Umunonotsi Francine Niyonsaba avuga ko atawuzomubuza guhiganwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunonotsi w'Umurundikazi, Francine Niyonsaba, ahiganwa mu gusiganwa imetero 800, yabwiye BBC ko ata n'umwe ashobora kumubuza kubandanya ahiganwa.
Ibi ni nyuma y'aho urwego mpuzamakungu rujejwe inkino zo kunonora imitsi rutegekeye ko abagore bafise imisemburo ya kigabo irenze urugero mu mubiri, bagomba gufata imiti iyigabanya.
Mu banonotsi iyo ngingo iraba harimwo Francine Niyonsaba hamwe na Caster Semenya wo muri Afrika y'epfo, ariko iyo ngingo yajanywe muri sentare.
Avugana na BBC mu gihe ikinyamakuru Forbes giheruka kumushira ku rutonde rw'abagore 30 bahambaye muri Afrika, Francine yavuze ko azobandanya ahiganwa mu kunonora imitsi, uko vyogenda kwose.
Yavuze ko iyo ngingo yo gushaka kubakumira irimwo akarenganyo gakomeye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Francine avuga ko icatumye agira ishaka ryo kurondera ari uko yakuriye mu buzima bugoye.
Yagize ati: "Jewe nakuze mpabwa ibintu bike mu buzima, nakuriye mu muryango ukenye. Sinaronse amahirwe yo kubana n'abavyeyi bose, ivyo rero vyarankujije mu mutwe."
"... ndabona yuko ntegerezwa kurwana n'ubuzima. Umuvyeyi wanje nawe nyene yarampaye icitegererezo gikomeye kuri we kuko yarambwira ati 'mwana mu buzima ntacoroshe..."
Francine yabaye Umurundi agira kabire muri kahise k'ico gihugu yaronse umudari mu nkino Olempike, aho yaronka umudari w'umwakaka mu nkino zo mu 2016 muri Brezil, mu kwiruka imetero 800.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwundi ni Venuste Niyongabo, yaronse umudari w'inzahabu mu gusiganwa imetero 1500 mu nkino Olempike z'i Atlanta muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1996.
Ku ngingo y'uko yobuzwa guhiganwa kubera ico kibazo c'imisemburo, Francine yagize ati "Nifuza yuko umwanya nkifise hano kw'isi abantu batovuga ngo harabaye ntihakabe, bovuga bati harabaye harakaba."
Ushobora gukurikirana ikiganiro Francine Niyonsaba yagiranye na BBC ukanze ngaha.











