Ibizwi ku gisasu rutura ca Oreshnik Uburusiya buherutse gukoresha kuri Ukraine ku ncuro ya mbere

Ibinyamakuru bivuga ko Oreshnik gishobora kuba ari iki gisasu ca Yars-M ICBM cagabanijwe ubukari

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibinyamakuru bivuga ko Oreshnik gishobora kuba ari iki gisasu ca Yars-M ICBM cagabanijwe ubukari
    • Umwanditsi, Robert Greenall and Chris Partridge
    • Igikorwa, BBC News

Ku wa kane, igisagara ca Dnipro muri Ukraine caratewe mu gitero c'Uburusiya co mu kirere, igitero abakibonye bavuga ko kitari kimenyerewe, cateje ibiturika vyamaze amasaha atatu.

Iki gitero cakozwe hakoreshejwe igisasu ca misire gikomeye cane ku buryo abategetsi ba Ukraine bavuze ko cari gifise ibimenyetso vy'igisasu ca misire cambukiranya imigabane (missile balistique intercontinental/intercontinental ballistic missile, ICBM).

Abategetsi b'Uburengero baciye bihutira kubihakana, bavuga ko iyo kiba co cari gutuma haba ubutumwa bwo kuburira Amerika ko hari ikirwanisho ca nikleyeri/c'ubumara gikozwe.

Inyuma y'amasaha makeya kibaye, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya, mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure, yavuze ko Uburusiya bwarashe “igisasu ca misire gishasha kiraswa ku ntera iciriritse cemewe gukoreshwa mu ntambara”, ciswe Oreshnik.

Putin avuga ko iki gisasu cagiye ku muvuduko wa Mach 10, ni ukuvuga ibirometero 2.5 canke 3 ku musegonda, aho yongerako ko "muri iki gihe ata buryo na bumwe buhari bwo gushobora kucivuna".

Yavuze ko uruganda rukomeye rwa gisirikare i Dnipro ruhingura ibisasu vya misire n'ibindi birwanisho rwakubiswe. Yavuze ko iki gitero ari igerageza "ryagenze neza" kubera "cagemye neza na neza aho cagenewe".

Avugana n'abategetsi bakuru bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, yavuze ko ibikorwa vyo kugerageza iki gisasu ca misire bizobandanya "harimwo n'ibizogeragezwa mu ntambara".

Nubwo Putin yasiguye iki kirwanisho, bisa n'uko bataremeranya neza na neza ku bwoko bwaco.

Abajejwe igendereza ry'igisirikare ca Ukraine babandanya bemeza ko iki gisasu ari ubundi bwoko bwa ICBM buzwi nka Kedr. Bavuga ko cagenda ku muvuduko wa Mach 11 (ni ukuvuga ibirometero vyababa 3,7 ku musegonda), kikaba cafashe iminota 15 uvuye aho carasiwe, ku birometero birenga 1000 uvuye i Astrakhan mu Burusiya.

Bavuga ko iki gisasu cari gifise imitwe y'ibiturika itandatu, umw'umwe wose ufise uduturika dutandatu.

Inzu yasambuwe muri iki gitero co ku wa kane i Dnipro hakoreshejwe Oreshnik n'ibindi bisasu vya misire

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inzu yasambuwe muri iki gitero co ku wa kane i Dnipro hakoreshejwe Oreshnik n'ibindi bisasu vya misire

Kubera iki umuvuduko ari ikintu gikomeye?

Nimba uko Putin agisigura ariko kiri, iki gisasu ni igisasu co ku rwego rwo hejuru cane mu bisasu binyaruka gusumba ijwi.

Umuvuduko ni ikintu gikomeye kuko uko misire igenda ku muvuduko muremure, niko inyaruka gushika aho irungitswe. Uko inyaruka gushika aho irungitswe, niko bigorana ku wutewe gushobora kwivuna.

Ibi si bishasha mu bisirikare bihanganye n'ibitero nk'ibi, uko umuvuduko uba munini, niko bigorana kugitangira.

Ni co gituma Putin ahagarara cane ku muvuduko waco igihe yatangaza iki gisasu gishasha ca misire.

Hafi 80% y'ibisasu vya misire vyarashwe n'Uburusiya vyarasamburiwe mu kirere na Ukraine, igitigiri kidasanzwe. Ariko ubu bwoko bw'iki gisasu co ku muvuduko udasanzwe bufise intego yo kugerageza kugabanya uru rugero rwa za misire zisamwa na Ukraine.

Ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hakoreshejwe ibisasu vya Patriot Ukraine yahawe na Amerika ntibushobora gutangira iki gisasu.

Iyi misire nshasha ifise intera ingana gute ?

Umuhinga mu vya gisirikare w'Umurusiya Ilya Kramnik yabwiye ikinyamakuru cegamiye reta y'Uburusiya, Izvestiya, ko bishoboka ko iyi misire nshasha, gushika ubu bitarashirwa ahabona ingene yahinguwe, iri ku rwego rwo hejuru rw'ibisasu vya misire biraswa ku ntera iciriritse.

Avuga ati: "Birashoboka ko turiko tubona ubwoko bushasha bw'ibisasu vya misire vy'Uburusiya vyo ku ntera iciriritse, [iri] hagati y'ibilometero 2.500 na 3.000 kandi bishobora no gushika ku ntera y'ibilometero 5.000, ariko si ivyambukiranya imigabane".

Ibi bisigura ko iki gisasu gishobora gushika ahantu aho ari ho hose ku mugabane wa Bulaya, ariko ntigishobora gushika muri Amerika.

Avuga ko iki gisasu gishobora kuba ari ico mu bwoko bwa Yars-M (iki kikaba ari igisasu ca ICBM) cagabanijwe ubukomezi.

Mu mwaka uheze, vyaravugwa ko Uburusiya bwatanguye guhingura ubwoko bushasha bw'iki gisasu, harimwo no kugiha iyindi mitwe y'ibiturika (warheads) yigenga.

Uwundi muhinga, Dmitry Kornev, yabwiye ico kinyamakuru ko iyi misire Oreshnik ishobora kuba yahinguwe bafatiye ku bisasu vya misire biraswa ku ntera ngufi vyo mu bwoko bwa Iskander - bisanzwe biriko birakoreshwa cane kuri Ukraine - ariko ifise imoteri nshasha.

Avuga ko Iskander ifise imoteri nini yakoreshejwe ku kibanza kigeragerezwamwo ibisasu vya misire ca Kapustin Yar mu Bumanuko bw’Uburusiya ku mpeshi iheze, akongera ko iyi ishobora kuba ari Oreshnik. Iki gisasu ca misire carashwe ku wa kane muri Ukraine carasiwe muri ico kibanzan nyene.

Gifise inguvu zingana gute?

Umuhinga mu vya gisirikare Vladislav Shurygin yabwiye Izvestiya ko igisasu ca Oreshnik gishobora kurengera ubuhinga bwa none bwose buhari bwo kwivuna ibitero vya misire.

Gishobora kandi gusambura imyobo ikingiwe bikomeye kure cane mu kuzimu kitarinze gukoresha imitwe ifise ibiturika vya nikleyeri, nk'uko abivuga, ariko nta cemeza ko hari ibibanza vyo mu kuzimu vyasambuwe i Dnipro.

Uwundi muhinga w'Umurusiya, Igor Korotchenko, yabwiye itirorokanirizo ry'amakuru ryegamiye reta yUburusiya ko iki gisasu cari gifise imitwe y'ibiturika itari mike yigenga, akongerako ko yihaye inkumbi imaze gushikira hafi ica rimwe aho yategerezwa gushika.

Justin Crump, arongoye ikigo Sibylline, yabwiye igisata ca BBC kijejwe guhinyuza, BBC Verify, ko iki gisasu ca misire cari gifise ubushobozi bwo kunesha ubuhinga bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Iki gisasu cakorewe he?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikintu gishoboka cane ni uko Oreshnik ya Putin yoba yahinguwe n’uruganda Moscow Institute of Thermal Technology (MIT).

Mu Burusiya, hari ibigo bibiri bihingura ibisasu vya misire biraswa kure vyo muri ubu bwoko: ikizwi nka Makeyev Rocket Center hamwe na MIT.

Ikigo ca mbere gihingura ibisasu biremereye cane birasirwa mu myobo kandi biraswa kure cane. Nk’akarorero, igisasu co mu bwoko bwa Sarmat kivugwa ko gishobora gushika ku birometero 18.000.

Ikigo Moscow Institute of Thermal Technology kijejwe guhingura ibisasu bitobito biraswa n’ibikoho vya muzinga bishobora kwunguruzwa.

Izi misire ziraremurutse, zikaba zifise ibisasu bitoya kandi bikagera ku ntera ya hagufi. Nk’akarorero, misire yo mu bwoko bwa Yars ifise intera y’ibirometero 12.000.

Biraboneka cane ko misire isa n’iyatewe kuri Dnipro yahinguwe na MIT.

Ibi bigo vyarigeze guhingura misire zisa n’izi muri kahise, nka misire RSD-10 Pioneer yakoreshejwe kuva mu myaka ya 1970 gushika amasezerano yo gutuza ibisasu vya nikleyeri vyo ku ntera iciriritse (Traité sur les forces nucléaires à portée intermédiaire/Intermediate-Range Nuclear Forces (INF) agiye mu ngiro mu 1988.

Ico gihe, ibisasu vyose vya misire biraswa ku ntera iciriritse hamwe n’ibikoho vya muzinga bibirekura mu cahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti no muri Amerika vyarasambuwe, kandi izo mpande zompi zica zemeranya kudasubira guhingura, kugerageza canke kurekura misire nk’izo muri kazoza.

Amasezerano ya INF yavuga iki

Amasezerano ya INF yari afise intego yo kugabanya icuka kibi ku mugabane wa Bulaya.

Iciyumviro co gutuza ibisasu vya nikleyeri yari yerekeye ibisasu vya misire vyambukiranya imigabane.

Yahagaze mu 2019, rero birashobora ko ihingurwa ry’izi misire ryoba ryaciye ritangura inyuma y’ico gihe.

Ico gihe, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergey Shoigu yatangaje ko Uburusiya bwari bufise intego yo guhingura ibisasu vya misire vyo ku ntera iciriritse birasirwa ku butaka gushika mu 2020.

Ivyo si ko vyagenze, ahubwo ibikorwa vyo guhingura iyi misire vyariko birabandanya.

Kugabisha

Igitero kuri Dniepr/Dnipro ni co ca mbere cabaye hakoreshejwe igisasu c’ubu bwoko mu gihe c’intambara muri kahise k’intambara.

Putin yatangaje ko Uburusiya buzobanza kugabisha kw’ikoreshwa ry’ibisasu nk’ibi.

Umuvugizi wa Perezida Putin, Dmitry Peskov , avuga ati: "Iminota 30 imbere yo kurasa Oreshnik, Uburusiya bwararungikiye Amerika ubutumwa bwihuta”.

Amerika yarugaye ibiro vy’ubuserukizi bwayo ku mugwa mukuru wa Ukraine Kyiv umusi umwe imbere y’uko iki gisasu kiraswa kubera “ubutumwa budasanzwe yari yaronse ko hari kuba igitero co mu kirere gikomeye”.

Ibiro vy’ubuserukizi bw’ibihugu vya Espagne, Ubutaliyano n’Ubugiriki na vyo nyene vyarugaye, mu gihe ivy’Ubufaransa n’Ubudagi vyovyo vyagumye vyuguruye ariko bigabisha abanyagihugu bavyo kwicungera.

Imbere y’iraswa ry’iki gisasu, imirongo yo ku rubuga rwa Telegram muri Ukraine yari yamaze kwandika ko Uburusiya bwari gushobora gutera Ukraine bukoresheje igisasu ca misire Rubezh. Iyi mirongo yatangaza ko iyi misire yari yamaze kurungikwa ku kigo c’igerageza ry’ibisasu vya misire ca Kapustin Yar.

Hagati aho, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburusiya Duma, Vyacheslav Volodin yari yamaze gutangaza ko iki gihugu cashobora gukoresha ikirwanisho gishasha.

Ku wa 18 Munyonyo, yanditse ati: "Ntawokwirengagiza ko Uburusiya bushobora gukoresha ibirwanisho bishasha butarakoresha ku butaka bwa Ukraine gushika ubu”.