Ukraine igiye gusubira kugurisha hanze umuyagankuba kuva habaye ibitero

A power substation heavily damaged by a Russian missile strike in Kharkiv

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibituro bito bito vy’umuyagankuba, nk’iki i Kharkiv, vyarashenywe bicika uruzitane rw’ivyuma n’intsinga mu bitero vy’Uburusiya ku bikorwa-remezo vy’amasoko ntanganguvu ya Ukraine

Ukraine ubu yongeye gushobora kugurisha umuyagankuba (amashanyarazi/umuriro) ku bindi bihugu ubwa mbere mu mezi atandatu mu gihe ibikorwa-remezo vy’umuyagankuba muri ico gihugu biriko biravyurwa inyuma y’amezi y’ibitero vyisubiriza vy’Uburusiya.

Uburusiya bwatanguye ibitero vy’ibigirankana kandi vy’igihe kirekire ku bikorwa-remezo vy’amasoko ntanganguvu ya Ukraine mu kwezi kw’icumi.

Vyatumye umuyagankuba ucika canke ugatangwa ku bihe bimwe bimwe , bituma ibisagara bija mu kizime mu gihe c’ubukonje (hiver/winter).

Vyabaye ngombwa ko Ukraine ihagarika kugurisha umuyagankuba ku bindi bihugu- ariko ubu yongeye gushobora kugurisha uwurenze ku wo ikeneye.

Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu Herman Halushchenko yashize umukono kw’itegeko ritanga uruhusha rwo kugurisha umuyagankuba, n’ubwo abo mu gihugu ari bo baguma baza ubwa mbere mu bategerezwa kuwuronswa. Avuga ko haheze hafi amezi abiri bahingura umuyagankuba urenze uwo bakeneye kandi ko abanya-Ukraine ata wigeze awuhabwa ku rugero.

Halushchenko yavuze ku wa gatanu ati: ‘’Igihe cari kigoye cane c’ubukonje caheze.

‘’Ubu intambwe ikurikira ni ukuwugurisha hanze kugira turonke ubundi buryo bwo kuvyura no gusubira kwubaka ibikorwa-remezo vyasambuwe.’’

Yakeje kandi igikorwa ‘’amahanga’’ cakozwe n’aba-enjeniyeri hamwe n’amakungu abafata mu mugongo kugira bavyure ico gisata.

Mu kwezi guheze abanya-Ukraine babwiye BBC ko umuyagankuba usigaye uboneka utaguma ucikagurika.

Uwu muvyeyi akiri muto muri Dnipro ati: ‘’Igisagara cahindutse.

‘’Noneho amatara yo kw’ibarabara yagarutse, ubu ntibiteye ubwoba gutembera mu gisagara.’’

Yamara, ikigo kijejwe umuyagankuba mu gihugu, Ukrenergo, kigabisha ko Ukraine idashobora kwizera ko Uburusiya buzohagarika ibitero vyabwo.

Ukrenergo yavuze ko gushika ubu kuva intambara itanguye Uburusiya bumaze gutera ku bikorwa-remezo vy’amasoko ntanganguvu misire na drone 1.200. Iyo kompanyi ivuga ko ari co gikorwa ca mbere kinini co kugerageza gusambura uruhererekane rw’amasoko ntanganguvu rw’igihugu ca Buraya.

Buri kigo c’umuyagankuba uturutse ku mashuha canke ku ngomero z’amazi muri Ukraine carononywe n’ibitero vy’Uburusiya kuva intambara itanguye.

Ukraine kandi ntikigenzura uraganda rwa nucleaire rwa mbere runini i Buraya rwa Zaporizhzhia, ubu ruri mu minwe y’Uburusiya.

Mu kwezi kwa gatandatu mu 2022, Ukraine yari yavuze ko yari yizeye kwinjiza miriyaridi 1,5 z’ama euro zivuye mu kugurisha umuyagankuba ku bihugu vy’ishirahamwe rya Buraya gushika umwaka uhere.