'Drone y'Uburusiya yameneye mu cumba c'umukobwa wanje' - nta mahirwe yari afise yo kurokoka

Maria

Ahavuye isanamu, Facebook/Maria Troyanivska

Insiguro y'isanamu, Maria yari afise imyaka 14 igihe yicwa na drone y'Uburusiya
    • Umwanditsi, James Waterhouse
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Ukraine
    • Umwanditsi, Toby Luckhurst
    • Igikorwa, i Kyiv

Maria Troyanivska yari yatashe kare mw'ijoro ry'umusi indege y'Uburusiya itarimwo umudereva (drone) yakubita icumba ciwe.

Nyina wiwe Viktoria yabwiye BBC ati: “Yameneye mw'idirisha, igwa neza na neza mu cumba ciwe". Inyuma y'aho ikibombe giturikiye, we n'umugabo wiwe Volodymyr baciye biruka baja mu cumba cakurikira basanga icumba c'umukobwa wabo kiriko kirasha.

N'umwosori, agira ati: “Twaragerageje kuwuzimya ariko ibintu vyose vyariko birasha cane, ntivyakunda ko duhema, vyabaye ngombwa ko tuhava".

Iyi drone Shahed y'Uburusiya yiciye uno mukobwa w'imyaka 14 mu gitanda, mu nzu yabamwo i Kyiv mu kwezi guheze.

Nyina wiwe ati: “Yaciye apfa ubwo nyene, aca arasha. Vyabaye ngombwa ko duca tumushira mw'isandugu turamuhamba, Nta mahirwe yari afise yo kurokoka."

Drone y'Uburusiya yameneye mw'idirisha ry'icumba ca Maria, ica iramuhitana, icumba nco kirasha kiratokombera

Ahavuye isanamu, BBC/Kamil Dayan Khan

Insiguro y'isanamu, Drone y'Uburusiya yameneye mw'idirisha ry'icumba ca Maria, ica iramuhitana, icumba nco kirasha kiratokombera

Uburusiya buriko burongereza cane ibitero vy'amadrone kuri Ukraine. Ayarenga 2000 ni yo yarungitswe muri Gitugutu (10), nk’uko bivugwa n’abakuru b’ingabo za Ukraine - igitigiri kinini kitari bwigere kiboneka muri ino ntambara.

Aya makuru nyene avuga ko Uburusiya bwarekuye amadrone 1410 muri Nyakanga (9), hamwe na 818 muri Myandagaro (8) - birenze kure cane kuri 1100 yarungitswe mu kiringo cose c'amezi atatu imbere y'aho.

Ibi biri mu rwego rwo kwivyukiranya kw'ingabo z'Uburusiya. Ubu ziriko zirasatira mu mpande zose z'urwasiro. Ingabo za Korea ya Ruguru na zo zinjiye mu ntambara ku ruhande rw'Uburusiya.

Ni mu gihe ingabo za Ukraine zacitse intege kandi zarushe n’intambara zitabona neza ingene incuti y'iki gihugu yahora iyiha imfashanyo ya gisirikare nini cane gusumba ibindi bihugu vyose igiye kwifata, inyuma y'aho Donald Trump atsindiye ikiringo kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Menshi mu madrone y'Uburusiya agwa nk'imvura kuri Ukraine ni ayo mu bwoko bwa Shahed ahingurwa na Irani.

Uburusiya kandi bwatanguye kurungika amadrone y'ububeshi, atagira ibiturika, kugira ngo ateshe umutwe ingabo za Ukraine zirwanira mu kirere mu ntumbero yo kuzisesaguza amasasu.

Ugereranije n'ibisasu vya misire, atwara uburyo buke mu kuyahingura, akoroha kurasa kandi akaba afise intego yo guca intege umwansi.

Buri joro Abanya-Ukraine baja kuryama amaterefone yuzuye amatangazo abagabisha, amadrone nayo anyagara mu gihugu cose agateza inzamba zo kugabisha.

Hanyuma buri gitondo, bavyuka bashikira ku makuru y'ikindi gitero. Kuva mu ntango z'uku kwezi kwa Munyonyo kwonyene, amadrone aramaze gukubita Kyiv, Kharkiv, Odesa, Mykolaiv na Zaporizhzhia.

Ku wa Mungu, Uburusiya bwarekuriye kuri Ukraine amadrone 145, nk'uko Perezida Volodymyr Zelensky yabitangaje - igitigiri ca mbere kinini ku musi umwe rudende kuva intambara yaruye yadutse.

Kuri uwo musi, Ukraine yavuze ko yashoboye gukorora amadrone 62, ayandi 67 nayo "aratakara" - bigasigura ko ashobora kuba yarakorowe n'ubuhinga bwa elektroniki canke ntashobore kubonwa n'ivyuma bicungera ikirere (radar).

Ingabo za Ukraine zirwanira mu kirere ntizorohewe mu guhangana n'ukwiyongera kw'ibi bitero vy'amadrone.

Mykhailo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Sereja Mykhailo Shamanov, umuvugizi w'ubutegetsi bwa gisirikare mu gisagara ca Kyiv, yabwiye BBC ati: “Gushika ubu turacazisamira hejuru. Ndizeye ko tuzobandanya tuzisamira hejuru".

Mu gihe avuga ko Uburusiya buriko bugerageza gutera ibigo vya gisirikare, "intego nyamukuru ni ugutera ubwoba abasivire".

Barazi ko Uburusiya buzobandanya bwongereza ibi bitero, nk'uko abivuga - ari co gituma reta idahengeshanya gusaba incuti zayo z'Uburengero ibindi birwanisho vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Ni naco gituma kandi Ukraine irindiranye umwikomo kubona ingene Trump aherutse gutorwa ngo arongore Amerika azovyifatamwo muri ino ntambara ni yamara kurahira.

Asigura ati: “Nubwo ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bukora neza, ibisigarira vy'amadrone n'ibisasu vya misire biragwa ku gisagara. Biteza imiriro, bigasambura ivyo bisambura, rimwe na rimwe bigahitana n'abantu.

“Buri joro ni itombora - aho gikubita, aho kirasirwa, aho kigwa hamwe n'ibishika".

Vitaliy

Ahavuye isanamu, BBC/Kamil Dayan Khan

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Vitaliy zihanganye n'ibitero vyo mu kirere mu micungararo ya Kyiv

Vitaliy n'ingabo ziwe ntibagira aho babarizwa - ibirwanisho vyo kurasa aya madrone ya Shahed bitwarwa n'amakamyo atagira imikogote, ibi bikabatuma boroherwa kubikoresha.

Ati: “Tugerageza kuneka, kwiruka, gusiga drone hanyuma tukayisambura".

Biragaragara ko iki gikorwa kiriko kiriha inkumbi.

Ati: “Mu mezi atandatu aheze, twaharura amadrone 50 ku kwezi. Ubu iki gitigiri cariyongereye gushika ku madrone 100, buri joro".

Imisi yavyo na yo nyene igenda irehuka. Igihe Uburusiya bwakoresha cane cane ibisasu vya misire mu gutera Ukraine, inzamba zo kugabisha zashobora kumara amasaha nk'atandatu, nk'uko ino ntwazangabo ibivuga. Ati: "Ubu, zimara hafi amasaha 12 canke 13.

Vitaliy arerekana icizere imbere y’ingabo ziwe, aho avuga ko bashobora guhangana n’ivyo vyose Abarusiya bashobora kubarasisha iyo baronkejwe ibirwanisho bivuye mu ncuti zabo z'Uburengero.

Avuga ati: “Abahungu bacu boshobora mbere no guhangana n’amadrone 250 [mw’ijoro rimwe].

Ariko ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bushobora gukora gusumba aho.

Abanya-ukraine bazobandanya kubabara gushika Uburusiya buhagaritse ibitero vyabwo n’ibitero vyo mu kirere ku bisagara.

Viktoria avuga ko ubuzima bwabo bugabuwemwo imice ibiri, uw'imbere n'uw'inyuma y'urupfu rw'umukobwa wabo.

Ubu baba ku mugenzi inyuma y'aho inzu yabo isamburiwe. Avuga ko baryama muri korodoro mw''ijoro kugira ngo bikinge ibitero vy'urutavanako vy'amadrone.

Viktoria

Ahavuye isanamu, BBC/Kamil Dayan Khan

Insiguro y'isanamu, Viktoria avuga ko ubuzima bwiwe bugabuwemwo imice ibiri, uw'imbere n'uw'inyuma y'urupfu rw'umukobwa wiwe

Ati: "Nivyo ko biruhisha, ariko bisa n’uko bituma abantu barushiriza gushavura, bikabatera uburakari, eka koko bikabashavuza. Kuko abantu vy’ukuri badashobora gutahura, cane cane muri iki gihe, ivyo bitero ku mazu y'abantu bibereye mu mahoro".

Volodymyr, se wa Maria, yabwiye BBC ati: "Si ntahura na gato icateje iyi ntambara n'ico igamije. None ifise insiguro nyabaki? Si ivyo kurondera amaronko, kwigarurira abantu canke ubutaka - atari abantu gupfa gusa".

“Ni ivyipfuzo bimwebimwe gusa vy’abantu barwaye.”

Hanna Chornous na Anastasiia Levchenko baterereye kuri ino nkuru.