Putin aragabisha ko guha Ukraine misile zirasa kure ari kurenga ku murongo utukura

Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin ariko aragirisha inama abagize akanama kajejwe umutekano

Ahavuye isanamu, Sputnik/Aleksey Babushkin/Kremlin

    • Umwanditsi, Steve Rosenberg
    • Igikorwa, Russia editor, BBC News

Umutwe w'ikinyamakuru Kommersant co mu gatondo ni wo uvuga neza ivyaraye bibaye.

"Vladimir Putin yaciye umurongo utukura."

Uburaya buzowurengana? Mu gihe vyoshika, Uburusiya buzokwishura gute?

Avugira i St Petersburg, prezida Putin yagabishije adaciye hirya no hino Uburaya: Ntimwemerere Ukraine gukoresha misile zirasa kure mu gutera ku butaka bw'Uburusiya.

Abandanya avuga ko Uburusiya bushobora kubifata "nko kugira uruhara rutaziguye" kw'ibihugu vya Otan/Nato mu ntambara ibera muri Ukraine.

Uwo mutegetsi w'Uburusiya yabandanije agira ati:"Bishobora guhindura isura y'intambara.

"Ibi bizosigura ko ibihugu vya Otan, Amerika n'Uburaya biriko biragwana n'Uburusiya."

Avuga ko, kuri misile zoterwa mu Burusiya, Ukraine yokenera gukoresha ibigendajuru vy'Uburaya kandi ko abasirikare b'ibihugu vya Otan gusa ari bo bashoboye "bashoboye gushira ubuhinga bwo kuguruka muri izo misile".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uburusiya bwari bwarigeze guca imirongo itukura mbere. Kandi yose iza yararenzweko.

Itariki 24 z'ukwezi kwa kabiri 2022, igihe bwamenyesha intango "y'igikorwa cabwo kidasanzwe ca gisirikare" - ibitero vyo muri Ukraine yose - perezida Putin yaragabishije "abo bose bo hanze bashobora kwivanga muri iyo ntambara."

Perezida w'Uburusiya yagize ati:"Uwo ari we wese yogerageza kutwitambika imbere canke akageramira igihugu cacu canke abanyagihugu bacu, ategerezwa kumenya ko Uburusiya buzoca bwivuna ubwo nyene.

"Kandi ingaruka izoba ari ibintu mutari bwigere mubona muri kahise kanyu kose."

Abategetsi ba Buraya ntibahaye agaciro ivyo ico gihe vyafatwa nk'igabishwa ryo gukoresha ibigwanisho vya nikereyere. Kuva ico gihe, Uburaya bwarahaye Ukraine ibimodoka vy'intambara, misile z'ubuhinga bwa none, ubu vuba cane naho, indege z'intambara zikorerwa muri Amerika F-16.

Muri uyu mwaka, Uburusiya buza bwaramaze kwagiriza Ukraine gukoresha misile zirasa kure zo mu bwoko bwa ATACMS mu gutera muri Crimée, intara ya Ukraine yigaruriwe n'Uburusiya.

ATACMS irashe mu myimenyerezo ya gisirikare ya Korea y'Epfo.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, ATACMS irashe mu myimenyerezo ya gisirikare ya Korea y'Epfo.

Uretse ivyo, mu myaka ibiri iheze, abategetsi b'Uburusiya n'ibinyamakuru vya reta, incuro nyinshi vyaragirije Uburaya "kugwana n'Uburusiya" canke gutanguza "intambara" ku Burusiya. N'aho ari Uburusiya bwateye Ukraine.

Ariko uko prezida Putin aherutse kubivuga, biragaragara ko afata ko gutera ubutaka buzwi ku rwego mpuzamakungu ko ari ubwo Uburusiya hakoreshejwe misile z'Abanyaburaya, bishobora gutuma intambara ija ku yindi ntera.

Ico atasiguye neza ejo, n'ingene Uburusiya buzokwivuna.

Vladimir Putin yavuze ati:"Tuzofata ingingo dufatiye ku kungene tugeramiwe."

Ku musi wa gatanu, Uburusiya bwaratse uburenganzira bwo gukorera mu gihugu abaserukira Ubwongereza batandatu, bubagiriza "gukora ibikorwa vyo guhungabanya" umutekano w'Uburusiya.

Ariko inyishu ishoboka ya Putin iragutse. Yaratanze ifatiro mu kwezi kwa gatandatu guheze.

Mu nama n'abarongoye amatororokanirizo y'amakuru mpuzamakungu, yarabajijwe: Uburusiya bwokora iki mu gihe Ukraine yohabwa akaryo ko gutera ubutaka bw'Uburusiya hakoreshejwe ibigwanisho ihabwa n'Uburaya?

Prezida Putin yishuye ati:"Ubwa mbere ho, tuzoteza imbere uburyo bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere. Tuzosambura misile zabo.

"Ubwa kabiri, twemera ko nihaba hari umuntu yibaza ko bishoboka gutanga ibigwanisho nk'ivyo mu karere kariko kaberamwo intambara ngo haterwe ubutaka bwacu bongere badutere ibibazo, kubera iki tutotanga ibigwanisho vyacu nk'ivyo muri utwo turere turi hirya no hino kw'isi aho bashobora gutera ibibanza ngirakamaro vy'ivyo bihugu biriko birakorera ibi Uburusiya.

Mu yandi majambo, guha ibigwanisho abansi b'Uburaya kugira batere ibibanza vy'Abanyaburaya mu makungu n'ikintu Uburusiya butegura gukora.

Mu ntango z'uku kwezi, icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Ryabkov, yamenyesheje ko Uburusiya bugiye gusubiramwo amategeko agenga ibigwanisho vya nikereyere: inyandiko yerekana ryari Uburusiya bushobora gukoresha ibigwanisho vya nikereyere.

Yavuze ko ingingo yo gusubiramwo ayo mategeko "bijanye n'ingene Uburaya buhanganye n'Uburusiya".

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Starmer n'umushikiranganji w'imigenderanire Lammy bashitse muri Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Starmer n'umushikiranganji w'imigenderanire Lammy bashitse muri Amerika

Hagati aho, Sir Keir Starmer ari i Washington mu biganiro na prezida Biden. Mu bintu vyitezwe ko abo bategetsi babiri baganirako n'ikibazo ca Ukraine na misile zirasa kure.

Ari mu nzira agana i Washington, Sir Keir yagize ati:"Uburusiya ni bwo bwatanguye iyi ntambara. Bwirengagije amategeko, Uburusiya bwateye Ukraine. Uburusiya bushobora kurangiza iyi ntambara ubu nyene."

Abategetsi ba Buraya bazotegereza gufata ingingo babona ko ibereye: ubwoba bw'uko iyo ntambara ishobora kurandagata, canke ko bikenewe ko Ukraine ikurwako inzitizi zo gukoresha misile z'abanyaburaya.