Ibihugu vyababa 20 bishobora kuja mu runani rwo gushigikira Ukraine, bivugwa n'Ubwongereza

umusirikare

Ahavuye isanamu, Valeria Demenko/DSNS

Ibihugu bishika 20 biripfuza kwinjira "mu runani rw'abashaka" rwo gufasha Ukraine, nk'uko abategetsi b'Ubwongereza babivuga.

Gusa si ngombwa ko ibi bihugu vyose, ahanini biva ku mugabane wa Bulaya no mw'ishirahamwe rya Commonwealth rihuza ibihugu vyahoze birongowe n'ingoma y'Ubwongereza, birungika ingabo, ariko bimwe bimwe bishobora gutanga ubundi bufasha.

Uno mugambi uhagarariwe n'Ubwongereza hamwe n'Ubufaransa watangujwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer mw'ikoraniro ryo mu mpera z'indwi iheze ryahuje abategetsi b'ibihugu 18 vya Bulaya hamwe na Canada, ukaba ari uwo guhagararira amasezerano yo guhagarika intambara y'Uburusiya muri Ukraine.

Hagati aho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya avuga ko uno mugambi udashobora kwemerwa, agasigura ko woba werekanye "ku mugaragaro uruhara rweruye rw'ibihugu vya OTAN/NATO mu ntambara n'Uburusiya".

Izi nteguro zije mu gihe Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) iriko irarondera gusanasana ubucuti na Washington (ubutegetsi bwa Amerika) inyuma y'aho Amerika ihagarikiye imfashanyo ya gisirikare ihabwa Ukraine no guhanahana amakuru y'igendereza, mu ntumbero yo kugondoza Perezida Volodymyr Zelensky kwitabira ibiganiro.

Ni muri iyi ntumbero nyene hitezwe mu ndwi iza ibiganiro hagati y'intumwa za Amerika n'iza Ukraine muri Arabia Sawudite, mu mubonano Perezida Zelensky yizeye ko uzoba ari "ngirakamaro.

Mw'ijambo yashikirije mu rugendo yagize ku kigo kijejwe ibikorwa vyo kwivuna umwansi i Merseyside, Sir Keir yavuze ko ryoba ari "ikosa rikomeye" kwiyumvira ko "tworera amaboko turindiriye amasezerano ubu" hagati ya Ukraine n'Uburusiya Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko ariko aragerageza gushikako.

Sir Keir avuga y'uko vyoba ari vyiza cane ko "mu gihe hoba amasezerano – nubwo tutazi niba koko azobaho – tuyahagararira", ibi bikaba bisigura ko ari ngombwa ko Ukraine igira igihagararo gikomeye gusumba.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko uno mushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza avuga ko iyi nteguro "yotegurirwa hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika …kuko ni ubu bushobozi bwo gukorana na Amerika n'incuti zacu za Bulaya bwatumye tuba mu mahoro mu myaka 80 ubu".

Ku wa kabiri harabaye inama y'abategetsi kugira ngo baganire ku bijanye no gushigikira umutekano wa Ukraine mu gihe hoba amasezerano ayo ari yo yose.

Abategetsi b'Ubwongereza bavuga ko "hakiri kare cane" ariko bagashima ko kubona hari abagaragaza ko bipfuza "kwinjira mu runani rw'abashaka"ari "intambwe nziza cane".

Icegera c'umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere avuga ko reta yari "yasobanuye neza ko ari ngombwa ko Ubulaya n'Ubwongereza bitegerezwa kwongereza inguvu", ati "kandi ndibwira ko mubandanya mubona ivyemezo kuri iki".

Ubwongereza n'Ubufaransa bisaba ko haba agahengwe k'ukwezi kumwe "mu kirere, mu mazi no ku bigo vy'umuyagankuba", kagashigikirwa n'urunani rw'ibihugu vy'uburengero, ariko Uburusiya bwariyamirije iki ciyumviro.

Sir Keir Starmer avuga ko ari ngombwa ko ibihugu vya Bulaya vyohagararira amasezerano y'amahoro ayo ari yo yose yoshikwako hagati y'Uburusiya na Ukraine

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Sir Keir Starmer avuga ko ari ngombwa ko ibihugu vya Bulaya vyohagararira amasezerano y'amahoro ayo ari yo yose yoshikwako hagati y'Uburusiya na Ukraine

Igihe yamenyesha ibijanye n'iyo nama yitezwe hagati y'abategetsi ba Amerika n'aba Ukraine muri Arabia Sawudite mu ndwi iza, Perezida Zelensky asa n'uwagarutse kuri iki ciyumviro, asaba amakungu kubandanya atera igitsure Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) kugira ngo "yemere kurangiza" iyi ntambara.

Perezida Zelensky, nubwo atazokwitaba ibi biganiro kandi azoba ari muri ico gihugu co mu Kigobe c'Abarabu, avuga ko Kyiv iriko irakora kugira ngo habe amahoro "arama kandi vuba bwango".

Intumwa idasanzwe ya Perezida Trump, Steve Witkoff, ivuga ko intumwa za Amerika zishaka kuganira ku "nzira" y'amahoro mu kugerageza kurangiza iyi ntambara hagati y'Uburusiya na Ukraine.

Ku wa gatanu w'indwi iheze, Zelensky na Trump barateranye amajambo muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) abanyagihugu n'amakungu barorera - aho Trump yavuze ko Zelensky atari yiteguriye guhagarika iyo ntambara. Inyuma y'aho, Amerika yaciye ifata ingingo yo guhagarika imfashanyo ya gisirikare isanzwe iha Ukraine.

Perezida Zelensky avuga ko abababajwe n'ivyabaye akaba ariko aragerageza gusanasana ubu bucuti na Amerika – igihugu kimuha imfashanyo ya gisirikare nini gusumba ibindi vyose muri ino ntambara.

Mu rukurikirane rw'ubutumwa yacishije ku mbuga hwaniro inyuma y'inama y'umutekano yari yitavye ejo ku wa kane i Buruseli mu Bubirigiri, Zelensky yatangaje ibi biganiro hagati ya Ukraine na Amerika.

Yanditse ku rubuga rwa X ati: "Intumwa za Ukraine n'iza Amerika zasubiye ku bikorwa, kandi twizeye ko mu ndwi iza tuzogira inama ngirakamaro.

"Kuva intambara igitangura, Ukraine yamye irondera amahoro, kandi twama tumenyesha ko intambara ibandanya kubera Uburusiya bwonyene".

Igihe ejo ku wa kane Witkoff yemeza ko Trump yaronse ikete rya Zelensky ryarimwo "ugusaba imbabazi" no "gushima", yagize ati: "Ni vyiza ko dusubiza hamwe n'Abanya-Ukraine , hanyuma ibintu bigasubira gutangura".

Zelensky ari ku gitsure gikomeye ca Amerika imusaba kwemera ivyo asabwa imbere y'ibiganiro vy'amahoro ivyo ari vyo vyose, mu gihe wewe yashaka ko Kyiv yobanza kwizezwa umutekano mu buryo ntabanduka.

'Nta kintu na kimwe c'abandi dukeneye'-Putin

Kuva Uburusiya butanguje intambara yuzuye kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, ubu bugenzura ibice 20% vy'ubutaka bwa Ukraine.

Ejo ku wa kane, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yavuze ko Moscou iriko irondera amahoro "yotuma igihugu cacu gitekana mu gihe kirekire".

Ati: "Nta kintu na kimwe c'abandi dukeneye, ariko kandi natwe ntituzokwigera duheba ikintu na kimwe cacu".

Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe imigenderanire, Wang Yi, avuga ko yizigiye ko hashobora kuba "amasezerano y'amahoro atunganye, arama, kandi ashobora kwemerwa n'impande zompi".

Ukraine n'incuti zayo za Bulaya bifise ubwoba ku kungene Donald Trump ariko arugururira imiryango Uburusiya nk'uko benshi babibona.

Igihe yari mu myiyamamazo y'amatora aheruka, Trump yariyemeje ko azorangiza iyi ntambara vuba bwango, hakaba haherutse kuba ibiganiro vy'intangamarara hagati ya Amerika n'Uburusiya muri Arabia Sawudite mu kwezi guheze – bitatumiwemwo abaserukira Ubulaya canke Ukraine.

Ingingo ya Amerika yo guhagarika imfashanyo ya gisirikare ihabwa Ukraine isigurwa n'abategetsi b'intwaro ya Trump nk'uburyo bwo guhimiriza Kyiv gushigikira ibiganiro vy'amahoro birongowe na Amerika.

Hagati aho, nta gitsure nk'iki kizwi Amerika iriko itera Moscou kugira ngo nayo igire ivyo yiyemeje.

Hagati aho, intambara zirabandanya, aho ejo ku wa kane Ukraine yatangaje ko Uburusiya bwakoze igitero "gikomeye ca misire n'ama-drone [indege zitagira abadereva]" ku bigo ntanganguvu vyayo.

Igisirikare ca Pologne na co nyene kivuga ko vyabaye ngombwa ko kirekura indege z'intambara no gukoresha ubuhinga bwaco bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere muri ico gitero cabonetse ko cari kigeramiye uturere two gushika mu burengero bwa Ukraine.