Ukraine yarashe misire yahawe n’Ubwongereza mu Burusiya, bamwe bafise ubwoba abandi babona ko yari yatevye

Ubwongereza bwahaye Ukraine ibisasu biraswa kure vya Storm Shadow yasavye kugira ngo yivune ingabo z'Uburusiya zayiteye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubwongereza bwahaye Ukraine ibisasu biraswa kure vya Storm Shadow yasavye kugira ngo yivune ingabo z'Uburusiya zayiteye

BBC yamenye ko, ku ncuro ya mbere, Ukraine yarashe ku butaka bw’Uburusiya ikoresheje ibisasu biraswa kure vya Storm Shadow yahawe n’Ubwongereza.

Ibi bibaye inyuma y’aho Perezida Joe Biden wa Amerika ahereye uruhusha Ukraine rwo gukoresha ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa ATACMS yahawe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kurasa ku butaka bw’Uburusiya, ivyateje ishavu iki gihugu.

Ukraine yari imaze amezi atari make ikoresha ibi bisasu vy’ubu bwoko bwompi, ariko ikaba yabikoresha mu kurasa ibibanza biri mu turere two ku butaka bwayo twigaruriwe n’Uburusiya.

Ibi bisasu vyo mu bwoko bwa Storm Shadow bihingurwa n’uruganda rwa MBDA rukora ibirwanisho bifatwa ko ari kirumara mu gutera ibibanza bicungerewe cane, nk’ivyo mu kuzimu (bunkers) n’ububiko bw’ibirwanisho nk’ibiriko birakoreshwa n’Uburusiya muri ino ntambara yabwo muri Ukraine.

Vyarabaye kirumara cane kuri Ukraine, aho vyakoreshejwe mu gutera icicaro gikuru c’ingabo z’Uburusiya ku Kiyaga Cirabura i Sevastopol, zituma Crimée/Crimea yose ibura ituze ku ngabo z’Uburusiya zirwanira mu mazi.

Justin Crump, umuhinga mu vya gisirikare, yahora ari intwazangabo mu gisirikare c’Ubwongereza akaba n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ry’abahinga ryitwa Sibylline, avuga ko Storm Shadow yabaye ikirwanisho kirumara kuri Ukraine, mu gutera idahusha ibibanza bicungerewe cane ku butaka bwigaruriwe n’Uburusiya.

Avuga ati: “Ntibitangaje kubona Ukraine isaba ikoreshwa ry’ibi bisasu ku butaka bw’Uburusiya, cane cane mu gutera ibibuga vy’indege bikoreshwa mu bitero vy’amabombe yarara (bombes planantes/glide bombs) yatumye Ukraine idashobora kugira intambwe itera ku rubuga rw’intambara”.

Nta nkeka ko iki ari igihe gihambaye, inyuma y’impari zikomeye zari zimaze amezi atari make mu bantu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Izi mpari zikomeye mbere zateje ishavu abategetsi b’ibihugu vy’Uburengero babona ko zatuma bigorana ko bafata ingingo, zigashobora gusomborotsa Uburusiya, zikongera zigaha akaryo iki gihugu kwitegura.

Ariko ibi nyene ni vyo biranga amademokarasi y’Uburengero arangwa n’ubwigenge: itangazamakuru rikomeye, impari zikomeye zikorerwa ku mugaragaro.

Mu gihe ata mutegetsi muri reta y’Ubwongereza aremeza iyi nkuru ko Storm Shadow yoba yatanguye gukoreshwa, abashingamateka batari bake bafata inyishu y’umushikiranganji wo kwivuna abansi kuri iki kibazo ko ari “ego” nubwo iri jambo ritigeze riva mu kanwa kiwe.

Ari imbere y'abashingamateka, umushikiranganji John Healey yavuze ati: “Ibikorwa vya Ukraine ku rubuga rw'intambara birivugira vyo nyene".

Eka n'umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Rustem Umerov, yanse kwemeza ko igihugu ciwe cakoresheje ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Storm Shadow ku butaka bw'Uburusiya, ariko akavuga ko kiriko "gikoresha uburyo bwose mu kurwanira igihugu cacu".

Hano, hari bamwe bahagaritswe umutima n’ingaruka bishobora kugira, bakabona ko Uburusiya bushobora kwihora bukoresheje ibitero vyo ku buhinga nyabwonko (cyberattacks) canke bugatera itumatumanako rikoresha intsinga zica mu mazi.

Ariko benshi babona ko iyi ngingo ari nkenerwa cane, mbere ko yacerewe, mu gushigikira nyavyo incuti yabo ibandanya icucagirwa amabombe n’Uburusiya.

Uburusiya nta co buravuga kw’ikoreshwa ry’ibi bisasu vyatanzwe n’Ubwongereza mu gutera ku butaka bw’ico gihugu, ariko bwagiriza Uburengero ko buriko bukoresha Ukraine mu kugitera.

Mu kwagiriza ibihugu vy’uburengero bishigikiye Ukraine ko biteza intambara bikoresheje iki gihugu, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Uburusiya, RIA, ko abanyaporitike b’Uburengero “babandanya ingendo yo kurondera gutsindisha igihugu cacu ku rubuga rw’intambara”.

Ku wa mbere, inyuma y’umusi umwe Perezida Biden ahaye uruhusha Ukraine rwo gukoresha ibisasu vya misire biraswa kure ihabwa na Amerika mu bitero vyayo ku butaka bw’Uburusiya, Peskov yashimangiye ko Perezida Vladimir Putin yamenyesheje ko ingingo iyo ari yo yose y’igihugu ca OTAN/NATO yo kwemerera Ukraine ko ikoresha ibi bisasu biraswa kure kwoba ari ugutangaza intambara.