Umukuru w'ingabo z'Ubwongereza agabisha ko 'igihe ca gatatu ca nikleyeri' kigeramiye Uburengero

Amiral Sir Tony Radakin
    • Umwanditsi, Ruth Comerford
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, James Landale
    • Igikorwa, Diplomatic correspondent

Isi iri mu bucagucagu bw' "igihe ca gatatu c'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara [canke vya nikleyeri]", Ubwongereza bukaba buhanzwe n'abansi benshi harimwo n'Uburusiya, niko umukuru w'ingabo z'iki gihugu agabisha.

Amirali Sir Tony Radakin avuga ko "iterabwoba ridasanzwe ry'ikoreshwa ry'ibirwanisho vya nikleyeri bikoreshwa mu ntambara" rikorwa n'Uburusiya, ukungene Ubushinwa buriko burarundarunda ibirwanisho vya nikleyeri, Irani ikaba yaragararije amasezerano agenga ibirwanisho vya nikleyeri, hamwe kandi n'"inyifato idasanzwe" ya Koreya ya Ruguru, ari bimwe mu bigeramiye Uburengero.

Ashimangira ko ari ngombwa ko igisata co kwivuna abansi gihabwa amafaranga menshi kandi kigatunganywa gushasha.

Ibi yabivugiye mw'ijambo yashikirije ku wa gatatu w'ino ndwi ku kigo c'abahinga mu bijanye no kwivuna abansi, Royal United Services Institute (Rusi) .

Nubwo yagabishije uko, Amirali Radakin avuga ko hari "amahirwe ari kure cane" y'uko Uburusiya bushobora gutera canke kurasa mu Bwongereza biramutse bishitse ko ibi bihugu vyinjira mu ntambara.

Amirali Radakin yongerako ko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya azi neza inguvu za nikleyeri z'Ubwongereza, akavuga kandi ko zifise ingaruka mbi gusumba izindi zova ahandi.

Ashimangira ko amareta yagiye akurikirana mu kurongora Ubwongereza yashize "amahera atari make" mu gusanura amato y'intambara n'imitwe y'ibisasu vya nikleyeri kubera iki.

Avuga ko vyamye ari ngombwa ko bubandanya bwiyubaka mu bijanye n'ibirwanisho vya nikleyeri, aho avuga ko igihe ca mbere ca nikleyeri ari ca gihe c'intambara y'ukwikekana (Guerre froide/Cold War), ica kabiri kikaba caranzwe n'utwigoro two gutuza ibi birwanisho no "kurwanya ukwiyongera kwavyo".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Turi mu bucagucagu bw'igihe ca gatatu c'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, kandi ni igihe kigoye cane".

Ku bwiwe, iki ni igihe giteye akaga kuruta ibindi vyose yaciyemwo mu mwuga wiwe, kandi ko isi iri gihe co guhangana gukomeye gusumba ibindi bihe vyose.

Mu gushimangira ko igisata c'ukwivuna abansi cokwongererezwa uburyo bw'amafaranga, yavuze ko "igiciro co kwikingira no kuzibira intambara cama ari gito kuruta igiciro kiva ku mutekano muke no ku ntambara".

Reta yiyemeje kwongereza amafaranga aja mu gisata co kwivuna umwansi gushika ku bice 2,5% vy'umutungo rusangi w'igihugu, ariko ntivuga igihe izoshika kuri iyi ntego.

Gukoresha amahera menshi mu vyo kwivuna abansi bishobora guteza impari za poritike kuko vyosigura ko ibindi bisata nkubuvuzi n'amashure vyoca bihabwa uburyo buke.

Ingingo iyo ari yo yose ijanye no kwongereza aya mafaranga gushika ku bice 2,5% - ivyo abihweza ibintu n'ibindi batari bake babona ko bizoba ari ngombwa, mbere Amerika igashobora gusaba ayasumba nghaha - yosaba ko igihugu cose kiyishigikira.

Kugira ibi bishoboke, Amirali Radakin avuga ko yipfuza kwumvisha abanyagihugu ko bokwiyumvamwo ico yita "ivyago vy'intambara" atari uko babanje kuyinjiramwo - mu kugabisha ku rugero rw'akaga Ubwongereza buhanganye nako.

Igabisha ryiwe rirakomeye kandi riratumbereye, nk'uko abivuga, mu ntumbero yo "guhumuriza igihugu no gutsimbataza agatima ko kwama kigavye".

Ati: "Ubwo twoba dutahura ikiduhanze? Twoba dufise umuhamagaro nyawo wo kwivuna?"

Mu yandi majambo, abanyagihugu botangura gute gutahura ko ata mahoro yandi biteze nk'ayo babayemwo kuva Igitambara c'Icuma (Rideau de fer/Iron Curtain) gikorotse.

Iyi ni yo nsiguro nyamukuru reta yishimikiza mu gutunganya gushasha igisata c'ukwivuna abansi, igikorwa citezwe mu mwaka uza kandi kikerekana ibikwiye kuzohindurwa kugira ngo igihugu gishobore guhangana n'iterabwoba ryo muri kazoza.

Amirali Radakin avuga ko Ubwongereza bukeneye "kwugurura amaso cane mu kwihweza" iterabwoba ribuhanze.

Ati: "Aha harimwo no kwemera ko hari amahirwe make cane y'igitero kitaziguye c'Uburusiya ku Bwongereza, kandi ivyo ni ko biri no kuri OTAN/NATO yose".

Umuvugizi w'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere avuga ko umushikiranganji wo kwivuna abansi John Healey yaheruka kuvuga ku bijanye n' “ingene igisirikare reta yarazwe n'iyahahora cifashe”.

Agira ati: “Nico gituma integuro y'amafaranga reta ikoresha yashize amamiriyaridi y'amapawundi mu gisata co kwivuna umwansi, ni co gituma turiko turagitunganya gushasha kugira ngo twame dufise ubushobozi n'uburyo bukenewe kugira ngo turwanire iki gihugu.

Iri jambo ry'umukuru w'ingabo ryakurikiye akamo k'umushikiranganji wa mbere Sir Keir Starmer aho mu ntango z'uku kwezi yagabishije ko imyaka y'ukwiganza kw'ubutegetsi bw'inyuma y'intambara yarangiye, kandi ko Ubwongereza butegerezwa kuva "muri uno mwijima w'ubunebwe" bugashira inguvu zose mu kurwanira inyungu zabwo.

Uwurongoye igisata co kwivuna abansi Alistair Carns na we nyene yagabishije ko intambara ikomeye ishobora gutuma igisirikare gifudika cose mu mezi atandatu canke 12.

Yabwiye abari muri iryo koraniro ry'abahinga ko Ubwongereza bukeneye ingabo z'integabizoza kugira ngo bushobore kurwana "intambara yeruye".

Ibitigiri bizwi mu gisirikare c'Ubwongereza bivuga ko gushika ku wa 1 Gitugutu (10) uno mwaka, iki gihugu cari gifise ingabo 109.245, harimwo 25.814 z'integabizoza.