Ikambi ya gisirikare yerekana ikiguzi ku Burusiya c'intambara ya Ukraine

Ingabo z'ikambi ya 331 kw'idefire

Ahavuye isanamu, VDV Rossi

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'ikambi ya 331 kw'idefire
    • Umwanditsi, Mark Urban
    • Igikorwa, Umwanditsi mu bijanye n'imigenderanire n'umutekano, Newsnight

Kostroma si ikibanza kibi co kwisunga mu kwihweza ingaruka z’intambara yo muri Ukraine ku Burusiya. Ibi ni kubera iki gisagara kirimwo ikambi ya gisirikare yitiriwe iri zina nyene kandi yama ifata iya mbere mu ntambara zose nkuru nkuru Kremlin ikora ku bihugu bibanyi.

BBC's Newsnight, ikiganiro ca BBC, yarakurikiraniye hagufi ikambi ya 331 y’abasirikare bakoroka (331st Guards Parachute Regiment), akenshi ikunze kwitwa Kostroma Airborne Regiment (ikambi y’abasirikare barwanira mu kirere ya Kostroma), kuva akanya gato intambara itanguye muri Ruhuhuma (2) 2022.

Aya matohoza arerekana ingaruka iyi ntambara yagize kuri ino kambi no kuri kino gisagara. Gushika mu kwa kane kw’umwaka uheze, twari tumaze gutora 39 bari bamaze gupfira mu ntambara, 62 gushika mu kw’indwi, ubu igitigiri kikaba kimaze gushika kuri 94.

Igice kinini c’igikorwa co kwegeranya aya makuru cakozwe mu kwihweza ibicishwa kuri V'Kontakte, urubuga hwaniro rwa Facebook rw’Uburusiya, hamwe no mu binyamakuru vyo muri ico gihugu. Hanyuma rero tugaca tubigereranya n’ivyerekanwa n’amasanamu y’ibigendajuru hamwe n’ayatangwa n’ubuhinga bwa Google Street View.

Videwo imwe yatowe kuri V'Kontakte yerekana imva z’abasirikare mw’itongo ry’abapfuye riri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kostroma. Izi mva zerekanwa mu mavidewo zihuye n’amazina y’abasirikare twegeranije.

Igitigiri c’abasirikare b’iyi kambi ya 331 bamaze gupfa gishobora kuba ari kinini.

Bamwe muri aba basirikare bava mu bisagara vyo hanze ya Kostroma, ibi bikaba bituma kuronka amakuru arambuye kuri bo bitoroha na gato. Hari abasirikare batari bake babuzwe irengero – bamwe muri aba bakaba bashobora guharurwa mu bapfuye.

Umuntu afatiye ku bakomeretse cane canke abafashwe bagapfungwa, umuntu ntiyoba yihenze avuze ko intambara ya Ukraine imaze guhitana amajana n’amajana y’abasirikare b’iyi kambi.

Imva z'abasirikare

Ahavuye isanamu, Pervaya Pelosa

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abasirikare bamaze kuhapfira batumye havugwa vyinshi i Kostroma, igisagara kiri ku birometero vyababa 300 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Moscou, kikaba gifise abanyagihugu bababa igice c’umuriyoni.

Urubuga ngurukanabumenyi rumwe rwo muri ico gihugu mu mezi aheze rwanditse ko intambara yose hagati y’Ubumwe bw’Abasoviyeti na Afghanistani yamaze imyaka icenda yatwaye abasirikare 56 b’ico gisagara. Igitigiri kinini c’abasirikare bamaze kugwa muri Ukraine kiratuma abategetsi b’akarere batoroherwa mu bikorwa vyo kurongora iki gisagara.

Sergey Sitnikov, buramatari wa Kostroma yagenywe na Kremlin, afata iya mbere mu gikorwa co kugerageza kwumvisha abanyagihugu ko abasirikare bakomoka muri iki gisagara bafashwe neza. Ingendo ziwe mu bitaro, mu makambi ya gisirikare hamwe no ku rubuga rw’intambara zirerekanwa ku mboneshakure y’aho.

Mu rugendo yagize ku rubuga rw’intambara mu kw’icumi na kabiri, Buramatari Sitnikov yabwiye abakurikirana imboneshakure ko “dukeneye gufasha aba bahungu kugira ngo babeho neza”. Yagiye yitwaje imfashanyo yashoboye kwegeranya.

Buramatari Sitnikov ni icariho ca Vladimir Putin mu ntara yiwe, ku buryo adashobora kumuvuguruza canke gushikiriza icese amakuru y’incamugongo. Ariko ishaka afise ryo kwishikira ku rubuga no kwemera ko hari ibitameze neza, n’aho hatoba mu buryo bweruye, birerekana ko atabona ibintu kumwe n’umukoresha wiwe.

Igihe imboneshakure yerekana abarikiri bariko barinjizwa mu gisirikare batonze umurongo muri iyo kambi haraciye amezi atandatu, yerekanye kandi n’amajambo ya Buramatari Sitnikov avuga mu buryo bweruye ati: "Ndabipfurije amagara meza, gutera imbere no kurangura neza ibikorwa vyanyu…hanyuma mugaruke muhira muri bazima”.

Itongo ry'abapfuye Kostroma

Itumwako ry’abasirikare barwanira mu kirere mu rwego rw’Uburusiya rwo kwinjiza abasirikare bashasha rirekana urugero rw’ingene intambara yo muri Ukraine imaze guhitana abatari bake mu gisirikare c’igihugu, iyi kambi ya 331 ikaba ifisemwo ikibanza gikomeye. Mu mashusho yo mu kw’icumi na rimwe, abarikiri 150 barerekanwa batonze ipero imbere yo kurungikwa ku rubuga rw’intambara.

Igitigiri c’abagize ikambi ya 331 gishobora kuba kiri hagati ya 1.500 na 1.700. Igihe ija ubwa mbere muri Ukraine mu kwa kabiri 2022, yarungitse ibatayo (bataillons) zibiri, zigizwe n’ingabo ziri hagati ya 1.000 na 1.200.

Inyuma yo gukubitwa bikomeye igihe bagerageza gufata umugwa mukuru Kyiv bikanka, mu ci riheze iyi kambi yaciye ivanwayo ijanwa mu gisagara ca Belgorod kiri mu bumanuko kugira isubire yiyubake.

Icakurikiye, ingabo z’iyi kambi zarazungurutse mu bibanza nyamukuru - Izyum mu ntango z’ici riheze, mu nyuma zija Kherson, ubu naho zikaba zasubiye muri Donbas.

Wihweje amatariki impfu zagiye zitangarizwako ku mbuga hwaniro za Kostroma, urashobora gutora igihe n’aho izi ngabo zakoresherejwe mu bitero, hamwe n’ibihe vy’agahengwe mu gihe zaba zikuwe ku rubuga kugira ngo ziruhuke.

Nk’akarorero, ibiziga vyabonetse mu kwa kabiri vyerekana ko ingabo z’ikambi ya 331 zarwanye muri Kreminna.

Sergei Sitnikov, Buramatari wa Kostroma

Ahavuye isanamu, GTRK Kostroma

Insiguro y'isanamu, Sergei Sitnikov, Buramatari wa Kostroma

Igihe cose harungitswe ingabo - harimwo n’abarikiri berekanywe ku mboneshakure muri Munyonyo (11) – kugira ngo zisubirire abapfuye, ibitigiri vyahahora ntibisubira gukwira kandi n’ibitigiri vy’abagize umurwi biragabanuka. Ubu woba utarenga hagati ya 300-400 ku rubuga.

Amakuru y’abasirikare bapfa, hamwe n’abasirikare basubira inyuma bakomeretse cane arazunguruka cane mu bantu.

Inyuma y’amayinga makeya intambara itanguye, umwe mu bakoresha urubuga rwa V'Kontake yarihaye akamo ati: "Hafi imisi yose amafoto y’abahungu bacu ba Kostroma yama asohoka. Biranteye ubwoba. Ni ibiki biriko biraba? Ibi bizorangira ryari?”.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu vyama vyerekana abasirikare ba Kostroma bapfuye bariko barasezerwa.

Muri Kigarama (1), imboneshakure yashize ahabona icibutso ca Eduard Reunov, umusirikare arwanira mu kirere wo mw’ikambi ya 331 yiciwe muri Ukraine.

Ubuhinga iki cibutso cari gikozwemwo hamwe n’ururimi rwakoreshejwe bishobora gufatwa nk’ukugerageza kwerekana ya ntambara ikomeye yo kubohoza igihugu (Great Patriotic War, nk’uko Abarusiya bise intambara ya 1941-45 yo kurwanya Abanazi), bigasigura ko abasirikare b’uno musi bari mu ntambara ifise agaciro kamwe n’iy’ico gihe.

Imboneshakure irerekana igishusho ca Eduard Reunov

Ahavuye isanamu, GTRK Kostroma

Insiguro y'isanamu, Imboneshakure irerekana igishusho ca Eduard Reunov

Ariko ku mbuga hwaniro, turabona uburyo bugezweho bwo kwibuka ababo, mbere n’abantu barondera kwihora. Abasirikare berekanwa bafise ibisasu bifise ubutumwa bwanditsweko n’abahoze bigana na Reunov, hamwe kandi n’abafatwa nk’umuryango wiwe.

Hariho ingendo iriko iribonekeza mu bisagara bimwe bimwe vy’Uburusiya birimwo amakambi ya gisirikare, aho abagore na ba nyina b’abasirikare basohora amasanamu yabo bambaye umwambaro w’umusirikare atakiriho.

Ari mu marira, nyina w’umusirikare wo mw’ikambi ya 331 yapfuye, aribuka iyi ntambara yo kubohoza igihugu, akongerako ati: “Ndizeye ko hazoba amakuru azokwandikwa ku bahungu bacu”.

Uumgore w'umusirikare w'Uburusiya yifotoje yambaye umwambaro wiwe wa gisirikare

Ahavuye isanamu, GTRK Kostroma

Insiguro y'isanamu, Umugore w'umusirikare w'Uburusiya yifotoje yambaye umwambaro wiwe wa gisirikare

Abatabona neza uku kwitanga basa n’abashirwa ku ruhande. Umwe mu bakoresha urubuga rwa V'Kontakte i Kostroma yanditse ati: “Ukraine si igihugu canje, abahungu bacu bariko barapfa bazira ubusa”.

Uwundi nawe aca aramusamira hejuru ati: "Iki ni iciyumviro c’ubugugu. Nta mpamvu yo kwandika ibintu nk’ibi hano”.

Biragaragara ko mu kwerekana ibikorwa vya Buramatari Sitnikov abategetsi bariko baragerageza guhumuriza abatakira neza amakuru y’abasirikare bapfa n’abakomereka.

Ntibizwi neza igitigiri c’Abarusiya muri rusangi bashigikiye intambara, ariko videwo twabonye irerekana ko imiryango y’abasirikare i Kostroma bafatanye mu nda.

Isenyuka ry’ikambi ya 331 rirashobora kubonekera mu basirikare yatakaje hamwe n’ibimodoka vy’intambara vyasambuwe, mu ntambara zagiye zikurikirana, cane cane ibizwi mu mpfunyapfunyo yo mu kirusiya nka BMD.

Mu ntango, ikambi ya 331 yari mu ngabo zari zahawe igikorwa co gufata Kyiv, ntivyatworoheye kumenya ibimodoka vyayo muri videwo yerekana iyi ntambara.

Urudome “V” rwakoreshwa mu gutandukanya imirwi ya gisirikare yari muri ico gikorwa, hanyuma inyabutatu icuritse nayo ifise n’igitigiri “3” hagati yakoreshwa n’uwundi murwi wa gisirikare uretse 331.

Uko intambara zagenda zishuha, ingabo za 331 zongeye ikindi kimenyetso ku bimodoka vyabo mu mbavu – ikimenyetso c’agatangaza hampande ya V, bashobora kuba bagize ibi kugira ngo abakomanda babo bashobore gutandukanya ibimodoka vy’intambara vyabo n’ivy’iyindi mirwi.

Ni kuri iyo mvo twashoboye gutandukanya BMD zegukira 331 ziriko zirapakirwa gari ya moshi mu kwa gatatu 2022 kugira zivanwe muri Ukraine. Zasubiye kuboneka muri Donbas mu ntambara zo mu ci riheze.

BMD

Bihweje ivyandikwa ku mbuga hwaniro z’igisirikare ca Ukraine, abahinga bashoboye kandi kubona ibimodoka nibura 25 vyo mu bwoko bwa BMD vyasambuwe bifise ibi bimenyetso.

Nk’uko bimeze ku basirikare bapfuye, ibi bimodoka vyashoboye kuboneka vyasambuwe ntivyerekana vyose mu vyo bamaze gutakaza, kuko BMD nyinshi zegukira iyi kambi ya gisirikare ya Kostroma bishobora kuba vyatakarijwe aho ingabo za Ukraine zitashobora gushitsa amaso.

Inkuru y’imboneshakure yo mu Burusiya NTV mu kwa kabiri 2023 yerekana umurwi w’ibimodoka ntamenwa” vyegukira 331 biri mu bikorwa mu ntara ya Luhansk.

Ariko isa n’iyemeza ivyo twakuye ahandi ko iyi kambi ibandanya ikorera mu turwi dutoduto dushobora gukora ibitero bimwe bimwe. Ibimenyetso twabonye kuri camera vyerekana ko uyu murwi wari ugizwe na BMD zitatu gusa.

Ibimodoka vy'intambara vyo mu bwoko bwa BMD vy'ikambi ya 331 vyasambuwe

Ahavuye isanamu, WarSpotting

Insiguro y'isanamu, Ibimodoka vy'intambara vyo mu bwoko bwa BMD vy'ikambi ya 331 vyasambuwe

Rero intambara ndende kuri ino kambi irabandanya. Ibinyamakuru vyo mu Burusiya bizobabwira bike ku nkurikizi z’iyi ntambara kuri Ukraine, nk’uko ata makuru yerekanwa ku bijanye n’ivyaha vyo mu ntambara vyagirizwa Uburusiya.

Ingabo za 331 zagirizwa kugandangura amajana n’amajana y’abasirikare ba Ukraine mu ntambara zo mu 2014. Ku banya-Ukraine benshi, abasirikare b’Uburusiya bapfa bashobora kuba ataco bavuze uretse gusa ko bariko bishura ivyo bakoze.

Hagati aho, mw’itongo ry’abapfuye rya Kostroma hari ivyemezo vyinshi vy’ingene Uburusiya bwananiwe mu gitero cabwo.

Ikindi naco cazimanganye ni izina iyi kambi yari yarandikishije mu gihugu aho yari izwi ko ari kibirengeye. Intsinzi y’akanya gato yoyo yabaye indoto yo ku murango.