Menya ingene Korea ya Ruguru ishobora guhingura ibirwanisho biriko vyiha inkumbi muri Ukraine kandi iri mu bihano

Igisirarira c'igisasu ca misire gifise ibimenyetso bidasanzwe
Insiguro y'isanamu, Igisirarira c'igisasu ca misire gifise ibimenyetso bidasanzwe
    • Umwanditsi, Na Jean Mackenzie
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Seoul

Ku wa 02 Nzero (1) uno mwaka, umugenduzi w’ibirwanisho w’umunya Ukraine, Krystyna Kimachuk, yaguye ku bisigarira vy’igisasu kidasanzwe cari caguye ku nzu mu gisagara ca Kharkiv. Yaciye atangura kubisambagura, kimwe kimwe ukwaco, afata n’amafoto y’agace kamwe kamwe ku kandi, harimwo n’ama-vis n’uduce tuzwi nka circuits intégrés/microchips tw’imashini nyabwonko, duto cane, turi musi y’inzara z’intoke. Yashoboye kubona ko iki kitari igisasu ca misire c’Uburusiya, ariko ikibazo yari afise kwari ugutanga ivyemezo.

Umupfasoni Kimachuk yahavuye atora urudome rwo mu ndome zo muri Korea. Mu nyuma yaguye ku kimenyetso nyaco. Igitigiri 112 cari gihometse ku bice bimwe vy’iki gisasu. Iki gitigiri naco kijanye n’umwaka wa 2023 mu kirangamisi ca Korea ya Ruguru. Aho niho yaciye abona ko ikintu yariko arihweza cari icemezo gikomeye ko ibirwanisho vya Korea ya Ruguru biriko birakoreshwa mu gutera igihugu ciwe.

Ati: "Twarumva ko bahaye Uburusiya ibirwanisho, ariko narashoboye kucibonera, ndagikorakora, ndagikorako amatohoza, ku rugero ata wundi n’umwe yari bwigere abikora. Iki cari ikintu kidasanzwe”.

Kuva ico gihe, igisirikare ca Ukraine kivuga ko Uburusiya bumaze kurasa ibisasu bitari bike vya Korea ya Ruguru ku butaka bwayo. Bimaze guhitana nibura abantu 24 bikomeretsa abarenga 70.

Nubwo Kim Jong Un aherutse kuvuga amajambo agumye, ko yariko yitegurira gutanguza intambara ya nikleyeri, ikibazo nyamukuru kihari ubu ni kubona Korea ya Ruguru ifise ubushobozi bwo gutuma ibintu vyunkuka mu ntambara zisanzwe zihari no guteza umutekano muke kw’isi.

Umupfasoni Kimachuk akorera ikigo Conflict Armament Research (CAR), kijejwe kwiheza ibirwanisho bikoreshwa mu ntambara no kwiga neza ingene biba vyarahinguwe. Ariko inyuma y’aho umurwi arongoye umariye kwihweza amajana n’amajana y’ibisigarira vy’iki gisasu, niho yagiye agwa ku kintu c’igitangaza kidasanzwe.

Vyari bikozwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none bwo hanze. Hafi ibikoresho vyose vya elektroniki ni vyahinguriwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’i Bulaya mu myaka mike iheze. Hari mbere na circuit intégré y’imashini nyabwonko yari yahinguwe ubu bwa vuba, imbere ya Ntwarante (3) 2023.

Ibi bisigura ko Korea ya Ruguru yashoboye kuronka, mu buryo butemewe n’amategeko, ibikoresho nkenerwa nyamukuru vyo guhingura ibirwanisho, iravyinjiza mu gihugu mu kinyegero, irakora ibisasu vya misire, yongera irabirungika mu Burusiya mu kinyegero, hanyuma bishikanwa ku rubuga rw’intambara.

Ibigize ibigwanisho bivugwa ko bihingurirwa muri Korea ya Ruguru
Insiguro y'isanamu, Ibigize ibigwanisho bivugwa ko bihingurirwa muri Korea ya Ruguru
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Damien Spleeters , icegera c’umukuru wa CAR, ati: "Iki ni co kintu gitangaje cane, kuko nubwo isanzwe iri ku bihano ruhasha bimaze imyaka yababa 20, Korea ya Ruguru iracashoboye kuronka ivya nkenerwa vyose kugira ngo ishobore guhingura ibirwanisho vyayo, kandi ku muvuduko udasanzwe”.

Eka na Joseph Byrne, umuhinga wa Korea ya Ruguru ku kigo c’abahinga mu bijanye no kwivuna abansi Royal United Services Institute (RUSI) kiri i Londres mu Bwongereza yaguye mu gahundwe.

Ati: "Si nashobora kwibaza ko nobonye ibisasu vya misire vya Korea ya Ruguru bikoreshwa mu kwica abantu ku butaka bwa Bulaya”.

Avuga ko we n’umurwi wiwe ku kigo RUSI bakurikiranira hagufi ibirwanisho Korea ya Ruguru irungikira Uburusiya kuva Kim abonanye na mugenziwe w’Uburusiya Vladimir Putin mu kw’icenda umwaka uheze aho bivugwa ko bagigiraniye amasezerano yo guhanahana ibirwanisho.

Bakoresheje amasanamu y’ibigendajuru, bashoboye kubona amato ane atwara ibintu agenda agaruka hagati ya Korea ya Ruguru n’ikivuko co mu Burusiya, yuzuye amajana n’amajana y’amakonteneri ica rimwe.

RUSI iharura ko amakonteneri yose hamwe 7000 yashoboye kurungikwa, yuzuye ibisasu vya misire n’ivya muzinga birenga umuriyoni. Amatohoza yabo ashimangirwa n’igendereza rya Amerika, Ubwongereza na Korea y’Epfo, nubwo Uburusiya na Korea ya Ruguru bihakana uru rudandaza.

Byrne ati: "Ibi bibombe n’ibisasu vya muzinga biri mu bintu bironderwa cane kw’isi muri iki gihe kandi biriko biha Uburusiya ubushobozi bwo kubandanya bucucagira ibibombe ku bisagara vya Ukraine mu gihe Amerika n’Ubulaya vyovyo bitabona kumwe ibirwanisho vyorungikira Ukraine”.

Akaryo kuri Korea Ruguru ko kugerageza ibirwanisho vyayo mu gihe c’intambara

Ariko Byrne na bagenziwe batewe umutima uhagaze n’irungikwa ku rugamba ry’ibisasu vya misire biraswa kure bigendera hejuru cane (missiles ballistiques), kubera bigaragaza umugambi ukomeye wa Korea ya Ruguru wo guhingura ibirwanisho.

Kuva mu myaka ya 1980 Korea ya Ruguru isanzwe igurisha ibirwanisho hanze, vyinshi ikaba ibigurisha mu bihugu vyo muri Afrika ya Ruguru n’Ubuseruko bwo hagati, harimwo Libya, Syria na Irani. Hari kandi ivyemezo ko abarwanyi ba Hamas boba barakoresheje ibisasu vya rokete vyo mu bwoko bwa RPG (Rocket-propelled grenade) vyahinguriwe muri Korea ya Ruguru mu gitero cabo co mu kw’icumi kw’umwaka uheze.

Ariko iki gisasu carashwe ku wa 2 Nzero, ari na co umupfasoni Kimachuk yashoboye gukorako icigwa, ni co caboneka ko ari co gisasu ca misire ca Korea ya Ruguru kiraswa ku ntera ngufi gihinguwe mu buhinga bwo ku rwego rwo hejuru – kizwi nka Hwasong 11 – gishobora kugenda gushika ku ntera y’ibirometero 700.

Dr Jeffrey Lewis, umunya-Korea ya Rugugu w’umuhinga mu bijanye n’ibirwanisho no kurwanya ikwirakwizwa ryavyo ku kigo Middlebury Institute of International Studies, avuga ko akarusho ari uko ibi bisasu vya misire bizimbutse cane. Ibi bisigura ko ushobora kugura vyinshi kandi ukarasa vyinshi iyo uriko urondera gusumiranya umwansi, ari na vyo Abarusiya basa n’abariko barakora muri kino gihe.

Ibi rero bituma haduka ikibazo co kwibaza igitigiri c’ibi bisasu Korea ya Ruguru ishobora guhingura. Reta ya Korea y’Epfo iherutse kuvuga ko Korea ya Ruguru yarungitse amakonteneri 6700 y’ibisasu mu Burusiya, ikavuga ko inganda za Korea ya Ruguru zakora ijoro n’umurango, mbere na Dr Lewis amaze igihe yiga izi nganda aciye ku bigendajuru, avuga ko Korea ya Ruguru ishobora guhingura ibiharurwa mu majana ku mwaka.

Mu gihe bagitangaye, Spleeters n’umurwi wiwe ubu bariko bagerageza kuraba ingene ibi bishoboka, mu gihe bizwi ko amakompanyi yabujijwe gushora ibikoresho muri Korea ya Ruguru.

Microchips/circuits intégrés nyinshi z’inyabwonko zikoreshwa mu birwanisho vya none, ari zo zibiyobora mu kirere kugira ngo bishikire aho vyagenewe kuraswa, ni co kimwe n’izi zisanzwe zikoreshwa mu materefone, mu mamashini yo kumesa no mu mamodoka, nk’uko Spleeters abivuga.

Izi rero zigurishwa kw’isi yose ku rugero runini cane. Abazihingura bagurisha amamiriyaridi yazo ku bazikwiragiza, aba nabo bakagurisha amamiriyoni n’amamiriyoni yazo irya n’ino, ibi bigasigura ko badashobora kumenya iyo ziherera.

Nubwo biri uko, Byrne ntiyumva ukungene ibi bisasu vya misire bikozwe ahanini mu bikoresho vyavuye mu Burengero. Vyerekana ko imihora y’amasoko ya Korea ya Ruguru ikomeye cane, kandi ko ikora bikomeye gusumba uko yavyibaza mu matohoza yiwe.

Mu matohoza yiwe, yabonye ko Abanya-Korea ya Ruguru baba hanze bashinga amakompanyi y’ububeshi muri Hong Kong canke mu bindi bihugu vya Aziya yo hagati kugira ngo bagure ibintu, bakoresheje cane cane amafaranga bivye. Mu nyuma y’aho baca babirungika muri Korea ya Ruguru babicishije ku rubibe rwayo n’Ubushinwa. Iyo ikompanyi y’ububeshi ihinyutse igafatirwa ibihano, ubwo nyene haca havuka iyindi iyisubirira.

Kuva kera, ibihano vyamye biboneka ko ataco bimaze mu kurwanya iyi mihora, ahubwo ko bibafasha kuyinagura no kuyikomeza. Uburusiya n’Ubushinwa vyaranse gufatira ibihano Korea ya Ruguru kuva mu 2017.

Mu kugura ibirwanisho vya Korea ya Ruguru, Uburusiya buhonyanga ibihano bwemeje nka kimwe mu bihugu ntayegayezwa mu naman kuru y’umutekano kw’isi. Hanyuma kandi mu ntango z’uno mwaka, bwarahagaritse intumwa za ONU zakurikirana ikurikizwa ry’ibi bihano, aha bukaba bwashaka kugira ngop ntibuhinyuke.

Nico gituma ibi birwanisho bishika kure bigakoreshwa mu ntambara yo muri Ukraine.

Byrne avuga ko bifasha cane Uburusiya, ariko kandi ko biha akunguko Korea ya Ruguru.

Mu kwa gatatu, ikigo RUSI cabonye ibitoro vyinshi birungikwa muri Korea ya Ruguru bivuye mu Burusiya, mu gihe amagari ya moshi yuzuye ivyibazwa ko ari umuceri n’ifu yabonywe ajabuka urubibe rw’ibi bihugu. Ano masezerano agereranywa ko afise agaciro k’amamiriyoni y’amadorari, ntazoha akoyoko ubutunzi gusa bwa Korea ya Ruguru, ariko kandi n’igisirikare cayo.

Bimwe ku biri mu birwanisho vya Korea ya Ruguru

Uburusiya buha Korea ya Ruguru ibikoresho nkenerwa vyo guhingura ibisasu vya misire, canke mbere ibikoresho vya gisirikare nk’indege z’intambara, hamwe kandi n’imfashanyo mu bijanye n’ubuhinga mu guhingura ibirwanisho vyayo ruhinyanganda vy’ubumara.

Vyongeye, Korea ya Ruguru iriko iharonkera akaryo ko kugerageza ibisasu vya misire vyayo bigezweho mu gihe nyaco c’intambara ku ncuro ya mbere. Ibi bizotuma ishobora guhingura vyiza gusumba.

Korea ya Ruguru: igihugu gishora cane ibisasu vya misire?

Igiteje impungenge ni uko ino ntambara yugururiye Korea ya Ruguru idirisha riyishikana mu bindi bice vy’isi.

Ubu Korea ya Ruguru ni kimwe mu bihugu bihingura ibi birwanisho ku bwinshi, ikaba izokenera kubigurisha mu bindi bihugu, kandi mu gihe izi misire zoba ari ngirakamaro ku Burusiya, zizoba ngirakamaro no ku bindi bihugu, nk’uko bivugwa na Dr Lewis – cane cane mu gihe Abarusiya bariko batanga akarorero ko ata ngorane guhonyanga ibihano.

Abona ko Korea ya Ruguru igiye kuba isoko rinini ryo gusumiramwo ibirwanisho ku runani rw’ibihugu vy’Ubushinwa-Uburusiya-Irani. Inyuma y’igitero ca Irani kuri Israel mu kwezi guheze, Amerika yavuze ko ifise “impungenge nyinshi” ko Korea ya Ruguru ishobora kuba iriko ikorana na Irani mu mugambi wo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.

Spleeters ati: "Mbona abantu benshi baca bakanya mu maso iyo tuvuze iki kibazo. Ariko iciza ni uko ubu tuzi urugero rw’ingene bagendera ku buhinga buva hanze, turashobora kugira ico dukoze kuri ibi".

Spleeters afise icizere ko mu gukorana n’abahingura ibi bikoresho bashobora kuzibira imihora ya Korea ya Ruguru. Umurwi wiwe warashoboye gutora no kuzibira umuhora uteye kubiri n’amategeko imbere y’uko igurishwa rikomeye ry’ibi bikoresho riba.

Ariko Dr Lewis ntaranyurwa neza.

Ati: "Turashobora gushiraho inzitizi, kutaborohereza, tukanashobora no kuduza ibiciro, ariko nta na kimwe muri ibi kizoshobora kuzibira Korea ya Ruguru guhingura ibi birwanisho", akongerako y’uko Uburengero bwananiwe rwose mu twigoro twabwo two kuzibira ibi bihugu vy’abagarariji.

Ubu, hampande y’uko ibi bisasu vya misire bitanga icubahiro n’inguvu za poritike muri ibi bihugu, ni inzira kandi yo kuronka amafaranga menshi cane, nk’uko bisigurwa na Dr Lewis. None wumva ubu wumva ari igiki cotuma Kim Jong Un abiheba?