'None atari Putin, uwundi yoba nde?' – Ingene Abarusiya babona amatora yimirije

Ivyamamare niho bari igihe Vladimir Putin yashikiriza ijambo mw'ikoraniro ry'imyiyamamazo ejo ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ivyamamare niho bari igihe Vladimir Putin yashikiriza ijambo mw'ikoraniro ry'imyiyamamazo ejo ku wa gatatu
    • Umwanditsi, Na Steve Rosenberg
    • Igikorwa, Umwanditsi mukuru ki bijanye n'Uburusiya

Mu nyubakwa y’amakoraniro iri imbere ya Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya), Vladimir Putin arinjiye, yakirwa n’amashi adasanzwe, amashi menshi.

Ibi ntibitangaje ng’aha. Abashitsi b’iteka – abenshi muri bo bakaba ari ivyamamare – bashigikiye ko Putin yitoza mu matora ategekanijwe mu kwa gatatu.

Agiye kwitoreza ikiringo kigira gatanu nk’umukuru w’igihugu. Mu bahari bose nta n’umwe atabinezererewe.

Andrei Konchalovsky akora amareresi avuga ati: "[Putin ni] indongozi idasanzwe, umutegetsi w’inkerebutsi kandi w’umushingantahe."

Umuririmvyikazi Nadejda Babkina avuga ati: "Abarusiya ntibari bwigere bunga urunani nk’uru mu gushigikira umukuru w’igihugu cabo, kandi uw’ari we wese yogerageza kubazibira ntaho ashobora gushika”.

Ikiri inyuma y’iri koraniro (n’ibi vyamamare bimushigikiye) ni ukwerekana ko Putin ari mw’ihiganwa ryiwe bwite: Putin Premier League .

Ico womenya ariko, ni uko iri ari ihiganwa we nyene yashinze kandi ahagarariye. Poritike y’Uburusiya ni poritike ya Putin; amategeko yiwe; amatora yiwe. Abakeba nyamukuru biwe bashizwe ku ruhande kuva kera. Barangajwe canke barapfunzwe.

Ibi rero bituma ibizova muri ano matora bimenyekana imbere y’igihe.

Margarita Simonyan, arongoye ikinyamakuru Russia Today, ni umwe mu vyamamare yabonetse mu gushigikira Perezida Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Margarita Simonyan, arongoye ikinyamakuru Russia Today, ni umwe mu vyamamare yabonetse mu gushigikira Perezida Putin
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibi siko vyamye.

Mu myaka 30 iheze i Moscou, ndibuka ijoro rimwe ndiko ndaba ikiganiro kimwe c’imboneshakure Russian TV cariko cerekana ivyavuye mu matora – yari amatora y’abashingamateka. Nta n’umwe yibaza uwari gushobora gutsinda.

Sinzokwibagira umuhinga bari batumiye kugira ngo agire umwihwezo ku vyari gushobora kuva mu matora. Ivyo vyarumvikana neza, kuko mu myaka 30 iheze, Abarusiya bari bizigiye cane ko bari bagiye kubona demokarasi, ubwigenge na kazoza k’igihugu cabo.

Mu matora y’iki gihe mu Burusiya, ntukeneye umuraguzi canke inzogera kugira umenye ibizovamwo. Ubu ndashobora kukubwira neza ingene amatora ya 2024 azogenda: itsinzi itagabanije ya Vladimir Putin .

Kubera iki umuntu yizigiye ko bizogenda uku?

Ubwa mbere na mbere, n’aho izina ryiwe ritazoba ari rimwe kw’ikarata y’abahiganwa, abantu bameze nk’umukeba wiwe Alexei Navalny avundiye mw’ibohero ntibashobora kuba mu bashobora guhangara Putin. Ngo urukino Putin v Navalny? Inkino zimeze nk’uru ntizishobora kuronka ikibanza mw’ihiganwa Putin Premier League.

Ni vyo, uwundi mukeba wa Kremlin, Boris Nadezhdin, na we ariko asya atazambaye ngo yitoze. Ariko Nadezhdin si Navalny. Arinengesera mu majambo ashikiriza yo kunegura Putin. Avugwa kandi ko yoba afitaniye ubucuti n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Ni yaramuka yitoje, bizoba ari uko Kremlin izoba yafashe ingingo ko ari ku nyungu za Putin mu guhangana n’uno mukeba akomeye.

Boris Nadezhdin asanzwe anegura intambara yo muri Ukraine avuga ko afise abamushigikiye bakwiye kugira ngo yitoze

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Boris Nadezhdin asanzwe anegura intambara yo muri Ukraine avuga ko afise abamushigikiye bakwiye kugira ngo yitoze

Ubwa kabiri, mu Burusiya, Kremlin ni yo igenzura imboneshakure. Putin ahabwa umwanya wose aho ari ukumutera amashurwe; ni gake anegurwa: iki ni kirumara iyo urondera gusubira gutorwa.

Hariho iyindi mvo izotuma Putin avyitwaramwo neza.

Mu kiganiro ca Putin n’abanyamakuru kirangiza umwaka, Alexander, umunyamakuru wo kuri Russian TV akiri muto, yavuze ati: "Twese turashigikiye ingingo yawe yo kwitoza muri ano matora. Kuko uri ku butegetsi ku vyo noba nibuka vyose”.

Nabonanye n’Abarusiya benshi bameze nka Alexander badashobora kwiyumvira ko hari uwundi muntu bobona muri Kremlin. Si ukubera bafata Putin nk’ikimana. Nta kundi bari bugire.

Ndakunze kwumva abantu bavuga bati: "None nimba atari Putin, uwundi yoba nde?"

Kremlin yarashoboye kwubaka iki kintu. Yarakuye inzitizi zose ku rubuga rwa poritike zoshobora kubangamira uno mugabo amaze hafi ica kane c’ikinjana ku butegetsi bw’Uburusiya, nk’umukuru w’igihugu canke nk’umushikiranganji wa mbere. Yakoze uku ku buryo ikibazo ngo “uwundi yoba nde” ata nyishu gishobora kuronka.

Iyo mvuganye n’abantu bo mu gisagara ca Rzhev, kiri ku birometero 225 uvuye i Moscou, ku vyerekeye ivyizere bafise muri aya matora, benshi basa n’abashaka impinduka – ariko umutegetsi adahindutse.

Umusore yitwa Ilya agira ati: "Nizeye ko ibintu bizohinduka ku neza kuko ubu ata kigenda. Ariko uramutse utoye umuntu mushasha, uyo muntu ntashobora guhangana n'umuzigo reta yikoreye. Umuntu abimenyereye nka Putin niwe ashobora guteza imbere igihugu mbere no mu bihe bigoye turimwo ubu".

Umukukurukekazi Lidiya avuga ati: "Mfise icizere kinini muri ano matora. Ndizeye ko intambara izohagarara hanyuma ubutunzi bukisununura. Ariko ndubaha Putin".

Ndamubaza nti: "Nta wundi muntu wundi ashobora kurangura aya mabanga?”

Lidiya yishura ati: "Si ubu. Kumbure Putin azoronka uwundi mu nyuma. Ariko ndibaza ko azorongora igihugu igihe kirekire kiri imbere”.

Eka mbere n’intambara yo muri Ukraine n’Abarusiya bamaze kuyitikiriramwo nta na kimwe kiboneka ko gishobora kubakurako uno mukuru w’igihugu akaba na kizigenza w’intwaramiheto.

Putin ni we nyene yafashe ingingo yo gutanguza ino ntambara yeruye. Ariko Abarusiya bamwe babona ko ari ngombwa ko mu gihe c’intambara bategerezwa gushigikira indongozi yabo, ata kuraba imvo zabimutumye canke ingaruka.

Abandi bemera ibivugwa n’ubutegetsi ko ari Uburengero, si Uburusiya, bwatanguje ino ntambara.

Nahuye n’umugore umwe i Rzhev ashaka kubona impinduka muri Kremlin. Yekaterina Duntsova yahoze ari umunyamakuru ku mboneshakure n’umushingamateka w’akarere yari aherutse kugerageza kurondera kwitoza.

Asaba amahoro muri Ukraine, kurekura impfungwa za poritike hawe n’Uburusiya bugengwa “n’ubuntu”.

 Yekaterina Duntsova yahoze ari umunyamakuru ku mboneshakure ariko ashinga umugambwe mushasha inyuma yo gukurwa ku rutonde rw'abashobora kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Yekaterina Duntsova yarakuwe ku rutonde rw'abashobora kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burusiya waranse kumwemerera kwitoza, uvuga ko mu mpapuro ziwe harimwo amakosa.

Duntsova avuga ati: "Ndibaza ko poritike ya hano imbona nk’ikintu c’ikinyamahanga, igaca ibura ico yonkoza. Kubera naje giturumbuka poritike ntibatahura uwo ndi we. Rero ni co gituma nafashe ingingo yo kwirinda ikintu congirira nabi."

Ubu ariko ashinga umugambwe mushasha. Nta bwoba afise ko bashobora kumukorerako?

"Nta kintu na kimwe dukora giteye kubiri n’amategeko. Dukora twisunze amategeko. Nayo ku vyo gutinya, ubwoba bwamaho. Ndiyemera mu vyo ndiko ndakora. Iki nico gituma ubwoba buza inyuma". Niko avuga.

Nsubiye ku myiyamamazo ya Putin, navuganye na Margarita Simonyan, umukuru w’ikinyamakuru RT.

Namubajije nti: "Umuntu amaze ica kane ku butegetsi n’ibindi…ata wumugenzura. Ibi si ingorane?”.

Yishura ati: "Iyo ni imvugo mumaze imyaka mukwiragiza. Iyo umuntu amaze igihe kirekire ku butegetsi, ntibitegerezwa gusigura ko ibintu bizoyangara gusumba uko vyoyangara iyo uhindura umutegetsi buri myaka ine. Pol Pot muri Cambodge yatikije ica gatatu c’abanyagihugu biwe mu myaka itatu."

Niyo mvugo yo kwihumuriza.