Francine Niyonsaba yavuganye na BBC nyuma yo gutsindira umudari mu nkino za Rio

Insiguro y'amajwi, Francine Niyonsaba yavuganye na BBC nyuma gutsindira umudari mu nkino ra Rio

Francine Niyonsaba, aheruka gutsindira umudari w'umwakaka mu kwiruka imetero 800 mu nkino Olempike za Rio 2016, yavuganye na BBC. Francine avuga ari akanyamuneza ntangere kuba aronkeje igihugu ciwe c'u Burundi umudari wa Olempike nyuma y'imyaka 20, kuva aho Venuste Niyongabo aronkeye umudari w'inzahabu mu nkino Olembike za Antlanta.