Biden yahaye uruhusha Ukraine rwo kurasa ku butaka bw'Uburusiya ikoresheje misire za Amerika

Ahavuye isanamu, White Sands Missile Range
- Umwanditsi, Umunyamakuru mu vy'imigenderanire Paul Adams, na Kathryn Armstrong
- Igikorwa, BBC News
- Umwanditsi, Kathryn Armstrong
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, I Londres
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahaye uruhusha Ukraine rwo kurasa ku butaka bw'Uburusiya ikoresheje ibisasu vya misire biraswa kure yahawe na Amerika.
Avugana n'ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika, umutegetsi wo muri Amerika yemeje ko iyi ngingo ari impinduka ikomeye muri poritike ya Amerika.
Hari haciye amezi atari make Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine asaba ko amategeko abuza ikoreshwa ry'ibi bisasu vya misire bizwi nka ATACMS, afutwa - kugira ngo iki gihugu gishobore kubikoresha mu kurasa hanze y'imbibe zaco.
Ejo ku wa Mungu, yaragize ico ashikiriza kuri ano makuru, aho yavuze ko amakuru nk'ayo adatangazwa, ko ahubwo misire ari zo zivugira zo nyene.
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yari yagabishije ibihugu vy'Uburengero ku ngingo nk'iyi, avuga ko yoba igaragaje “uruhara rutaziguye” rw’uru runani rwa gisirikare rwa OTAN/NATO muri ino ntambara yo muri Ukraine.
Ntaragira ico ashikirije kuri aya makuru y'ejo ku wa Mungu, nubwo abandi banyaporitike bakuru b'Uburusiya bavuga ko ari ingingo ije kwunyura ibintu ku rugero rukomeye.
Ingingo ya Amerika ku bijanye na ATACMS ishingiye ku gukingira ingabo za Ukraine mu ntara ya Kursk mu Burusiya, aho ingabo zayo zinjiye giturumbuka mu gitero cazo muri Myandagaro (8).
Mu vy’ukuri, ubutegetsi bwa Biden buriko burabwira Ukraine ko buzoshigikira utwigoro twayo two kugumya aka gace gatoyi k’Uburusiya yigaruriye gushika ubu, nk'icishimikizo gikomeye ku biganiro vyose bishobora kuba muri kazoza.
Serhiy Kuzan arongoye ikigo c’Umutekano n’Imigenderanire ca Ukraine gifise icicaro ku mugwa mukuru Kyiv yabwiye BBC ko iyi ngingo ya Joe Biden “ihambaye cane” ku gihugu.
Ati: “Si ikintu kizohindura ino ntambara, ariko nibaza ko kizoha ubushobozi ingabo zacu bwo gushobora kuba ku rugero rumwe n'umwansi."
Ibisasu vya ATACMS bishobora gushika ku ntera y'ibirometero 300. Abategetsi ba Amerika batavuzwe amazina babwiye ibinyamakuru the New York Times na the Washington Post vyo muri Amerika ko ingingo yo kwemerera Ukraine gukoresha ATACMS ari inyishu ku ngingo y'Uburusiya yo kwemerera ingabo za Koreya ya Ruguru kuja kurwana muri Ukraine.
Kuzan avuga ko iyi ngingo y'ejo ku wa Mungu yaje imbere y’igitero c’ingabo z’Uburusiya na Koreya ya Ruguru cari citezwe, gifise intumbero yo kwirukana ingabo za Ukraine mu ntara ya Kursk mu Burusiya. Ico gitero cari citezwe mu misi mikeyi.
Ukraine yari yavuze imbere y'aha ko abasirikare bababa 11.000 ba Koreya ya Ruguru bari muri Kursk.
Ingingo ya Perezida Biden izotuma kandi Ubwongereza n’Ubufaransa bishobora guha Ukraine uruhusha rwo gukoresha ibisasu vya misile vya Storm Shadow biraswa kure ku butaka bw'Uburusiya.
Yaba Ubwongereza canke Ubufaransa, nta na kimwe kiragira ico kivuze kuri ino ngingo ya Biden.

Ahavuye isanamu, EPA
Mu kwezi guheze, Zelensky yaremeje ko Ukraine yari yakoresheje, ku ncuro ya mbere, ibisasu vya misire biraswa kure vyatanzwe na Amerika mu gutera ibibanza vy'Uburusiya mu buseruko bw'igihugu ciwe.
Ukraine imaze amezi atari make igerageza gusubiza inyuma ingabo z'Uburusiya zimaze igihe zitera intambwe nto nto mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko, zikaba zisugereje igisagara gikomeye ca Pokrovsk - igisagara ngirakamaro ku ngabo za Ukraine mu kuronswa uburyo.
Uburusiya bwarongereje kandi ibitero vyabwo vya za ndege zitarimwo abadereva (drones) kuri Ukraine. Muri Gitugutu (10), izirenga 2000 ni zo zarungitswe muri ibi bitero, nk'uko bivugwa n'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine - igitigiri ca mbere kinini muri ino ntambara.
Mw'ijoro ryo ku wa gatandatu, Uburusiya bwarakoze igitero gifatwa nk'ica mbere gikomeye inyuma y'amezi atari make, cahitanye abantu nibura 10. Ibisasu nka 120 n’ama-drone 90, ni vyo vyarekuriwe kuri Ukraine, nk'uko Zelensky abivuga.
Ibitero vyarabandanije ku mugoroba wo ku wa Mungu, aho abategetsi bo mu ntara ya Sumy - hafi y'urubibe rw'Uburusiya - bavuze ko abandi bantu umunani bishwe, harimwo abana babiri, inyuma y'uko igisasu ca misire kiguye ku nyubakwa y'uburaro.
Abategetsi b'Uburusiya mu ntara ya Bryansk iri ku rubibe bamenyesheje ko Ukraine yateye mw'ijoro ryo ku wa Mungu ikoresheje ama-drone, ariko ko ingabo zabwo zirwanira mu kirere zakoroye 26.
Ukraine imaze amezi atari make ivuga ko incuti zayo zitahaye iki gihugu ubufasha buhagije kugira ngo gishobore kwivuna uko bikwiye.
Mu gihe yiteze gushikiriza ubutegetsi muri Nzero (1) 2025, Joe Biden amaze igihe arondera kurungikira Ukraine iyindi mfashanyo yihuta.
Hari impungenge ko uwuzomusubirira, Donald Trump, azogabanya canke agahagarika iyindi mfashanyo yose. Avuga ko iyi mfashanyo ya gisirikare ari uruhombo ku butunzi bwa Amerika, mbere akavuga ko azohagarika iyi ntambara, ariko akaba adasigura ingene bizogenda.
Amerika ni co gihugu ca mbere giha igihuu ca Ukraine ibirwanisho vyinshi. Kuva intambara itanguye muri Ruhuhuma (2) 2022 gushika mu mpera za Ruheshi (6) 2024, yarungitse canke yiyemeza kurungika ibirwanisho n'ibikoresho bifise agaciro k’imiriyaridi 55.5 z'amadorari y'Abanyamerika, nk’uko bivugwa n’ikigo Kiel Institute for the World Economy, ishirahamwe ry’ubushakashatsi ryo mu Budagi.










