Amerika yafatiye ibihano bishasha Uburusiya birenga 500, hari ico bizohindura?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na George Wright i Londres & Will Vernon i Washington
- Igikorwa, BBC News
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza ko zafatiye Uburusiya ibihano bishasha birenga 500 kubera intambara yabwo bwatanguje kuri Ukraine hamwe n’urupfu rwa wa munyaporitike atavuga rumwe na Perezida Vladimir Putin, Alexei Navalny.
Muri ibi harimwo ingingo zafatiwe ubuhinga bwa none bw’Uburusiya bwo guhanahana amafaranga, ibigo vya gisirikare n’ivy’ubutunzi, hamwe n’abategetsi bagize uruhara mw’ipfungwa rya Navalny.
Eka n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya na ryo nyene ritangaza ko ryafatiye Uburusiya ibindi bihano bijanye na gisirikare.
Izi ngingo zifashwe inyuma y’indwi Navalny apfuye giturumbuka aho yari apfungiwe mw’ibohero.
Perezida Joe Biden wa Amerika, inyuma yo kubonana n’umugore n’umukobwa ba Navalny i San Francisco ku wa kane, avuga ko ata nkeka ko Putin ari we abazwa urupfu rwiwe.
Muri ibi bihano bishasha bitangazwa na Amerika, harimwo ivyafatiwe abantu n’amakompanyi yababa 100 atazoba arekuriwe gushora ibidandazwa hanze.
Ibindi vyafatiwe ikompanyi nyamukuru yegamiye reta y’Uburusiya yo guhanahana amahera, Mir, yari yabaye rurangiranwa inyuma y’aho amakompanyi Visa na Mastercard ahagarikiye ibikorwa vyabo muri iki gihugu.
Amakompanyi afise uruhara mu twigoro tw’intambara y’Uburusiya, ayariko arakora mu kunagura igisata c’umuyagankuba muri kazoza hamwe n’ayakorana na Irani mu guhingura za ndege zitagira abadereva (drone) azokorwako n’ibi bihano.
Abantu n’amakompanyi arenga 20 akorera hanze y’Uburusiya – harimwo abari mu Bushinwa, muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, muri Vietnam no muri Liechtenstein – na bo nyene bafatiwe ibihano, bagirizwa ko bakora ibikorwa vyo kurungikira ibikoresho igisirikare c’Uburusiya.
Hagati aho, ibi bihano nta ngaruka vyiteze kugira ku butunzi bw’Uburusiya. Ni co gihugu ca mbere kw’isi cafatiwe ibihano, kandi ni ibigo n’ibisata bike cane bitari mu bihano vyafashwe na Amerika hamwe n’Ubumwe bwa Bulaya.
Amabanki n’amakompanyi ya gisirikare vy’Uburusiya vyaramaze kumenyera ibi bihano kandi vyaratoye amayeri yo kuzungurua ibi bihano.
Mw’itangazo, Perezida Biden avuga ko ibi bihano bishasha bizotuma Perezida Putin "yishura ikiguzi kinini cane ku gitero ciwe hanze y’igihugu n’itoteza akora mu gihugu”.
Ibi bihano bishasha vyatumye igitigiri c’abantu n’ibigo vyafatiwe ibihano kigera ku 4000, bikaba vyaraye bifashwe buca haba ukwibuka imyaka ibiri iheze Uburusiya butanguje intambara kuri Ukraine.
Mw’itangazo ryiwe, Biden agira ati: "Mu myaka ibiri iheze, yagerageje gufuta Ukraine kw’ikarata y’isi. Mu gihe Putin atokwishura ku rupfu rwiwe [Navalny] n’ivyo ariko aronona, azoguma abandanya”.
John Kirby, umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe umutekano, yabwiye abanyamakuru ejo ku wa gatanu ko ubutegetsi bwari busanzwe bufise imigambi mishasha y’ibihano ku Burusiya, ariko ko bwari bukeneye gukorana n’incuti ku rwego mpuzamakungu, bwongere buronswe uruhusha n’inama nshingamateka na nkenguzamateka kugira ngo buyishire mu ngiro.
Ejo nyene ku wa gatanu, Ubumwe bwa Bulaya bwatangaje urundi rukurikirane rugira 13 rw’ibihano bwafatiye abantu n’amakompanyi yababa 200 yagirizwa gufasha Uburusiya mu kuburonsa ibirwanisho, canke abafise uruhara mu kunyuruza abana ba Ukraine – ivyo Moscou ihakana.
Harimwo abantu n’amakompanyi cumi y’Uburusiya afise uruhara mu gushikana mu Burusiya ibirwanisho biva muri Korea ya Ruguru, harimwo n’umushikiranganji wa Korea ya Ruguru ajejwe kwivuna abansi.
Josep Borrell ajejwe imigenderanire mu Bumwe bwa Bulaya agira ati: "Tubandanya twunze urunani mu kunaniza intambara y’Uburusiya no gufasha Ukraine mu kwirwanira”.
Kuva intambara intanguye, Ubumwe bwa Bulaya bumaze gufatira ibihano abantu barenga 2000.
Mu kwihora, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire buvuga ko bwongereje cane urutonde rw’abategetsi n’abanyaporitike b’Ubumwe bwa Bulaya batemerewe guhonyoza ikirenge ku butaka Burusiya.
Buvuga buti: "Ubumwe bwa Bulaya burabandanya guta wakuba bugerageza gutera igitsure Uburusiya mu gufata ingingo bwonyene zo kutuzibira”.
Umukuru w’igihugu c’Uburusiya we nyene ubwiwe yarafatiwe ibihano na Amerika, Ubumwe bwa Bulaya n’Ubwongereza, imisi mike atanguje intambara kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022. Amatungo yiwe yarafashwe, amakompanyi nayo arabuzwa kubashorera.
Abantu bamwegereye, harimwo n’abakorwa biwe, na bo nyene bari mu bihano.
Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) yarasohoye umutahe wo gufata Putin mu mwaka uheze, imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara ifatiye cane cane kw’inyuruzwa ry’abana bakuwe muri Ukraine bagatwarwa mu Burusiya.
Putin ntahengeshanya gushimagiza ingene ubutunzi bw’igihugu ciwe bwifashe nubwo bwafatiwe ibihano ku rwego mpuzamakungu. Mu kwezi guheze igihe yagendera intara ya Chukotka yagize ati: "Twateye intambwe, [Uburengero] busubira inyuma. Bagendera kuri twebwe gusumba uko tubagenderako".
Ubutunzi bw’Uburusiya bwaraduze hafi kuri 1% gusumba uko bwari bwifashe muri Ruhuhuma 2022. Iki gihugu kiracafise abakiriye benshi cane bagura igitoro caco, gaze, n’ubutare cane cane ku mugabane wa Aziya. Ariko abategetsi b’Uburengero bavuga ko ibi biharo ari ihiganwa ryo gusiganwa ku ntera ndende, ko atari iryo kwiruka ku ntera ngufi, bashaka kwerekana ko ibi bihano bishobora kuzofata imyaka itari mike kugira bigire ingaruka.










