nk’uko abivuga.
Abashikiranganji b’Ubwongereza, uw’ikigega ca Reta Jeremy Hunt be n’uw’imigenderanire David Cameron, barashigikira iyi ngingo.
Cameron yamwbiye ati: "Twarafashe ano matungo. Ariko ikibazo ni, none tuzoyakoresha?"
Cameron avuga ko "ari nka hamwe yoramuka akoreshejwe, yoba ayo kuriha ibikorwa vy’ugusanura ivyasambuwe n’Uburusiya" muri ino ntambara yabwo iteye kubiri n’amategeko bwateje kuri Ukraine.
Ihuriro G7 rihurikiyemwo ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi ryasavye abarongoye amabanki makuru y’ibihugu birigize gutegura umwihwezo ushingiye ku buhinga n’amategeko. Ibi bisigura ko ari ikibazo kibaraje ishinga.
Ariko hari umurwizatunga umwe yambwiye ko hari igihamana kibi co gukoresha idorari nk’ikirwanisho. Mu bisanzwe, amabanki arafise uburenganzira bwo kwifatira ingingo ku bijanye n’ikoreshwa ry’amadorari.
Umugambi umwe uriko urategurwa ni uwo gukoresha amafaranga canke inyungu ku mitahe mu kwegeranya amamiriyaridi yo guha Ukraine.
Ariko rero, aha harimwo ingorane. Nimba amatungo y’Uburusiya afashwe, ni ubuhe butumwa ibindi bihugu biharonkera, aha ni nko mu Kigobe c’Abarabu, muri Aziya yo hagati canke Afrika, ku vyerekeye umutekano w’amatungo yavyo mu mabanki makuru y’Uburengero?
Ubu bucuti ni kimwe mu bigize ishingiro ry’ubutunzi kw’isi, aho amajana n’amajana y’amamiriyaridi y’amadorari akoreshwa mu kuriha igitoro kw’isi.
Putin nta nkeka ko ashaka kwerekana ko Ubushinwa ubu buriko buraboneka nk’ayandi mahitamwo ku bihugu biriko biratera imbere, aho kwishinga Uburengero.
Abarusiya kandi bavuga ko bazofata ingingo bahabwa n’amategeko ku matungo ayo ari yo yose yafashwe kandi ko nabwo buzofata amatungo y’amakompanyi y’Uburengero ari mu mabanki y’Uburusiya.
Kumenya urugamba ruriko rurarwanirwa ku butunzi bw’Uburusiya ni nkenerwa kugira ngo utahure iyo iyi ntambara n’ubutunzi bw’isi biriko biratera bija.
Intambara y’Uburusiya mu butunzi ntishobora kumara igihe kirekire, ariko yahaye iki gihugu akandi kanya keza. Uburengero buri mu kwongereza akariro inyuma y’aho Uburusiya bwivyukiranije mu buryo butari bwitezwe.
Uravye ingene ubutunzi bw’isi bwubatse, ishusho nyayo y’iyi ntambara yo mu rwego rw’ubutunzi izogira ingaruka zikomeye zirenga Uburusiya na Ukraine.













