Umuyagankuba wacitse muri Ukraine na Moldavie kubera ibitero vya misile

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu gisagara cose ca Lviv kiri mu burengero bwa Ukraine nta muyagankuba ukiharangwa inyuma yo kuvugwa ko habaye ibitero hirya no hino mu gihugu - harimwo n'umugwa mukuru Kyiv.
Igihugu kibanyi ca Moldavie na co nyene kivugwamwo ibura ry'umuyagankuba "hose", n'aho kitatewe co ubwaco.
Umukuru w'igisagara ca Lviv yasavye abantu kwinyegeza, mu gihe uwurongoye akarere ka Kyiv kose avuga ko inyubakwa za nkenerwa n'amazu yo kubamwo vyatewe.
Uburusiya buherutse kwongereza ibitero vyabwo ku bibanza bitanga umuyagankuba muri Ukraine.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere Andrei Spinu akaba yanditse kuri Twitter ati:"Igice kirenga ca Moldavie ntikigira amatara."
Yagize ati:"Umwijima henshi muri Moldavie inyuma y'ibitero vy'uyu musi vy'Uburusiya ku bibanza bitanga umuyagankuba muri Ukraine."
Imbere y'uko haba ibitero, inzamba zo kugabisha ibitero vyo mu kirere zavuze muri Ukraine hose, zica zikurikirwa n'inkuru zerekeye ibitero vyakozwe mu bibanza bimwe bimwe.
Umukuru w'igisagara ca Lviv, Andriy Sadovy, yavuze ko abana n'abigisha bajanywe mu kibanza co kwikingira - aca asaba abavyeyi kutaza kubatora imbere y'uko inzaba zo kugabisha ibitero zinuma.
Gato imbere yo kumenya ivyabaye i Kyiv na Lviv, abategetsi bavuze ko ubumanuko bwa Ukraine bwasubiye kandi guterwa.
Umukuru w'intara ya Mykolaiv yagabishije "ku rufaya rwa rokete" ruriko rurava mu bumanuko no mu buseruko.
Mu karere kahegereye ka Zaporizhzhia, umwana w'uruyoya yishwe igihe misile yagwa ku bitaro vy'abana, nk'uko vyamenyeshejwe n'abajejwe ibikorwa vyo gutabara.
Ibitero vyagirijwe Uburusiya ariko nta co buravuga ku bitero vyo kuri uyu wa gatatu.
Ibura ry'amatara ritunganijwe canke ritari ku kirangamisi risigaye ari irisanzwe mu turere twinshi twa Ukraine inyuma y'ibi bitero vya vuba.
Uturere twinshi twa Ukraine twatewe kuri uyu wa gatatu twegereye ibihugu bibanyi, harimwo Lviv kari ku birometero 50 uvuye muri Pologne, aho igisase gitegera misile zo mu kirere cahitanye abantu babiri mu ndwi iheze.
Ibisagara vya Chervonohrad na Yavoriv na vyo vyegereye urubibe Ukraine ihana na Pologne, na ho nta matara aharangwa.
Ibitero vy'Uburusiya vyarononye hafi igice c'ibibanza bitanga umuyagankuba muri Ukraine, abantu imiliyoni n'imiliyoni bakaba batagira umuyagankuba mu gihe ibipimo vy'ubushuhe bibandanya bimanuka muri iki gihe c'imbeho.
Mu misi iheze, umukuru w'ishirahamwe ryigenga ritanga umuyagankuba muri Ukraine yavuze ko abantu bategerezwa kwitegurira kuva mu gihugu kugira bagabanye abakenye umuyagankuba mu gihugu.










