Drone ya Amerika yakorotse igonganye n’indege y’intambara y’Uburusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, James Landale & Henri Astier
- Igikorwa, i Kyiv na Londres
Indege y’intambara y’Uburusiya yagonganye na drone ya Amerika, bica bituma iyi ndege itagira umudereva ya Amerika ikorokera mu Kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea), nk’uko bitangazwa n’igisirikare ca Amerika.
Ibi vyerekana ingene ivyago vyo gushobora gutana mu mitwe hagati y’Uburusiya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kubera intambara yo muri Ukraine bigenda vyiyongera.
Amerika ivuga ko iyo drone yari ku kazi kayo ka misi yose mu kirere mpuzamakungu igihe indege z’intambara zibiri z’Uburusiya zagerageza kuyitangira.
Uburusiya buvuga ko iyi drone yakorotse inyuma yo “kugerageza gukwepa n’ubuhinga bwinshi”, bugahakana ko izi ndege zibiri zitigeze zikoranako.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga kandi ko mu gihe iyi drone yo mu bwoko bwa MQ-9 Reaper yariko iguruka, ivyuma vy’ugutumatumanako bituma indege imenyekana aho igeze, ibizwi nka transpondeurs/transponders, bizimije.
Indege zitagira abadereva zo mu bwoko bwa Reaper ni indege zo gucungera ikirere zifise ubwaguke bw’imetero 20 kuva kw’ibaba gushika ku rindi.
Ibi vyabaye nijoro ku wa kabiri, isaha imwe n’iminota itatu mu masaha y’Ubulaya bwo hagati, ni ukuvuga isaha zibiri n’iminota itatu z’ijoro mu masaha ya Gitega na Kigali, nk’uko igisirikare ca Amerika kibivuga.
Iri tangazo rivuga riti: "Indege yacu ya MQ-9 yari mu bikorwa vya misi yose mu kirere mpuzamakungu igihe yatangirwa ikagongwa n’indege y’Uburusiya, ivyatumye MQ-9 ikoroka igatakara rwose”.
Incuro zitari nke imbere yo kugongana, indege z’intambara Su-27 zasukiriye igitoro kuri ino drone “ata bwitonzi bukoreshejwe, mu kwonona ibidukikije kandi ata n’ubuhinga bugiyemwo”, nk’uko iri tangazo ribivuga.
Amerika yaciye itumako uwuserukira Uburusiya i Washington, Anatoly Antonov, kugira yiyamirize iyi nyifato.
Inyuma y’uwu mubonano, ibimenyeshamakuru vy’Uburusiya vyasubiyemwo Antonov avuga ko Moscou yafashe ivyabaye kuri ino drone “nk’agasomborotso”.

Kuva Uburusiya bwigaruriye akarere ka Crimée/Crimea mu 2014, icuka kibi cagiye ciyongera hejuru y’Ikiyaga Cirabura.
Kuva Uburusiya butanguye intambara kuri Ukraine, Amerika n’Ubwongereza vyarongereje ibikorwa vyo gucungera no kuneka, n’aho bikorerwa mu kirere mpuzamakungu.
Ikibazo nyamukuru ni ukumenya nimba ivyabaye n'ijoro ku wa kabiri Uburusiya bwariko bugerageza kuyovya iyi drone ya Amerika n’igikorwa cayo, canke nimba bwashatse kuyikorora n’ibigirankana.
Nk’uko bivugwa na Amerika, hari “urukurikirane rw’ibikorwa bibi bikorwa n’abadereva b’Uburusiya” mu kwicanganya n’indege z’ibihugu vy’uburengero vyishize hamwe muri ako karere.
Rero iri rishobora gusa kuba ari ikosa ryakozwe n’umudereva w’Uburusiya yegereye cane kugira ngo “ananize” iyi drone.
Ariko mu gihe coba ari igitero cakozwe n’ibigirankna ku ndege ya Amerika gikozwe n’indege y’intambara y’Uburusiya, ibi bishobora gufatwa nk’agasomborotso gakomeye kerekana ko ibintu biriko birunyuka.
Muri ico gihe, iki gitero gishobora gufatwa nk’agasomborotso ka Kremlin kugira ngo irabe ingene Amerika ivyifatamwo.
Ibihugu vy’uburengero biriko birakora uko bishoboye kwose kugira ngo intambara yo muri Ukraine ntihave ivamwo ugutana mu mitwe n’Uburusiya mu buryo bweruye.
Nk’uko intwazangabo z’igisirikare ca Amerika zibivuga mw’itangazo ryazo, iki ni igikorwa kibi “gishobora gutuma haba ibiharuro bibi maze ibintu bikunyuka bitari ngombwa”.










