Inyuma yo gushamirana na Zelensky, Trump yahagaritse imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine

Ingabo za Ukraine mu ntara ya Kharkiv, muri Mukakaro 21, 2022.

Ahavuye isanamu, Reuters

Umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabaye ahagaritse imfashanyo ya gisirikare Amerika yaha Ukraine inyuma y'impari hagati ya we na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine mu ndwi iheze, nk'uko bivugwa n'umutegetsi wo muri Maison Blanche/White House, ingingo ije kwunyura icuka kibi hagati y'ibi bihugu bibiri vyigeze kuba ari akadasohoka.

Iyi ngingo ifashwe inyuma y'aho Trump ahinduriye poritike ya Amerika kuri Ukraine n'Uburusiya kuva ashitse ku butegetsi mu kwa mbere, aho yafashe inzira yo gusubiza hamwe na Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya).

Ifashwe kandi inyuma yo gushamirana na Zelensky ku wa gatanu w'indwi iheze, aho Trump yamwagirije ko ari intashima ku mfashanyo Amerika imuha muri iki gihe ahanganye n'intambara y'Uburusiya ku gihugu ciwe.

"Amerika ibaye irahagaritse imfashanyo yose ya gisirikare igenewe Ukraine gushika Trump abonye ko abategetsi b'iki gihugu berekanye ishaka ryo gushika ku mahoro", niko ikinyamakuru Bloomberg candika gisubiramwo umutegetsi atashatse ko izina ryiwe rija ahabona.

Bloomberg ivuga kandi ko ibikoresho vyose vya gisirikare bitarashika muri Ukraine bizoba biragumijwe, harimwo n'ibirwanisho bikiri mu nzira be no mu bubiko muri Pologne.

Uno mutegetsi agira ati: "Perezida Trump aratomora neza ko yibanze ku mahoro. Dukeneye ko n'incuti zacu na zo nyene zifata iyi nshingano. Tubaye turahagaritse kandi twihweza imfashanyo yacu kugira ngo ibe iyiterera mu kurondera umuti".

Maison Blanche ntiyashotse igira ico ivuze ku bijanye n'igihe iyi ngingo izomara. Eka mbere na Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi) nta nsiguro zindi itanga.

Ubutegetsi bwa Trump mu bisanzwe bushaka ko Perezida Zelensky asinya amasezerano ku mabuye y'agaciro, "akagiriranira amasezerano y'amahoro" n'Uburusiya, ataco abanje kwizezwa ku bijanye n'umutekano w'igihugu ciwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni naco catumye haba imishamirano muri Maison Blanche imbere y'abanyagihugu n'amakungu hagati ya Trump na Zelensky mu rugendo yarimwo muri Amerika ku wa gatanu, rwari rwerekeye ihagarikwa ry'intambara yo muri Ukraine no gusinya ano masezerano ku mabuye y'agaciro.

Zelensky yarakariye icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance ku vyo yari avuze vy'uko "inzira y'amahoro" ari ibiganiro, amwereka ko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yahonyanze amasezerano imbere y'aha. Ubwo nyene, Vance yaciye amwagiriza ko "ataco yubaha", amwereka ko ahubwo yategerezwa "gushimira umukuru w'igihugu" ca Amerika.

Muri uko guterana amajambo, harageze aho Trump abwira Zelensky ngo "uriko urakinisha intambara ya gatatu y'isi yose", anamugabisha ati: "Utegerezwa kwemera amasezerano, atari uko naho dukuremwo akarenge".

Ibintu vyarashushe gushika aho Zelensky ategekwa kuva muri Maison Blanche mbere n'imfunguro hamwe n'ikiganiro rusangi vyari bitegekanijwe birahagarikwa giturumbuka.

Inyuma y'imishamirano mu majambo Zelensky yategetswe kuva muri Maison Blanche mbere n'imfunguro n'ikiganiro vyari bitegekanijwe birahagarikwa giturumbuka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'imishamirano mu majambo Zelensky yategetswe kuva muri Maison Blanche mbere n'imfunguro n'ikiganiro vyari bitegekanijwe birahagarikwa giturumbuka

Ejo ku wa mbere, Trump yasubiye kuvuga kandi ko Zelensky yari akwiye gushima cane imfashanyo ya Amerika inyuma y'aho, imbere y'aha, yishuye n'ishavu ku nkuru y'ikinyamakuru Associated Press isubiramwo amajambo ya Zelensky avuga ko ivyo guhagarika intambara "biri kure cane nk'ukwezi".

Trump yanditse ku rubuga rwa Truth Social, abanje kwandika ukundi izina ry'uno mukuru w'igihugu ca Ukraine, ati: "Aya ni amajambo mabi cane ashobora kuvugwa na Zelensky, kandi Amerika ntishobora kubandanya ivyihanganira!".

Izi ngingo z'akaga za Trump kumbure ntizifashwe giturumbuka – zije mu kiringo kiri musi y'amasaha 24 imbere y'uko ashikiriza ijambo inama nshingamateka na nkenguzamateka, akaryo ko guhayagiza ivyo amaze kurangura.

Gushika mu masezerano y'amahoro hagati ya Ukraine n'Uburusiya ni ikintu yipfuza cane.

Si bwo bwa mbere

Perezida Trump yari amaze gufata ingingo nk'iyi muri kahise, mu guhagarika imfashanyo afise intumbero yo gutera igitsure Perezida Zelensky.

Haraciye imyaka itanu Trump ahagaritse imfashanyo Ukraine yari yemerewe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka, mu kugerageza guhatira Zelensky kwimba mu mizi umukeba wiwe Joe Biden.

Ico gihe Ukraine yari ihanganye n'Uburusiya hamwe n'imirwi y'inyeshamba zari zifashwe mu mugongo n'Uburusiya kuva mu 2014.

Ico gihe vyatumye Trump abogozwa n'inama nshingamateka, aho yamwagiriza gukoresha ububasha ahabwa n'ubutegetsi – maze aba umukuru w'igihugu wa Amerika agize gatatu ahuye n'iki kibazo.

Yahavuye yambikwa izera n'inama nkenguzamateka.

Mu nyuma niho Zelensky yahavuye avuga ko ata terabwoba yari yakozweko na Trump, kandi ko ata bintu yari yasabwe na Amerika.

Iyi ngingo yakiriwe gute?

Abanyaporitike batari bake ba Amerika, baba abo mu mugambwe w'Abarepubulikani canke uw'Abademokarate, bagize ico bavuga kuri iyi ngingo, aho abatari bake banegura Perezida Trump.

Tammy Duckworth, umudemokarate ari muri komite ijejwe ibibazo vya gisirikare mu nama nkenguzamateka, avuga ko iyi ngingo ya Maison Blanche yo guhagarika imfashanyo ari "uguheba Ukraine mu buryo buteye isoni".

Yanditse ku rubuga rwa X ati: "Iyi ngingo ntizotuma igihugu cacu kigira umutekano.

"Izoha impigi Putin n'abo duhanganye, yongere yice ubucuti dufitaniye n'ibihugu dukorana bigengwa na demokarasi".

Peter Welch, umukenguzamateka wo mu mugambwe w'Abademokarate ava mu ntara ya Vermont, na we nyene yerekanye ukuntu ahagaritswe umutima n'iyi ngingo.

Yanditse kuri X ati: "Putin ni inkozi y'ikibi muri ino ntambara. Zelensky ni intwari. Trump ni magoyagi".

Ku ruhande rwiwe, Michael Carpenter yahoze arongoye inama nkuru y'igihugu ijejwe umutekano ku butegetsi bwa Perezida Joe Biden, yabwiye BBC ati: "Nibaza ko ari ibintu bitangaje cane.

"Muri iyi ntambara uwateye arazwi neza cane, co kimwe n'uwatewe. Birazwi ko Uburusiya ari bwo bwateye, Ukraine ikaba ari iriko irakubagurwa, ariko ni nk'uko umengo ni igihushane.

"Rero biratangaje kubona Reta Zunze Ubumwe za Amerika ihagarika imfashanyo kandi ari yo kirumara iha akaryo abanyagihugu ba Ukraine ko gushobora kwivuna no kurwanira igihugu cabo kigeramiwe n'intambara y'ububisha yatewe n'Uburusiya".

Nayo Steven Pifer yahoze aserukira Amerika muri Ukraine ku butegetsi bwa Perezida Bill Clinton avuga ko ingingo ya Trump ari ingingo "ititondewe na gato" kuko "hazogera igihe ikagira ingaruka zikomeye ku rubuga rw'intambara".

Abarepubulikani babona iyi ngingo mu buryo butandukanye. Mu gihe hari ababona ko ije guteza akaga, abandi nabo bakabona ko ije hageze.

Susan Collins, umukenguzamateka wo muri uno mugambwe aserukira intara ya Maine akaba arongoye komite ijejwe igabanganwa ry'amahera mu nzego z'igihugu, ariyamiriza iyi ngingo ya Maison Blanche yo guhagarika imfashanyo igenewe Ukraine.

Ati: "Iki ni igihe gikomeye cane kuri Ukraine... Sinibaza ko twari dukwiye guhagarika utwigoro twacu", niko avuga asubirwamwo n'umunyamakuru wa CNN Manu Raju mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.

"Ni abanyagihugu ba Ukraine bariko basesa amaraso".

Ariko imbere y'aha, Marjorie Taylor Greene, incuti ikomeye cane ya Trump, yabaye mu ba mbere bashigikiye iciyumviro c'uno mukuru w'igihugu wa Amerika co guhagarika imfashanyo za Ukraine.

Greene yanditse kuri X ati: "Ndashigikiye cane Perezida Trump ku ngingo yo guhagarika ko Amerika irungikira ibirwanisho Ukraine. Perezida Trump ariko arakora uko ashoboye kugira ngo agarukane amahoro, yongere ahagarike ubwicanyi buhitana ibihumbi n'ibihumbi buri musi muri ino ntambara.

"Kuva mu ntango namye ntora OYA ku nteguro yo gushira amahera muri ino ntambara kandi nshigikiye amahoro".

'Umusi mubi mubi muri kahise' - umushingamateka wa Ukraine

Oleksandr Merezhko, umushingamateka wa Ukraine wo mu mugambwe wa Perezida Zelensky, avuga ko yaguye mu gahundwe yumvise iyi nkuru.

Yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ati: "Ibintu biriko biraba biragoye kwemera kubera sinashobora kwiyumvira, mu ndoto zanje mbi cane, ko Trump yohavuye ahagarika imfashanyo y'igisirikare kuri Ukraine muri iki gihe nyaco tuyikeneye cane".

Abona ko Perezida Trump ariko agerageza gushira ku ruhande Ukraine n'Ubulaya, kugira ngo agiriranire amasezerano n'Uburusiya.

Ati: "Nibaza ko Trump akwiye kwiyumvira cane ikibanza ciwe muri kahise.

"Kuri jewe ni umusi uzoba mubi cane muri kahise".