Intambara ya Ukraine: OTAN yemeza ko ingabo za Korea ya Ruguru zamaze gushika mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku ncuro ya mbere, OTAN/NATO yatangaje ko ingabo za Korea ya Ruguru ziza zaramaze kurungikwa mu Burusiya, ubu zikaba ziriko zirarwanira mu ntara ya Kursk iri ku rubibe, akarere ingabo za Ukraine zimaze igihe zirwaniramwo
Umunyamabanga mukuru w’iri huriro ryo kwivunira umwansi hamwe, Mark Rutte, avuga ko ubu ashobora kwemeza ko izi ngabo zamaze kurungikwayo inyuma y’amayinga aheze inzego z’igendereza zibitangaje, ni inyuma y’umubonano yagiranye n’abajejwe umutekano no kwivuna abansi ba Korea y’Epfo ejo ku wa mbere.
Uno munyamabanga mukuru wa OTAN avuga ko irungikwa ry’izi ngabo ryerekana ko “ibintu biriko birunyuka ku rugero rukomeye” hamwe n’ingendo “mbi cane yo kwagura” intambara y’Uburusiya muri Ukraine.
Mu ndwi iheze, Perezida Vladimir Putin ntiyahakanye ko izi ngabo zari zimaze gushika mu gihugu ciwe, inyuma y’amakuru yavuga ko Korea ya Ruguru yariko itegura kurungika ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo gufasha incuti yayo.
"Iyi ni ingingo y’igihugu cigenga", niko Putin yavuze, mu gukwepa ikibazo yari abajijwe mu kiganiro n’abanyamakuru.
Ati: "Twayikoresha canke tutayikoresha, hehe, gute, canke nimba twokorana imyimenyerezo, inyigisho canke tukabaha ubumenyi bumwe bumwe, ni twebwe biraba".
Ku majambo ya Rutte, ni bwo bwa mbere OTAN yemeje ku mugaragaro ko ingabo za Korea ya Ruguru ziriko zirarwana mu Burusiya. Yavuze kandi ko Korea ya Ruguru yamaze kurungikira Uburusiya ibisasu vya misire biraswa kure hamwe n’amamiriyoni y’amasasu vyo gukoresha muri Ukraine.
Rutte avuga ko mu kuyisubiriza mu ndumane, Uburusiya na bwo bwiyemeje kurungikira Korea ya Ruguru ubuhinga bwa gisirikare n’izindi mfashanyo mu ntumbero yo kuyifasha guhangana n’ibihano yafatiwe n’amakungu. Ubu bucuti, nk’uko Rutte abivuga, “bubangamiye amahoro n’umutekano kw’isi”.
Amajambo yiwe y’uko ingabo za Korea ya Ruguru ziriko zirarwana i Kursk agiye guhagarika imitima abategetsi b’Uburengero.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, umukuru w’Inama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya, Ursula von der Leyen, yanditse ati: "Abasirikare ba Korea ya Ruguru barungitswe gufasha Uburusiya mu ntambara yabo bwatanguje. Iyi ni ingingo ije kwunyura ibintu kandi ibangamiye amahoro kw’isi".
Igitigiri c’ingabo za Korea ya Ruguru zarungitswe mu Burusiya ntikizwi neza.
Mu ntango z’uku kwezi, igisata ca Korea y’Epfo kijejwe igendereza catangaje ko abasirikare ba Korea ya Ruguru nibura 1500 bari bamaze gushika mu Burusiya.
Ejo ku wa mbere, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko ingabo zababa 10.000 za Korea ya Ruguru zarungitswe mu myimenyerezo mu buseruko bw’Uburusiya.
Umuvugizi w’ubu bushikiranganji Sabrina Singh avuga ko “agace gatoya” k’izi ngabo kari kamaze kurungikwa hafi ya Ukraine.
Avuga ko amakenga ya Amerika abandanya yiyongera ko Uburusiya bushobora gukoresha izi ngabo “mu ntambara canke mu gushigikira intambara y’Uburusiya ku ngabo za Ukraine mu ntara ya Kursk”.
Haraheze amezi arenga abiri ingabo za Ukraine n’iz’Uburusiya zitana mu mitwe muri ako karere, inyuma y’aho ingabo za Ukraine zinjiriye muri iyo ntara y’uburengero bw’Uburusiya mu gitero catangaje amakungu.
Bivugwa ko Uburusiya bwarungitse ibihumbi vy’ingabo muri iyo ntara kuzibira ingabo za Ukraine.
Iki gitero catumye ingabo za Ukraine zigarurira ubutaka bungana na kirometero kwadarato 250, ariko bisa n’uko intego yazo nyamukuru itakunze, iyi nayo ikaba yari iyo gutuma Uburusiya bukura igice kimwe c’ingabo zabwo mu buseruko bwa Ukraine.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Irungikwa ry’izi ngabo za Korea ya Ruguru muri Kursk rishobora gutuma ibintu bikomera ku ngabo za Ukraine zigeramiwe.
Umutegetsi wo hejuru wa Ukraine yabwiye ikinyamakuru New York Times ko ingabo zidasanzwe za Korea ya Ruguru zababa 5000 ari zo zari zitezwe kuba zashikiriye iz’Uburusiya muri ino ntara iri ku rubibe gushika ejo ku wa mbere.
Ku wa gatanu w’indwi iheze, Perezida Volodymyr Zelensky na we yavuze ko reta yiwe yari ifise amakuru yavuga ko izo ngabo zishobora kuba zashitse ku rubuga rw’intambara mu misi mike.
Amayinga atari make araheze abategetsi b’Uburengero bagabisha ko iyi ngingo ishobora gutuma ino ntambara ikomera.
Mu ndwi iheze, umukuru w’igihugu ca Biélorussie/Belarus Alexander Lukashenko – incuti magara ya Perezida Putin – yumvikanye nk’uwuvuga gutyo nyene. Yabwiye BBC ko iyi ngingo ishobora kuba “intambwe yotuma ibintuvyunyuka muri ino ntambara".
Korea ya Ruguru n’Uburusiya vyarakomeje ubucuti bwavyo kuva Uburusiya bwisanze bwataramuwe inyuma y’igitero cabwo kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022. Mu ntango z’uno mwaka, indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong Un yaragiranye amasezerano na Perezida Putin aho biyemeje gutabarana hagize “igiterwa” mu bihugu vyabo bibiri.
Amerika imaze kwagiriza akatari gake Korea ya Ruguru ko yarungikiye Uburusiya ibirwanisho bitari bike, harimwo ibisasu vya misire biraswa kure be n’inkoho zibirekura.
Ariko bamwe mu bahinga ntibabona urugero ingabo za Korea ya Rugugu zishobora gufasha Uburusiya. Hampande y’ingorane y’ururimi, ingabo za Korea ya Ruguru nta ntambara ziherutsemwo yotuma zimenyera urugamba, nk’uko babivuga.
Amasanamu abajejwe igendereza rya gisirikare ba Ukraine baherutse kuronka asa n’ayerekana ingabo z’Uburusiya ziserura amakenga ku bijanye n’ingene ingabo za Korea ya Ruguru zizoyoborwa n’ingene zizoronswa ivya nkenerwa.
Igitero ceruye c’Uburusiya ubu kimaze imyaka irenga ibiri n’inusu, Rutte akavuga ko ingabo z’Uburusiya zirenga 600.000 zimaze kwicwa canke gukomereka muri ino ntambara. Avuga ko Uburusiya budashobora “kubandanya intambara yabwo kuri Ukraine butaronse ubufasha buva hanze".
Ku ruhande rwiwe, Perezida Zelensky yavuze ejo ku wa mbere ko ingabo z’Uburusiya zababa 650.000 zimaze kwicwa canke gukomereka. Yabwiye ikinyamakuru The Times of India ati: "[Abarusiya] ntibashoboye gutora ibiziga vyabo... abantu babo bariko baraborera ku rubuga”.
Ibiharuro vy’abapfa n’abakomereka ntibikunze kuboneka ku mpande zompi.
Ariko umwihwezo w’igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya werekana ko ingabo z’Uburusiya zirenga 70.000 ari zo zizwi ko zimaze kwicirwa muri ino ntambara.
Mu kwa kabiri, Zelensky yavuze ko ingabo za Ukraine zababa 31.000 ari zo zari zimaze kwicwa kuva Uburusiya butanguje ino ntambara.
Ibinyamakuru bitari bike vy’Uburengero bivuga ko igitigiri gishobora kuba kiri hejuru cane.










