'Umugabo wawe ariko araborezwa igufa, kandi amakosa ni rwawe'

Umugore w'isura y'umu blonde.
Insiguro y'isanamu, Umugabo wa Svitlana yagizwe imbohe n'Abarusiya
    • Umwanditsi, Will Vernon
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, Kyiv, Ukraine

Svitlana avuga ko atigeze yibaza guhemukira igihugu ciwe, ''nta n'umusekunda n'umwe.''

''Umugabo wanje ntiyari gupfa ambabariye", niko yatubwiye aho twamusanze mu nzu yiwe yo mw'igorofa i Kyiv.

Uno mugore w'imyaka 42 yari amaze imyaka irenga ibiri arindiriye amakuru y'umugabo wiwe, Dima, umusirikare w'umuganga yari yafashwe n'Uburusiya, igihe yaja yumva terefone imuhamagaye.

Ijwi ry'uwavugira kuri terefone ryamubwiye ko hamwe yokora igikorwa co guhemukira Ukraine, Dima yari gushobora kuja mu bafatwa neza mw'ibohero, canke mbere akarekurwa imbere y'igihe.

Terefone ngendanwa yerekana ivyo bandikiraniye hamwe n'amasanamu n'ajwi bahanahanye.
Insiguro y'isanamu, Akurikije ivyo urwego rwa Ukraine rujejwe umutekano rwabigishije, Svitlana yarafashe amajwi y'ivyo vyose bavuganye na "Dmitry"

''Inomero yo muri Ukraine yarampamagaye. Naritavye, hanyuma uwo mugabo avuga ko yitwa Dmitry,'' niko Svitlana asigura. "Yavuga nk'umurusiya."

"Yavuze ngo,'Ushobora guturira ibiro vyo kwandikiramwo abitaba urugamba, canke imodoka ya gisirikare, canke ukonona ahahurira intsinga z'inzira za gari-ya-moshi za Ukraine.''

Hari ikindi yamuhitishijemwo: kuvuga ahari ibibanza biri hafi vy'ibigwanisho vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere - ibikoresho nkoramutima bikingira ikirere ca Ukraine za ndege zitagira abadereva (drone) na misire vy'Abarusiya.

Igihe Dmitry yariko aravuga ivyo yohitamwo, Svitlana avuga ko yaciye yibuka inyigisho abategetsi ba Ukraine bari bahaye imiryango yose ya Ukraine hamwe vyoshika hakagira intasi z'Uburusiya zobarondera: muzogerageze ingene umwanya munini ushoboka woba urahera, fata amajwi kandi mufotore vyose, hanyuma mubimenyeshe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Svitlana yarabimenyesheje, arerekana amasanamu y'ubutumwa bwo kuri terefone, akaba yarayeretse na BBC.

Urwego rwa Ukraine rujejwe umutekano, SBU, rwamubwiye kuba arihojeje Abarusiya mu kurindira ko rukora amatohoza. Aho rero yaciye yigira uwemeye guturira inzira za gari-ya-moshi.

Igihe twari mu bwicaro mu nzu yiwe, inzamba zibura ibitero vyo mu kirere zija zirashishamwo zivuga hanze, yamvugirije amajwi yafashe na terefone yiwe ya zibiri mu ncuro bavuganye na Dmitry, hakoreshejwe App ya Telegram. Wumva amugenekereza ingene azobigenza ngo akore yongere atege bombe (Cocktail Molotov).

''Suka iritiro ry'ibitembabuzi vyoroha kudomeka n'umuriro wongeremwo peterori nkeya,'' uwo ni Dmitry ariko arasigura. ''Genda ku mahwane y'inzira za gari-ya-moshi. Urabe neza ko ata kamera (camera) zo gucungera zihari. Wambare inkofero -ntawomenya neza''

Yarabwiye kandi Svitlana ingene yovana ku murongo terephone yiwe (akayishira muri 'mode avion/airplane mode) amaze kwigirwa ku kirometero kimwe canke bibiri avuye aho yashize umutego, kugira ngo iminara ya terefone ntifate terefone yiwe mu gihe yokoreshwa n'abakora amatohoza.

''Urazi ico ari co boite de relai/relay box (agasandugu gahuriramwo intsinga)? Uragafata ifoto. Ako ni ko utegerezwa kugabako ico gitero c'umuriro,'' niko Dmitry asigura, akaba yaciye agirako asaba icemeza ko igikorwa kizoba caheze.

''Andika itariki y'uyu munsi ku gapapuro hanyuma uce ufata ifoto ufise ako gapapuro.''

Nawe Dmitry, yemeye ko yari guca atunganya ingene uwo mugore yovugana n'umugabo wiwe, canke ingene hari ikintu yomurungikira bakakimushikiriza.

Haheze iminsi, SBU yabwiye Svitlana ko umugabo bari bamye bavugana vy'ukuri yari mu Burusiya, kandi ko akwiye guhagarika kuvugana na we. Svitlana yabwiye Dmitry ko yahinduye ivyiyumviro.

''Aho niho rero iterabwoba ryaciye ritangura,'' nk'uko Svitlana avuga, ''Yavuze ko bari kwica umugabo wanje, ko ntari gusubira kumubona''.

Yaciye aguma ahamagara kuri terefone, avuga ngo: ''Umugabo wawe ariko araborezwa igufa, kandi ikosa ni rwawe!''

''Nta bwoba wari ufise ko ashobora gukoresha iryo terabwoba [yakugirako] kugira agirire nabi Dima?'' niko mbaza Svitlana. Mu maso haciye haza amosozi. ''Umutima wanje waciye ubabara, nta kindi nashobora atari ugusenga: 'Mana, ndakwinginze ntureke ngo ivyo bibe.''

''Ku ruhande rumwe navuga nti ''uwu muntu ntaho abonanira n'abanyororo,' Ku rundi nkibaza nti: 'Mbe hamwe naho yoba abishoboye? Nzokwiyumva gute?''

Imodoka yatewe, capot yayo yuguruye

Ahavuye isanamu, Ukrainian Police Service

Insiguro y'isanamu, Ivyononywe n'igitero vyibazwa ko vyagizwe n'umutovyi w'umunya-Ukraine

Mw'itangazo yahaye BBC, SBU yavuze ko gukorana n'abakorera Uburusiya ''ata na kimwe bizofasha mu gutezurira umunyororo; ahubwo, bishobora kwonona amahirwe yabo yo gukabwa [n'abanyororo b'Abarusiya].''

Abategetsi basaba incuti zose [zifise abagizwe imbohe] kuza kubimenyesha buno nyene iyo hari intasi z'Uburusiya ziriko zirabarondera.

Ababikoze, nk'uko abategetsi bavuga, bazokingirwa bafatwe nk'abakozweko n'ico kibazo.

Ariko iyo izo ncuti zemeye gukora ibikorwa vyo gutoba canke kwabura bashira umwansi, nk'uko SBU ivuga, ''ivyo bishobora gufatwa nko guhemuka. Igihano ca mbere gikomeye ni ugupfungwa ubuzima bwose".

Abategetsi buri igihe baratangaza ko hari abanya-Ukraine bafashwe bagirizwa guturira canke guhishurira Uburusiya ahari ibibanza vya gisirikare.

Ibinyamakuru bishigikiye ubutegetsi bw'Uburusiya vyuzuye ama vídeo avuga ko yerekana abanya-Ukraine bariko baraturira imodoka z'igisirikare canke udusandugu tw'intsinga z'inzira za gari-ya-moshi.

Bamwe mu bavyagirizwa babikora kugira bace amafaranga, bayahawe n'abakekwa ko ari intasi z'Uburusiya, ariko vyibazwa ko hari ibindi bitero bikorwa n'Abanya-Ukraine baba barengewe n'umwiheburo kubera ababo bapfungiwe mu Burusiya.

Umugabo yambaye amarori imbere y'ikimenyetso c'ingabo za Ukraine
Insiguro y'isanamu, Ku bwa Petro Yatsenko, hafu 50% y'imiryango yose ifise abagizwe imbohe z'intambara baranze kuronderwa n'intasi z'Uburusiya

Petro Yatsenko, wo mu gisata c'ibiro bikuru vy'ingabo za Ukraine citaho abagizwe imbohe z'intambara, kivuga ko 50% z'imiryango yose ifise abafunzwe nk'imbohe z'intambara imaze kuronderwa n'intasi z'Uburusiya.

''Bari mu bihe bigoye cane, bamwe rero barashobora gukora ico ari co cose,'' niko Petro avuga, ''ariko turagerageza kubigisha ko ataco bizofasha [ababo bagizwe imbohe].''

Petro avuga ko igikorwa nko guturira imodoka ya gisirikare kidafatwa nk'agahombo kanini ku ngabo za Ukraine: ''Ariko birashobora guhungabanya ubumwe bw'Abanya-Ukraine, ico rero ni co kibazo nyamukuru.

Hanyuma, birumvikana, iyo hagize uwutanga amakuru y'ahari, nk'akarorero, ivyuma vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere, ico ni ikindi kibazo gikomeye cane kuri twebwe,'' nk'uko avuga.

Abategetsi ntibatangaza ibitigiri vy'abanya-Ukraine bagizwe imbohe z'intambara, ariko vyibazwa ko ari 8.000.

Isoko ryo mw'igendereza rya Ukraine ryabwiye BBC ko igitigiri c'abantu bafise ababo bagizwe imbohe bemera gukorana n'Uburusiya ari gito.

Reta y'Uburusiya yabwiye BBC mw'itangazo ko ibivugwa ko buboneraho bugakoresha imiryango afise abayo bagizwe imbohe ari ibintu ''bitagira ishingiro'' kandi ko Uburusiya bufata abagwanyi ba Ukraine kimuntu kandi hisunzwe, urudome ku rundi, amasezerano ya Geneve.''

Iryo tangazo ribandanya ryagiriza Ukraine gukoresha uburyo nk'ubwo nyene:

''Abakorera abanya-Ukraine baguma bariko bahatira ababá mu Burusiya gukora ibikorwa vyo gutoba no guturira imbere ku butaka bw'Uburusiya, barondera gutera ibikorwa remezo nkoramutima n'ibibanza vya gisivire.''

Svitlana, Dima n'umuhungu wabo w'imyaka ine Vova bicaye mw'idiva yabo.
Insiguro y'isanamu, Igihe umugabo wa Svitlana yagaruka i muhira, wamenga ''nkuye umukuzi wanje mu menyo y'urupfu''

Umugabo wa Svitlana Dima amaze amezi atatu yararekuwe.

Ubu umugabo n'umugore bari mu munezero wo gusubira kuba bari kumwe, baryohewe no gukina n'umuhungu wabo w'imyaka ine, Vova.

Mbega Svitlana yiyumvise gute igihe umugabo wiwe amaherezo yasubira kwidegemvya?

''Nararize kubera umunezero amasozi ntari bwigere ndira kuva mbaho,'' niko avuga, ariko aratwenga igitaburamunwa. ''Numvise umenga umukunzi wanje ndamukuye mu menyo y'urupfu".

Dima yabwiye umugore wiwe ko Abarusiya batigeze bakorera kw'iterabwoba ryabo kugira bamuhore kuba yaranse gukora ivyo bamusavye.

Aho Svitlana amubwiriye ingene bamuhamagara kuri terefone, yarumiwe.

''Yarambajije ingene nigumije", niko avuga, hanyuma arakubita ingohe ati ''Emwe. Nama mvuga ko ndi umugore w'intwazangabo,''