Trump abwira Putin guhagarika 'intambara iteye isoni' muri Ukraine canke afatirwe ibindi bihano

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Sarah Rainsford
- Igikorwa, Umunyamakuru i Kyiv
- Umwanditsi, Robert Greenall
- Igikorwa, BBC News
Donald Trump agabisha ko azodugiriza amakori Uburusiya yongere abufatire n'ibindi bihano ari nka hamwe Vladimir Putin yonanirwa no guhagarika intambara yo muri Ukraine.
Mu butumwa yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe, Truth Social, avuga ko mu gusaba ko intambara ihagarara ari "ubuntu bukomeye cane" ariko agirira Uburusiya na Perezida wayo.
Imbere y'aha, Trump yari yavuze ko azogira ibiganiro vyo gutorera umuti mu musi umwe gusa iyi ntambara yo muri Ukraine yatangujwe n'Uburusiya muri Ruhuhuma (2) 2022.
Uburusiya ntaco buravuga kuri ano majambo ya Trump, ariko abategetsi bo hejuru baherutse kuvuga ko hariho akabero gatoya ku butegetsi bw'Uburusiya ko gukorana n'ubutegetsi bushasha bwa Amerika.
Putin abandanya avuga ko yiteguriye ibiganiro vyo kurangiza intambara yatanguye ubwa mbere mu 2014, ariko ko ari ngombwa ko Ukraine yemera guhebera Uburusiya uturere twayo bwigaruriye, ubu tukaba tungana na 20% vy'ubutaka bwayo. Ntashaka kandi ko Ukraine yinjira muri OTAN/NATO.
Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) ntiyerekwa ivyo guheba ubutaka bwayo, nubwo Perezida Volodymyr Zelensky yemera ko bishobora kuba ngombwa ko aheba vy'agateganyo bumwe mu butaka bwigaruriwe n'Uburusiya.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa kabiri, Trump yavuze ko yitegura kuvugana na Putin "ubu bwa vuba" kandi "birashoboka" ko afata ibindi bihano ari nka hamwe uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya atokwitaba ibiganiro.
Ariko mu butumwa bwiwe kuri Truth Social ejo ku wa gatatu, yarashitse kure, aho yanditse ati: "Ngiye kugirira UBUNTU bukomeye cane Uburusiya, Ubutunzi bwabwo bugeze ahatemba, hamwe na Perezida Putin.
"Ni mwumvikane ubu, kandi UHAGARIKE iyi ntambara iteye isoni! UBU IBINTU BIZOBA BIBI GUSUMBA. Tudashitse ku 'masezerano', kandi ubu bwa vuba, nta kundi nzogira atari ugushira ku rugero rwo hejuru amakori, amatagisi, n'ibihano ku kintu ico ari co cose Uburusiya bushorera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika no mu bindi bihugu biyifisemwo uruhara".
Abandanya agira ati: "Reka turangize iyi ntambara itari kuba yaradutse iyo nkaba ndi umukuru w'igihugu! Turashobora kubikora mu buryo bworoshe, canke mu buryo bugumye - kandi inzira yoroshe yama ari nziza. Igihe kirageze co "GUSHIKA KU MASEZERANO"."
Imbere y'aha, icegera c'uwuserukira Uburusiya mw'ishirahamwe ONU Dmitry Polyanskiy yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ikeneye kumenya ico Trump yipfuza mu masezerano yo guhagarika intambara imbere y'uko ico gihugu gifata ingingo.
Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yabwiye Ikoraniro mpuzamakungu ry'ubutunzi ku wa kabiri ko ingabo zijejwe kubungabunga amahoro nibura 200.000 zishobora gukenerwa mu masezerano ayo ari yo yose yoshikwako.
Yabwiye kandi ikinyamakuru Bloomberg ko ingabo izo ari zo zose zorungikwa mu gihugu ciwe zotegerezwa kuba zirimwo iza Amerika kugira ngo zishobore koko kuzibira Uburusiya.
Ati: "Ntibishoboka Amerika itarimwo... nubwo bamwe mu bagenzi b'Abanyabulaya bibaza ko bishoboka, oya, ntibizokunda". Yongerako ko ata wundi n'umwe yokwishira mu ngorane yo gufata ingingo nk'iyi Amerika itarimwo.
Mu gihe abategetsi ba Ukraine bashobora kwishimira iyi mvugo ikomeye ya Trump – babandanya bavuga ko Putin atahura inguvu zonyene – biboneka ko abanyagihugu ba Kyiv bobo barindiriye kubona ibikorwa, ntibakeneye amajambo.
Trump ntarerekana ibisata ibi bihano bishobora kuba vyerekeye, canke igihe azobifatira. Ibidandazwa vyinjira muri Amerika vyaragabanutse cane kuva mu 2022 kandi hari ibihano bikomeye vy'ubwoko bwose bisanzwe bihari.
Muri iki gihe, ibidandazwa nyamukuru Uburusiya bushorera muri Amerika ni ifumbire uhinguwe muri phosphate na platinum.

Ahavuye isanamu, EPA
Ku mbuga hwaniro, abanya-Ukraine berekana ko batavyishimiye. Benshi babona ko ibihano bindi ataco bimaze kuri iyi ntambara y'Uburusiya. Ariko ikibazo gikomeye kuri benshi ni ukumenya mu vy'ukuri ico Putin ashaka kuganirako na Ukraine mu biganiro ivyo ari vyo vyose vy'amahoro.
Hagati aho i Moscou, abanyagihugu bamwe bamwe bariko barabona ibimenyetso vy'uko Kremlin yoba iriko irategura Abarusiya kwemera bikeyi kuruta "intsinzi" bari bizeye, aho bari biteze kubona ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe vyanzaganya igihugu cose gushika mu burengero mpaka mu gisagara ca Odesa kiri ku nkengera y'ikiyaga mu bumanuko.
Umunyamakuru wo ku mboneshakure Margarita Simonyan, umugore ashigikiye cane Putin, yatanguye kuvuga ibijanye no kwemera uko ibintu bimeze "mu vy'ukuri" mu nzira yo guhagarika intambara, aho avuga ko ishobora kubamwo uguhagarika ingwano aho urwasiro rugeze gushika ubu.
Ibi bisigura kwemera ko Kyiv ari yo igenzura ibice vy'intara zine za Ukraine nka Zaporizhzhia Putin yatangaje mu buryo buteye kubiri n'amategeko ko zegukira Uburusiya, ubu hakaba haciye imyaka irenga ibiri.
Abarusiya bagendera ku vyiyumviro bikaze, bazwi nka "Z" bloggers, bararakajwe n'uku kwemera "ugutsindwa".
Mu butumwa bwiwe yacishije ku mbuga hwaniro agabisha ko ashobora kuduza amakori agafata n'ibihano bikomeye, Trump yakoresheje amajambo ahinyanyuye yerekana "urukundo" afitiye abanyagihugu b'Uburusiya.
Yerekana kandi n'icubahiro afitiye Abasoviyeti bapfuye mu ntambara ya kabiri y'isi yose - ikintu Putin afata ko ari nk'iteka – nubwo Trump yarengeje urugero ku bijanye n'ibitigiri atanga kandi agasa n'uwibaza ko icahoze ari Ubumwe bw'Abasoviyeti (URSS/USSR) cari Uburusiya gusa. Mu vy'ukuri, amamiriyoni y'Abanya-Ukraine n'abandi banyagihugu b'Abasoviyeti nabo nyene barahapfiriye.
Icakora, uyu mugabo yigeze kuba avuga ko yashobora "gutahura" impungenge z'Uburusiya ku bijanye n'iyinjira rya Ukraine muri OTAN – kuri Kyiv ibi bikaba bisa n'ukuvuga ko Putin yasomborokejwe – asa n'uwuriko arahindura imvugo yiwe.
Aho Trump ahagaze [ku vyerekeye iyo ntambara] ni ikintu gikomeye. Ariko inyuma y'imyaka 11 bamaze mu ntambara n'Uburusiya hamwe na kahise k'amasezerano y'amahoro ata kinini yamaze, Abanya-Ukraine bafise ukwizera kuri ku rushi.










