Amerika yahaye Ukraine imiriyaridi 20 z'amadolari zavuye mu matungo y'Uburusiya yafashwe

Zelensky na Biden kuri Maison Blanche

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Maia Davies
    • Igikorwa, BBC News

Reta zunze Ubumwe za Amerika zahaye Ukraine imiriyaridi 20 z'amadorari y'Abanyamerika yavuye mu nyungu z'amatungo y'Uburusiya yafashwe.

Iki ni igice kitari gito kiri mu mfashanyo y'imiriyaridi 50 z'amadorari ibihugu bigize umurwi G7 w'ibihugu bitunze kurusha ibindi kw'isi vyiyemeje gutanga mu kwa gatandatu.

Umushikiranganji w'ikigega ca reta wa Amerika, Janet Yellen, avuga ko guha Ukraine imfashanyo biciye mu matungo y'Uburusiya yafashwe bisigura ko Uburusiya butegerezwa "kwikorera umuzigo w'intambara yabwo itemewe n'amategeko, aho kwikorerwa n'abatangakori".

Bibaye hasigaye amayinga make gusa kugira ngo Perezida Joe Biden wa Amerika abisire Donald Trump aherutse gutorwa, akaba avuga ko ashaka kurangiza intambara yo muri Ukraine vuba bwango amaze gushikirizwa amabanga.

Trump avuga ko imfashanyo y'amafaranga ihabwa Ukraine ari uruhombo ku butunzi bwa Amerika, ibi bigatuma haba amakenga nimba ubutegetsi bushasha buzoshobora kubandanya buha imfashanyo iki gihugu gihanganye n'Uburusiya.

Ku wa kabiri w'ino ndwi, ubushikirangaji bwa Amerika bujejwe ikigega bwatangaje ko bwarungitse izi miriyaridi 20 z'amadorari mw'Ibanki y'isi yose, aho Ukraine ishobora kuyaronkera.

Amahera ari mu minwe y'Ibanki y'isi yose ntashobora gukoreshwa mu bikorwa vya gisirikare.

Ubutegetsi bwa Amerika bwari bwizigiye ko igice c'ayo mahera cozokoreshwa nk'imfashanyo ya gisirikare, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ribivuga, ariko vyosaba ko inama nshingamateka na nkenguzamateka zibanza kuvyemeza.

Vyafashe amezi atari make, kubera ukutumvikana hagati y'abanyaporitike mu nama nshingamateka, imbere y'uko imfashanyo y'imiriyaridi 61 z'amadorari y'Abanyamerika igenewe Ukraine yemezwa, muri Ndamukiza (4) uno mwaka.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi mfashanyo y'imiriyaridi 20 izoha "akoyoko kadasanzwe" iki gihugu kiriko kirivuna "mu ntambara kitasotoye", nk'uko Yellen abivuga mw'itangazo ryiwe ryo ku wa kabiri.

Itanzwe inyuma y'amezi atari make y'ibiganiro hagati ya Amerika n'incuti zayo, harimwo Ubumwe bwa Bulaya, ku kungene amatungo y'Uburusiya yababa imiriyaridi 325 z'amadorari y'Abanyamerika yafashwe kuva iki gihugu gitanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu 2022, yokoreshwa.

Muri Gitugutu (10), G7 yaremeye gukoresha inyungu zivuye muri uno mutungo - zababa imiriyaridi zitatu z'amadorari y'Abanyamerika ku mwaka - kugira ngo zitangwe mu ngurane z'imiriyaridi 50 z'amadorari mu kiringo c'imyaka 30. Itangwa ryayo ryari ryitezwe gutangura mu mpera z'umwaka.

Ubumwe bwa Bulaya bwiyemeje gutanga imiriyaridi zirenga18 z'ama-euro (amafaranga y'abanyabulaya) azokwegeranywa muri ubwo buryo nyene.

Yellen avuga ko izi miriyaridi 50 z'amadorari ari izo gufasha kugira ngo Ukraine ironke "uburyo ikeneye kugira ngo ishobore kubandanya n'ibikorwa vy'ubutabazi, ibitaro, n'ibindi bishigikira ubutwari bwayo mu rugamba rwayo rwo kwirwanako".

Ibi bibaye mu gihe gikomeye cane ku ngabo za Ukraine ziherutse gutakaza ubutaka.

Uburusiya buriko burasubira kwigarurira ubutaka mu buseruko bwa Ukraine no mu ntara ya Kursk mu Burusiya - aho ingabo za Ukraine zakoze igitero mu ci - mu gihe ibintu bimeze nabi ku rubuga rw'intambara ku ruhande rw'ingabo za Ukraine.