Ubutwari bwa Rudnieva, umugore afasha kwiyubaka abamugariye ku rugamba muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Olga Rudnieva
- Umwanditsi, Zhanna Bezpiatchuk na Anastasiya Gribanova/BBC 100 Women na BBC Ukraine
- Yakoze inkuru ari, Lviv
Serhiy Petchenko yacitse amaboko yompi igihe yari ku rugamba rwo kurinda Ukraine kuvogerwa n'Abarusiya muri Ruheshi (6) 2023.
Inyuma yo kurokoka urugamba yari amazemwo amezi mu muji wa Bakhmut, yahavuye akomerekera mw'isanganya ku nzira ya gari ya moshi kure y'ahabera intambara.
Ni isanganya ryasize uwo mugabo w'imyaka 42 mu maganya n'umwiheburo. Inyuma yo gucibwa amaboko, umugore wiwe yagumye iruhande y'iwe iminsi yose, amasaha 24 kuri 24, aho yari ku musego mu kiringo c'amezi atandatu.
Serhiy yagize ati: "Icadufashije kwihangana ni urukundo rwacu."
Ariko umubonye ubu, ahagaze mu rwinjiriro rw'ubunywero bushasha bw'ikawa, agiye kwugurura vuba mu muji wa Lviv mu burengero bwa Ukraine, biragoye kumenya ko yaciye muri ivyo bihe vy'ingorane nk'izo zose.
Ariko aramwenyura, yashize amaboko -n'ibiganza- mu mbavu.
Serhiy yahawe ibiganza vy'ibikorano, aravurwa, afashwa gusubirana ubushobozi bwo gukoresha ingingo ziwe (rehabilitation) mu buryo bwuzuye, n'ikigo kijejwe amagara y'abantu cigenga Superhumans Center, kivura abakomerekeye ku rugamba, kiri hanze y'umuji.
Muri ico gihe kandi, uwo muryango wariko uhabwa inyigisho zo gutangura umushinge w'igikorwa co kwiyungunganya.
Serhiy avuga ko ico kigo camuhaye amahirwe yo gusubira mu buzima busanzwe, mu gihe yariko yiga kubana n'ubumuga bushasha.

Ahavuye isanamu, Chad Andrii-Mykhailo
Abanya Ukraine batari munsi ya 50.000 baracitse ingingo (amaguru canke amaboko) mu myaka hafi itatu ishize y'intambara, nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu -muri bo harimwo abasirikare n'abanyagihugu basanzwe (abasivile).
Olga Rudnieva, umuyobozi nshingwabikorwa w'ico kigo 'Superhumans Center' yavuze ati: "Bamwe mu bantu baciwe ingingo zibiri, abandi zitatu ndetse na zine zose hamwe. Abo bose bahabwa ingingo z'inkorano, canke bagakoresha agatebe mu kwiyunguruza.
Gucibwa ingingo kuri bamwe biba biturutse kuko abakomerekeye ku rugamba bateba gushikanwa kwa muganga bava ahabera intambara. Urufaya rw'amasasu rushobora kuba rukomeye cane ku buryo bishobora gufata amasaha n'ayandi gushikana kwa muganga umusirikare yakomerekeye ku rugamba.
Mu gihe hari abarenga umuriyoni bari ku rwasiro rw'urugamba, Rudnieva avuga ko, Ukraine izohinduka "igihugu c'abantu babana n'ubumuga".
"Dushaka ko ubumuga buhinduka ikintu gisanzwe. Ok, uko nikwo igihugu kizoba gisa," niko avuga, aho asobanura iciyumviro catumye ashinga iki kigo.
"Abenshi muri bo hano ku kigo ntibari kuba bakiri bazima. Kuba bakiriho ubwaco ni igitangaza."

Rudnieva yashinze iki kigo mu gihe Uburusiya bwariko bumijagira ibisasu vyagwa nk'imvura kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) mu 2022. Abantu bamwe bamwe bamwita "umusazi" ariko yarabandanije uko vyari kwose.
"Mfise iciyumviro, ndaginsangiza abandi. Iyo nzi uko nkora ico nshaka gukora, ndaheza nkagenda nkagikora"- niko Rudnieva avuga.
Abo bafatanije muri ico gikorwa baregeranije amafranga aturuka hirya no hino kw'isi kugira ngo bagure ingingo z'inkorano no gushona umubiri aho bishoboka hakomeretse.
Uburyo avugana umurava asobanura ivy'uyo mugambi wiwe, aho avuga ukuntu gukomereka bishobora gutuma umuntu yironderamwo ubushobozi gusumba uko yahora, vyatuye bamwe mu vyamamare kw'isi bashigikira uwo mugambi Superhumans. Muri abo harimwo Umwongereza Bear Grylls, yamenyekanye nk'icamamare mu kugendera ibibanza bitandukanye atazi, n'umukuru w'ikigo Virgin Richard Branson, hamwe n'umuririmvyi Sting n'umukinyi wa cinema Trudie Styler.
Rudnieva avuga ko yizera vy'ukuri ko umuntu ashobora kwironkamwo ubushobozi kubera ivyo aba yaraciyemwo. Ati "Guhahamuka bishobora kwononera ubuzima umuntu canke bikamwubakira ubushobozi burenze ubwo yari asanganywe".
Ikigo The Superhumans Center cunganira ibitaro vy'igisirikare ca Ukraine hamwe n'amavuriro yaco, vyarengewe n'ibitigiri vy'abakomeretse badahengeshanya kubigana bavuye aho batonze urugamba ku karere kagera kuri km3200.
Kuva ico kigo gitanguye gukora muri Ntwarante (3) 2023, cakiriye abarwayi barenga 1000, barimwo abasirikare n'abasivile, abakuze n'abana. Muri bo hafi 800 barahawe ivyuma bisubirira ingingo.
Uyu mugore w'imyaka 47, Rudnieva agira ati: "Ni nk'icicaro gikuru c'ukwihagararako, aho agendagenda hagati y'udutebe twunguruza abagendana ubumuga.

Barindiriye uburyo buteye imbere bwunganira ingingo basigaranye, kandi bakomeza kwimenyereza gukoresha ingingo zabo nshasha z'inkorano.
Ariko abaza bamwe mu basore bari aho, bacitse ingingo zibiri canke zitatu, kumwereka ivyo bamaze kwiga.
Abasirikare ba Ukraine bahamagarana mu matazirano aho gukoresha amazina yabo bwite, kandi na Rudnieva arafise agatazirano kiwe, bamwita- "Mum".
Avuga ati: "Batanguye kwigishwa kugenda na ba nyina, nanje ndi umuntu agira kabiri bongeye kuba kumwe mu gihe biga kugenda ubugira kabiri (ndi nka nyina wa kabiri)," niko avuga anezerewe.
Mu ntango y'intambara, Ukraine ntiyari yiteguriye gufasha abantu bangana uko kwose bafise ubumuga.
"Abasirikare ba Ukraine batinya gukomereka kuruta uko batinya gupfa, kuko iyo ukomeretse cane bisigura ko uzoheza ukagendana ubumuga ubuzima bwawe bwose busigaye, kandi nta nyubako zibereye zo kubafasha zihari, eka n'ikibano (societe) nticiteguye, ndetse n'ubuvuzi ntibubasha kubafasha mu vya nkenerwa", niko Rudnieva avuga.
Incuro zitari nke ku munsi araca aho abo yataziriye aba "superhumans" (abanyabushobozi burengeye ubw'umuntu), bariko biga gusubira kugendagenda.
Mu bakomantajwe n'intambara harimwo Olena, yakora mu ruganda rwo kwotsa imikate mu muji wa Kostiantynivka mu buseruko bwa Ukraine. Yaciwe ukuguru n'igisasu c'Uburusiya, ari mu nzira aja mu birori vyo guhimbaza isabukuru y'amavuko ya nyina.

Agira ati: Ikintu ca mbere nzokora ni namara kuronka ukuguru kw'uguterano, hamwe ikirere coba gisa neza, nzoja gutembera. Ata kwihuta, ata n'ikindi kinjanye. Nzogendagenda niyibutse uko bimeze".
Muri kino gihe akoresha ukuguru kumwe kutari rwiwe kwo muri ico kibanza co gufasha abacitse ingingo, ariko yiteze vuba kuronka ukuguru kwiwe bwite.
Rudnieva aribuka inkuru ya Olena mw'ido n'ido, ndetse n'amakuru y'abandi barwayi.
Arazi abagore babo n'abagabo babo, abavyeyi babo, ubuzi bahora bakora imbere y'intambara.
"Abakiri bato banzanira abakunzi babo bariko bararesha bambaza uko ndababona", Rudnieva niko avuga amwenyura.
Ndetse hari n'abamaze kurushinga bakiri mu myaka ya mbere, babanza kuza iwe imbere yo gufata ingingo nimba bokwahukana canke bogumana.
Gukomereka bikomeye mu ntambara ntibigira ingaruka ku wakomeretse gusa, ariko no ku muryango wiwe wose, kandi bituma n'imigenderanire afitaniye n'abantu b'incuti imenyekana uko ihagaze.
Rudnieva arerekana icumba c'abana amwenyura.
Yagize ati: "Uyu munsi turindiriye Nazarchyk, umuhungu wa Serhiy na Anna. Arakubagana cane. Azosiga yubitse ibintu vyose hano."
Rudnieva avuga ko igikorwa ciwe camwigishije guha ubuzima agaciro bukwiye kuruta uko yigeze mbere, ndetse no kureka gutinya urupfu.

Ahavuye isanamu, Olena Galaziuk
Uyu yigeze kuba umuyobozi w'ikigo 'Olena Pinchuk Foundation', gikora mu kurwanya ikwiragira ry'umugera wa SIDA HIV/AIDS, muri Ukraine, yari hanze y'igihugu igihe Uburusiya bwateza intambara muri Ukraine.
Yamaze igihe gito akora mu gikorwa c'ubutabazi mu gutanga infashanyo muri Pologne, arahava asubira muri Ukraine aho yatanguje uyu mugambi uhindurira abantu ubuzima.
Ntiyari wenyene. Imigwi idaharanira ivyicaro vya politike muri Ukraine yarakoranye, bamwe barondera amafaranga yo gushigikira mu ntambara, abandi bagura drone n'imodokari, abandi binjiza imiti mu gihugu ndetse n'impuzu, abandi bagafasha kugira ngo ubuzima bukomeze muri ico gihugu kiriko cirwanako mu ntambara.
Ubu hari n'ibindi bigo vyigenga bijejwe kugorora no kwunganira abatakaje ingingo z'imibiri yabo, za rusehabaniha n'ama 'taxi' bifasha guhungisha abantu mu miji iba yasambuwe hafi burundu, ibifungurwa ku mpunzi, ndetse n'utundi twigoro twunganira 'services' za leta.
Kandi abagore bagize uruhara rukomeye cane.
Rudnieva yagize ati: "Igihe intambara ku gihugu cose yatangura, jewe nk'umugore aharanira uburenganzira bw'abandi bagore, nari nagize akoba. Rero nagira ubw'abagore buraheze, kuko intambara burya i 'ikintu c'abagabo."
Ariko mu nyuma yasanze ahubwo abagore ari bo bagiye imbere mu kwishinga ibikorwa bimwe bimwe mu gihe abagabo nabo bari ku rugamba, ndetse bamwe muri abo bagore nabo bakaba abasirikare.
Ati: "Ndibaza y'uko abagore berekanye ko badasanzwe muri iyi ntambara", mu gihe amwe mu majambo yamizwe n'urwamo rw'inzamba, kimwe mu vyo abanya Ukraine baja bamaze kumenyera mu buzima bwabo bushasha bw'intambara.
Ati: "ndishimiye kuba umugore w'umunya Ukraine"

BBC 100 Women isohora amazina 100 y'abagore b'intashikirwa kandi b'intangarugero bo hirya no hino kw'isi buri mwaka. Dutegura ibiganiro mbarankuru, ibiganiro bigufi, ibibazo n'inyishu ku buzima bwabo - inkuru zishira abagore mu mwaya wambere.
Kurikira BBC 100 Women kuri Instagram, Facebook na X (Twitter). Ushaka kugira ijambo koresha #BBC100Women.













