Uburusiya bwateye misire nyinshi ku masoko y'umuyagankuba muri Ukraine

Ahavuye isanamu, State Emergency Service Of Ukraine
- Umwanditsi, Tom McArthur
- Igikorwa, BBC News
Ibitero "vyinshi" vya misire vy'Uburusiya na drone vyagizwe ku masoko y'umuyagankuba hirya no hino muri Ukraine, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji bw'amasoko ntanganguvu muri ico gihugu German Galushchenko.
Ni vyo bitero bikomeye nk'ibi kuva mu kwezi kwa Nyakanga(9), ahavugwa ibintu vyinshi vyaturitse hirya no hino muri Ukraine, nk'uko bivugwa n'abategetsi hamwe n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu. Abategetsi bavuga ko umuyagankuba bari bawuciye mu turere twinshi nk'ingingo zo kwikingira.
Pologne, igihugu kibanyi kiri mu burengero bwa Ukraine carungitse indege zaco z'intambara gukizura mu kirere c'ico gihugu mu kwikingira, nk'uko bivugwa n'abajejwe ibikorwa vya gisirikare muri Pologne.
Mw'itangazo ryo ku mbuga hwaniro, Galushchenko yavuze ko "Ibitero bikomeye vy'Uburusiya ku masoko y'umuyagankuba birabandanya".
Kuri Telegram, prezida Zelensky yavuze ko misire 120 na drone 90 ari vyo vyatewe.
Mu bumanuko bwa Ukraine, igisagara ca Mykolaiv kiri mu vyatewe cane, aho abantu babiri bishwe abandi benshi barakomereka, mu gihe ikivuko ca Odesa kiri ku kiyaga cirabura ata muriro uharangwa.
Ku mugwa mukuru Kyiv, ibisigarira vya misire zarasiwe mu kirere na drone vyaguye mu bice vyinshi, ariko nta nkuru zivuga abakomeretse.
Mw'itangazo, Pologne yemeje ko hariho ibikorwa vya gisirikare biriko birakorwa na Pologne n'incuti zayo.
Rivuga riti:"Bivuye ku bitero vyinshi vy'Uburusiya, vyakoreshejwe misire na drone ku bibanza biri mu burengero bwa Ukraine, ibikorwa vy'indege za gisirikare za Pologne n'izo incuti z'ico gihugu vyatanguye."










