Ukraine-Russia: Vladimir Putin arashobora kwicara agatekana, akaraba iyo biherera - Steve Rosenberg

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Steve Rosenberg
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC ku Burusiya
Inyuma y'ibintu vy'agahomerabunwa vyabaye ku wa gatanu muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) abategetsi batari bake kw'isi bagize ico bavuga, ariko atari Vladimir Putin. Ntaco uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya aravuga gushika ubu.
Kandi vy'ukuri nta kintu akeneye kuvuga. Perezida Putin arashobora kwicara kwicara agatekana, akaraba iyo biherera.
Donald Trump yari yabonye imbere y'igihe ko imishamirano hagati ya we na Perezida Zelensky yari "kuba ikintu c'akaroruhore kuri televiziyo ".
Nta nkeka ko Vladimir Putin ategerezwa kuba yararyohewe no kubona ingene, mu buryo bumaramaje, umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'icegera ciwe, imbere y'ibinyamakuru mpuzamakungu, bariko bararyagagura Volodymyr Zelensky, umukuru w'igihugu Perezida Putin ariko aracuranguza.
Ariko rero, abategetsi bamwebamwe b'Uburusiya bagize ico bavuga kuri ibi bintu vyabereye i Washington.
Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro, Dmitry Medvedev yahoze ari umukuru w'igihugu, ubu akaba ari umukuru w'inama y'umutekano y'Uburusiya, yandika ko Perezida Zelensky "yakubiswe akanywafinywafi mu biro vy'umukuru w'igihugu". Yasavye Amerika guhagarika imfashanyo y'igisirikare iha Ukraine.
Ariko rero, nta kundi Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) yari kuvyakira.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Maria Zakharova, yashimiye Trump na JD Vance ku kuntu bigumije "mu buryo bw'igitangaza" maze ntibakubita umukuru w'igihugu ca Ukraine.
Ni ikimenyetso c'isura nshasha y'isi dusa n'abinjiyemwo ubu ko, mu gihe imigenderanire hagati ya Amerika na Ukraine ishobora kuba iriko irasenyuka, ibihushanye bishoboka mu kubona Amerika n'Uburusiya bigiriranira ubucuti bw'akadasohoka. Kuva imyaka n'imyaka, Amerika n'Uburusiya vyamye ari nk'imbwa n'akagomba.
Mu ndwi nkeya ziheze, Trump na Putin baravuganye kuri terefone, barasezerana gukorana mu buryo bwa hafi cane; haravugwa inama ishobora kubaho vuba hagati y'aba bategetsi b'ibi bihugu bibiri rutura; ibiganiro vyo ku rwego rwo hasi hagati ya Amerika n'Uburusiya mu ntumbero yo gusubiramwo imigenderanire no kuganira ku bijanye no gufashanya mu vy'ubutunzi muri kazoza biza vyaramaze gutangura.
Perezida Putin ariko araryosharyosha Abanyamerika n'imigambi rusangi ishobora kubazanira akarusho, harimwo n'ivyo gucukura ubutare budasanzwe bwa terres rares hamwe na aluminium.
Isenyuka ry'imigenderanire hagati ya Ukraine na Amerika ryoba akaga gakomeye cane kuri Kyiv, ariko rikaba akarusho kanini kuri Moscou.
Ari nka hamwe Amerika yohagarika kurungikira Ukraine ibirwanisho, Abanya-Ukraine boba binjiye mu kaga kadasanzwe mu kwivuna ingabo z'Uburusiya zateye igihugu cabo, naho ibihugu vya Bulaya vyoshigikirana gute, bikabandanya bishigikiye Ukraine.
Kuva mu misi mike iheze, Moscou irizeye ko intambara yo muri Ukraine ubu iriko iragenda nk'uko Uburusiya bushaka. Uru ruyogoyogo rwo muri Maison Blanche rwaje gutsimbataza iyi mbono.
Ubulaya bwobwo ntibudohoka kuri Ukraine
Hagati aho, abategetsi batari bake ba Bulaya bashigikiye Ukraine inyuma y'ivyabaye ku wa gatanu muri Amerika.
Abategetsi b'ibihugu vy'Ubudagi, Ubufaransa, Espagne, Pologne n'Ubuholandi bari mu bacishije ubutumwa bwabo ku mbuga hwaniro bashigikira Ukraine – aho Zelensky na we yishura kuri buri butumwa bumwebumwe bwose mu kubashimira ku kungene bamushigikiye.
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yanditse ati: "Hari uwateye igihugu: Uburusiya. Hari uwatewe: Ukraine. Turi mu kuri mu gufasha Ukraine no gufatira ibihano Uburusiya mu myaka itatu iheze - kandi tukabandanya tubikora".
Umukuru wa reta y'Ubudagi agiye kuva ku butegetsi Olaf Scholz yanditse ngo "nta bandi bantu na bamwe bakeneye amahoro gusumba abanyagihugu ba Ukraine", aho uwugiye kumusubirira na we Friedrich Merz yongera ngo "turi kumwe na Ukraine" kandi "kirazira ko twitiranya uwateye n'uwateye muri iyi ntambara y'ubugome".
Hagati aho, avugana na BBC ejo ku wa gatandatu, umunyamabanga mukuru wa OTAN Mark Rutte yavuze ko yavuganye na Zelensky incuro zibiri inyuma y'iyo nama yo muri Maison Blanche, kandi ko yamubwiye ko ari "ngombwa kwubaha" ivyo Trump amaze gukorera Ukraine gushika ubu.
Nayo mu rugendo arimwo mu Bwongereza, Zelensky yakiriwe n'isinzi ry'abamukeza, umuvugizi w'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere nawe agashimangira ko igihugu ciwe gishigikiye Ukraine, "akongerako ko Ubwongereza buzokwama buri kumwe nabo, igihe cose bizotwara".














