Papa atera akamo k'ibiganiro kugira intambara y'Uburusiya na Ukraine irangire

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Raffi Berg
- Igikorwa, BBC News
Papa Fransisko asaba ibiganiro hagati ya Ukraine n'Uburusiya kugira ngo intambara yatangujwe n'igitero c'Uburusiya kuri Ukraine mu 2022 irangire.
Mw'ijambo yama ashikiriza ku musi mukuru wa Noweli, Papa yavuze ko ubutwari ari "nkenerwa kugira ngo bugurure imiryango" y'ibiganiro "mu ntumbero yo gushika ku mahoro nyayo kandi arama" hagati y'izi mpande zibiri.
Yateye aka kamo inyuma y'igitero gikomeye c'Uburusiya kuri uwo musi nyene wa Noweli ku bigo ntanganguvu vya Ukraine, igitero iki gihugu kivuga ko Uburusiya bwakoresheje ibisasu vya misire n'indege zitarimwo abadereva nibura 184 vyose hamwe.
Mu ntango z'uno mwaka, Ukraine yariyamirije yivuye inyuma akamo ka Papa kasaba ko Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) iganira kugira ngo intambara irangire, yongere "igire ubutwari bwo gushira amaboko hejuru".
Ubutumwa bwiwe Urbi et Orbi (ku gisagara no kw'isi) bwagarutse kandi ku yindi mishamirano.
Mw'ijambo yashikirije ibihumbi vy'abantu bari bakoraniye mu kibanza citiriwe Petero Mweranda, uno mupapa w'imyaka 88 yagize ati: "Ese urwamo rw'ibirwanisho rwohagarara muri Ukraine yasinzikajwe n'intambara", be n'ahandi", be n'ahandi.
Ati: "Ndasavye buri muntu, n'abantu bose bo mu mahanga yose... kuba intumwa z'umwizero, guhagarika urwamo rw'ibirwanisho no gutsinda amacakubiri."
Mu gushimangira ubutumwa bwa Noweli yatanze mu mwaka uheze, Papa Fransisko yanateye akamo ko guhagarika intambara muri Gaza no kurekura abafashwe bugwati bari mu minwe ya Hamas.
Ati: "Ndazirikana imiryango y'abakristu muri Israel na Palestina, cane cane muri Gaza, aho ibintu vyifashe nabi."
Yasavye ko "imiryango y'ibiganiro n'amahoro yugururwa".
Intambara yo muri Gaza yatanguye inyuma y'igitero c'ubutegetsi bwa Hamas irongoye ako karere kuri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) 2023.
Abitwaje ibirwanisho bishe abantu bababa 1200 bongera bafata bugwati abandi 251 babatwara muri Gaza. Abanyapalestina barenga 45.000 baramaze kwicwa mu bitero vya Israel, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Gaza bujejwe amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.
Mu ntango z'ino ndwi, Papa yavuze incuro zibiri ko ibitero vya Israel ari "ububisha", amajambo yiyamirijwe cane na Israel ivuga ko "ababaje cane".
Muri ubu butumwa bwiwe , Papa Fransisko kandi ntiyibagiye gusaba ko imfashanyo y'ubutabazi yoshikanwa muri Sudani igeramiwe n'intambara y'ubugome imaze amezi 20, aho amamiriyoni y'abantu bari mu kaga k'inzara.
Ati: "Ese Umwana w'Imana Rugira vyose yoshigikira utwigoro tw'amakungu kugira ngo abasivire bo muri Sudani bashobore kuronka imfashanyo, no gutanguza ibiganiro bishasha vyo guhagarika intambara".
Papa Fransisko yavuze kandi ko yifatanije n'imiryango y'abakristu bo muri Libani na Syria, aho inyeshamba ziherutse kwomora Perezida Bashar al-Assad yari amaze imyaka 24 arongoye Syria.
Kuva intambara itanguye muri Syria mu 2011, ibitigiri vy'abakristu vyaragabanutse cane, amakuru akavuga ko ubu hasigaye abari ku rushi mu miriyoni 1.5 bari mu gihugu imbere y'intambara.
Inkehwa muri Syria zifise ubwoba kuri kazoza kazo muri iki gihugu kuva inyeshamba za kisilamu zifashe ubutegetsi – nubwo umuhari mukuru w'inyeshamba, Hayat Tahrir al-Sham, uhumiriza ko amadini yose azokingirwa.










