Russia: 'Propagande y'ubutegetsi iriko itegura abantu kwumva ko intambara ya nikleyeri atari ikintu kibi'

Haraciye umwaka urenga kuva Uburusiya butanguje intambara muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Haraciye umwaka urenga kuva Uburusiya butanguje intambara muri Ukraine
    • Umwanditsi, Steve Rosenberg
    • Igikorwa, BBC News, Moscow

Abategetsi b’Uburusiya barugaye ikinyamakuru ciwe, ariko umumenyeshamakuru Dmitry Muratov yaranse kunumisha.

Igihe duhurira i Moscow, umukuru w’ikinyamakuru Novaya Gazeta akongera akaba n’uwatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel afise impungenge kuri Kremlin aho izoshika mu guhangana kwayo n’Uburengero.

Muratov avuga ati: "Ibiringo bibiri vy’urunganwe vyabayeho ata bwoba bifise bw’intambara ya nikleyeri.

"Ariko iki gihe carangiye. Ubwo Putin ntazohava asomborotsa intambara ya nikleyeri? Ni nde yobimenya? Nta n’umwe abizi. Nta muntu n’umwe ashobora kumenya na kimwe”.

Kuva Uburusiya butanguje intambara muri Ukraine mu kwa kabiri 2022, hari ubwoba bwinshi bw’intambara ruhonyanganda y’ubumara.

Abategetsi bakuru ntibarya umunwa mu kwerekana ko ibihugu vy’uburengero bisanzwe biha ibirwanisho Ukraine bitari bikwiye gutera igitsure cinshi Uburusiya.

Mu misi mike iheze, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yatangaje imigambi yo gushira ibirwanisho vy’ubumara bishobora gukoreshwa ku rubuga rw’intambara (Armes nucléaires tactiques/Tactical nuclear weapons) muri Biélorussie/Belarus.

Mu nyuma, umwe mu bafasha biwe ba hafi cane, Nikolai Patrushev, yaragabishije ko Uburusiya bufise "ikirwanisho cihariwe ca none gishobora gusambura umwansi uwo ari we wese, harimwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika”.

Ububeshi n’ibijambojambo? Canke ni iterabwoba rikwiye gufatwa nka nkama? Muratov arabona ibimenyetso biteye ubwoba hagati mu Burusiya.

Propagande ya reta

Ati: "Turabona ingene propagande ya reta iriko irategura abanyagihugu kugira babone ko intambara ya nikleyeri atari ikintu kibi.

"Ku mboneshakure hano, intambara ya nikleyeri n’ibirwanisho vya nikleyeri biramamazwa nk’uko umengo ni indya z’ibikoko vy'ibitungano.

"Bavuga bati: 'Turafise misire iyi, iriya, n’iyindi y’ubundi bwoko’. Bavuga ivyo gutera Ubwongereza n’Ubufaransa, guteza isegenya rya nikleyeri ryokubita Amerika. Kubera iki bavuga ibi? Rero abantu bariko barategurwa”.

Mu misi iheze ku mboneshakure yegamiye reta y’Uburusiya, umumenyeshamakuru azwi cane yavuze ko Uburusiya "bukwiye gutangaza ko igitero ico ari co cose ku butaka bw’Ubufaransa, Pologne n’Ubwongereza ari ikintu nkenerwa [ku Burusiya]".

Haraciye imyaka 23 Vladimir Putin ashitse ku butegetsi mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Haraciye imyaka 23 Vladimir Putin ashitse ku butegetsi mu Burusiya

Uyo mumenyeshamakuru nyene yatanze iciyumviro co “gusambura izinga kanaka hakoreshejwe ibirwanisho hanyuma hakaba n’ibikorwa vyo kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda, kugira ngo ntihagire n’uwuvyura agatima”.

Hagati aho, amajambo ya reta ng’aha yerekana Uburusiya nk’igihugu c’amahoro, Ukraine n’uburengero nk’abasotoranyi. Abarusiya benshi baravyemera.

Muratov ati: "Abanyagihugu mu Burusiya baranyengeterewen’amajambo ya propagande. Propagande ni ikintu kinyengetera. Buri muntu arashobora kwandukira, si Abarusiya gusa.

"Propagande mu Burusiya, ni ku mboneshakure cumi na zibiri, ibihumbi mirongo vy’ibinyamakuru, imbuga hwaniro nka VK [urubuga rwa Facebook rwo mu Burusiya], vyose bikora vyamamaza akarangamutima k’ubutegetsi".

Namubajije nti: "Ariko none vyogenda gute ari nka hamwe ejo iyi propagande yohagarara giturumbuka? Mu gihe hoba agacerere? Abarusiya boheza bakiyumvira iki?”

Icizere mu rwaruka

Muratov yishura ati: "Urwaruka rwacu ni abana beza. Barigishijwe. Abarusiya bababa umuriyoni baromotse barata igihugu. Abenshi mu basigayeyo bararwanya bikomeye ibibera muri Ukraine".

"Ntiberekwa umuriro udahera Uburusiya bwateje hariya”.

"Ndazi neza ko mu gihe iyi propagande yohagarara, uru runganwe, hamwe n’abo bose baha agaciro ubuzima, bazoca baronka ijambo”.

Muratov abandanya ati: "Baramaze gutangura. Hamaze kwugururwa imanza 21.000 z’Abarusiya biyamiriza ubutegetsi. Abatavuga rumwe bari mu munyororo. Ibimenyeshamakuru vyarugawe.

"Abenshi mu baharanira agateka ka zina muntu, abasivire n’abamenyeshamakuru bafatwa nk’ivyitso vy’abanyamahanga.

Dmitry Muratov ni umwe mu batsindiye agashimwe kitiriwe Nobel mu 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Dmitry Muratov ni umwe mu batsindiye agashimwe kitiriwe Nobel mu 2021
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"None ubwo Putin yoba afise abo hasi bamushigikiye? Neza cane, benshi mbere. Ariko aba ni abatama bafata Putin nk’umwuzukuru wabo, nk’umuntu azobakingira kandi akabaha n’agahembo k’izabukuru buri kwezi, kandi umuntu yama abipfuriza umwaka mwiza mushasha buri mwaka”.

Ati: "Aba bantu bazi ko abuzukuru babo bazoja kubarwanira bakabigura”.

Mu mwaka uheze, Muratov yashize kw’isoko agashimwe kiwe kitiriwe Nobel mu ntumbero yo kwegeranya amafaranga yo gufasha abana b’impunzi za Ukraine. Nta cizere abona kuri kazoza.

"Nta migenderanire isanzwe izosubira kuba hagati y’abanyagihugu b’Uburusiya n’aba Ukraine. Ntibizokwigera bisubira kubaho. Ukraine ntizoshobora kwakira aya makuba”.

Yongerako ati: "Mu Burusiya, itoteza ku banyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi rizobandanya.

"Icizere conyene nsigaranye ndagifise ku rwaruka, kuri aba bantu babona isi nk’incuti, atari nk’umwansi, kandi bashaka ko Uburusiya bukundwa, hanyuma Uburusiya bugakunda isi”.

Muratov arangiza avuga ati: "Ndizeye ko uru runganwe ruzobandanya ubuzima inyuma yanje n’inyuma ya Putin”.