Uburusiya burahiga ko buzokwishura 'mu buryo nyabwo' hagize misire ya Amerika yoraswa ku butaba bwabwo

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Paulin Kola
- Igikorwa, BBC News
Uburusiya buvuga ko ari nka hamwe Ukraine yohirahira igakoresha ibisasu vya misire vya Amerika biraswa kure buzokwishura mu buryo “bubereye kandi bugaragara”.
Itangazo ry'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire rivuga ko igitero nk'iki ku butaka bw'Uburusiya "cokwerekana uruhara rutaziguye rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'incuti zayo mu ntambara n'Uburusiya".
Perezida Joe Biden aherutse gutanga uburenganzira bwo gukoresha misire za Amerika ku butaka bw'Uburusiya mu mpinduka zikomeye muri poritike ya Amerika - mu gihe hasigaye amezi abiri ngo ashikirize ubutegetsi.
Ntibizwi neza nimba umusubirizi wiwe Donald Trump aherutse gutsinda amatora y'umukuru w'ico gihugu yoba yarabajijwe canke nimba azobandanya akorera kuri iyi ngingo, mu gihe yiyemeje kurangiza ino ntambara hagati y'Uburusiya na Ukraine.
Ukraine yarahawe na Amerika ibisasu vyo mu bwoko bwa ATACMS (Army Tactical Missile System) bishobora gushika ku ntera y'ibirometero 300 - hamwe n'ibindi vyo mu bwoko bwa Storm Shadow yahawe n'Ubufaransa be n'Ubwongereza, na vyo nyene bishobora gushika kuri iyo ntera - ariko incuti zayo z'Uburengero zarayibujije kurasa ku butaka bw'Uburusiya ikoresheje ibi bisasu.
Ingingo ya Biden yo gukuraho izi nzitizi ni igihe kidasanzwe muri ino ntambara uno musi ku wa kabiri yujuje imisi 1000.
Uburusiya bwagomoreye ingabo kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022.
Muri iki gihe bwongereje akariro ku bibanza remezo vya Ukraine mu gihe ubu bisa n'uko ata ruhande na rumwe rwiganziye urubuga rw'intambara.
Iyi ngingo ya Amerika kandi ikurikiye umuzo w'ingabo za Korea ya Ruguru zirenga 10.000 mu ntara ya Kursk iri mu burengero bw'Uburusiya, mu ntumbero yo gufata mu mugongo ingabo za Perezida Vladimir Putin.
Amakuru ataremezwa neza avuga ko Korea ya Ruguru ishobora kurungikira incuti yayo ingabo zishika 100.000 ziyongera kuri vya muzinga n'ibindi birwanisho.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko bishoboka ntihabe itangazo risohoka ku mugaragaro rivuga ivy'ama masezerano na Amerika, aho ku wa Mungu yavuze ati: "Ibi bisasu vya misire ni vyo bizokwivugira vyo nyene".
Mu ntango Ukraine ishobora gukoresha ATACMS muri Kursk - mu gihe hari amakuru avuga ko Amerika yoba yategetse ikoreshwa ryazo muri iyo ntara gusa nk'ikimenyetso co kubuza Korea ya Ruguru kurungikira imfashanyo Uburusiya.
Mu bihugu vy'Uburengero, ingingo ya Biden yo kwemerera Ukraine gukoresha ibi bisasu vya misire biraswa kure - ishobora gukurikirwa n'iyindi nk'iyo nyene y'Ubwongereza n'Ubufaransa - iriko ibonwa nk'inzira yo kwereka Perezida Putin ko adashobora gutsinda ino ntambara yo muri Ukraine gisirikare.
Putin ntaco ubwiwe arashikiriza kuri ino ngingo.
Muri Nyakanga (9), uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya yavuze ko ikoreshwa ry'ibi bisasu na Ukraine ryoba ryerekanye "uruhara rutaziguye" rw'ibihugu vya OTAN/NATO muri ino ntambara.
Ejo ku wa mbere, umuvugizi wa Putin yavuze ko Amerika iriko "yunyura ibintu muri ino ntambara".
Ariko Jon Finer, icegera c'umuhanuzi mukuru wa Amerika mu vy'umutekano w'igihugu, yavuze ko Amerika yatomoreye "neza Abarusiya ko tuzokwishura" - kw'irungikwa ry'ingabo za Korea ya Ruguru hamwe no ku bitero vyo mu kirere "birenze urugero" ku bikorwa remezo vya Ukraine.
Impera y'indwi iheze yaranzwe n'urutavanako rw'ibitero vy'Uburusiya ku masoko ntanganguvu ya Ukraine, vyatumye igice kitari gito c'igihugu kibura umuyagankuba. Abantu batari bake barishwe abandi barakomereka.
Ku wa mbere, igitero c'Uburusiya i Odesa cishe abandi bantu 10 gikomeretsa abandi bababa 50.
Donald Trump ntaco aravuga kuri ino ngingo ya Biden gushika ubu.
Aherutse gutsinda bikomeye mu matora yo ku wa 5 Munyonyo (11), akazoshikirizwa ubutegetsi ku wa 20 Nzero (1) 2025.
Trump yemereye igihugu ko azohagarika uruhara rwa Amerika mu ntambara zo hanze hanyuma agakoresha amahera y'abatangakori mu guteza imbere ubuzima bw'Abanyamerika.
Yavuze kandi ko azorangiza intambara yo muri Ukraine mu kiringo c'amasaha 24, ariko nta nsiguro atanga ku kungene azobigenza.
Zelensky aherutse kuvuga ko yiteze y'uko Trump azotera igitsure Ukraine n'Uburusiya kugira bishike ku masezerano mu mwaka uza.
Ingingo ya Biden yarashimagijwe na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa nk'intambwe "ikomeye cane".
Uru ruhusha rutanzwe na Amerika rushobora guha akaryo Ubufaransa n'Ubwongereza ko kwemerera Ukraine gukoresha ibisasu vya misire Storm Shadow ku butaka bw'Uburusiya.
Storm Shadow ni igisasu ca misire c'Ubufaransa n'Ubwongereza kiraswa kure kikaba gifise ubushobozi nk'ubwa ATACMS.
Gushika ubu, yaba Macron canke Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir, nta n'umwe aravuga ku mugaragaro nimba azokwemerera Ukraine gukoresha ibi bisasu ku rugero rumwe na ATACMS.
Hagati aho, umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping yasavye abategetsi b'ibihugu rutura “kugabanya ubukana bw'ikibazo ca Ukraine" bakarondera inyishu iciye mu nzira ya poritike, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyegamiye reta y'Ubushinwa.
Ubushinwa bwabaye incuti magara y'Uburusiya buriko burondera kugabanya ingaruka z’ibihano bwafatiwe na Amerika n’Uburayi kubera intambara bwatanguje kuri Ukraine.
Ubushinwa bubandanya buhakana ibirego vy'uko bwarungikiye ibirwanisho Uburusiya.










