Intambara ya Ukraine: Papa Francis asaba amahoro, aho yise Abarusiya n'abanya-Ukraine 'abavyara'

Papa mu rugendo rwiwe muri Corse

Ahavuye isanamu, Reuters

Mu rugendo rwiwe mw'izinga ry'Ubufaransa rya Corse/Corsica, Papa Fransisko yasavye ko amahoro yoboneka vuba bwango hagati ya Ukraine n'Uburusuya, aho yise abanyagihugu b'ibi bihugu vyompi "abavyara".

Itangazo rya Vaticano rivuga ko Papa Francis yasenze asaba ko "amahoro amaze igihe kirekire arindiriwe ku banyagihugu ba Ukraine n'ab'Uburusiya yoboneka".

"Ni abavukanyi, ni abavyara. Nibarondere umwumvikano".

Amajambo yerekeye imigenderanire "y'abavukanyi" hagati y'Abanya-Ukraine n'Abarusiya yama arakaza abanyagihugu benshi bo muri Ukraine bayakira nabi cane, kubera ko abategetsi b'Uburusiya bakunze kuyakoresha mu gusigura intambara yabo.

Aha hariho cane cane nk'urwandiko rwa Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya ruvuga ngo "Ku bumwe bw'Abarusiya n'abanya-Ukraine kuva muri kahise ", rwabaye rumwe mu nyandiko nyamukuru zifatirwako mu gusigura iki gitero kuri Ukraine.

Si bwo bwa mbere muri kahise amajambo ya Papa kuri ino ntambara ateza uburakari mu bategetsi bwa Ukraine.

Muri Ntwarante (3) 2024, Papa yateye akamo Ukraine "kuja mu biganiro imbere y'uko ibintu biyangara", kandi ko iki gihugu gishobora gukiriza "ibendera ryera" kugira ngo amaraso ntabandanye aseseka.

Mu gihe yariko yishura ikibazo c'umunyamakuru w'ikinyamakuru co mu Butaliyano RSI, Lorenzo Buccelli, yamubaza ico avuga ku ruhande rw'abashaka ko Ukraine ishura amaboko hejuru ikamanika ibendera ryera, mu gihe hari urundi rwabona ko kwoba uguha uburenganriza ibihugu rutura, Papa yishuye ati:

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Nibaza ko uwubona uko ibintu vyifashe, yiyumvira abantu, afise ugushaka kwo kumanika ibendera ryera kugira ngo aganire ari we akomeye kuruta. Kandi uno musi murashobora kuganira mufashijwe n'amakungu.

"Ijambo 'ibiganiro' ni ijambo ry'ubutwari. Iyo ubonye ko uriko uratsindwa, ko ibintu bitariko biragenda neza, utegerezwa kugira umutima rugabo wo kuganira. Wumva ufise isoni, ariko none ibi bizorangira hapfuye abangana iki?"

Yongeyeko ati: "Ni muganire hakiri kare, murondere ibihugu bimwe bimwe vyobahagararira…ntuterwe isoni no kuganira ibintu bitarayangara".

Mu kumwishura, umushikiranganji wa Ukraine yari ajejwe imigenderanire ico gihe, Dmytro Kuleba, yanditse ko "muri uru rugamba hagati y'iciza n'ikibi, umuntu wa mbere akomeye gusumba abandi bose ahitamwo kwegamira uruhande rw'iciza aho kubishira ku rugero rumwe, mu gusaba ibiganiro".

Inyuma y'aho ayo majambo ya Papa arakarije Ukraine n'ibihugu bindi vyo mu burengero, vyaciye biba ngombwa ko Vaticano itanga umuco, aho igisata cayo kijejwe kumeyesha amakuru cavuze ko Papa yashaka ko amahoro yogaruka muri Ukraine kandi ko intambara yotorerwa umuti biciye mu biganiro, kandi ko yakoresheje ijambo "ibendera ryera" kuko ari ryo umunyamakuru yakoresheje.

Imbere y'aha kandi, mu butumwa yacishije kuri videwo ashikirza ijambo urwaruka rw'Abakatorika b'Uburusiya muri Myandagaro (8) 2023, yarakoresheje amajambo atakiriwe neza na Ukraine, aho yagira ati:

"Ntimwibagire ko muri ba samuragwa b'umuvyeyi mukuru, ari we Uburusiya, igihugu gikomeye, kahise kaco, aberanda baco, abantu bakomeye mu mico yaco. Muri ba samuragwa b'Uburusiya igihugu rutura, rero ndabashimiye, ndabashimiye ku kungene muzi kuba Abarusiya. Muzigame iri ragi, muryiteho".

Aya majambo yakiriwe neza n'Uburusiya, aho uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya yavuze ko yanezerewe no kwumva amajambo nk'ayo, mu gihe umushikiranganji wa Ukraine yari ajejwe imigenderanire yavuze ko Papa yasubiyemwo amajambo y'igihugu gishira imbere intwaro y'agahotoro.

Imbere y'aha kandi, muri Ndamukiza (4) 2023, imbere ya Pasika, umuserukizi w'ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe imigenderanire yarerekanye akababaro kiwe ku ngingo ya Vaticano yo gutumira abana b'abahungu ba Ukraine n'Uburusiya mu rugendo rusangi.

Uburusiya bwatanguje intambara yeruye muri Ruhuhuma (2) 2022, bukaba bumaze kwigarurira uturere tw'ubuseruko bwa Ukraine, mu ntambara ikibandanya gushika ubu. Nubwo ibintu bitifashe neza ku rubuga rw'intambara ku ruhande rwa Ukraine, Perezida Volodymyr Zelensky abandanya avuga ko igihugu ciwe kitarota giheba ubutaka bwigaruriwe n'Uburusiya.