Israel – Hamas: Papa Francis avuga ko inyishu ishingiye ku bihugu bibiri ari yo ‘nyishu y’ubwitonzi’

Ahavuye isanamu, Reuters
Papa Francis avuga ko inyishu ishingiye ku bihugu bibiri ari yo “nyishu y’ubwitonzi” mu gutorera umuti indyane hagati ya Israel na Palestina.
Avugana n’iradiyo yo mu Butaliyano RAI, Papa Francis avuga ko ari ngombwa ko hashingwa “ibihugu bibiri bitandukanye”, Yeruzalemu igahabwa ikibanza kidasanzwe.
Francis ati: "Iyi ntambara mu Kibanza Ceranda iranteye ubwoba. None ibintu vy’aba bantu bizorangira gute?”
Francis avuga ko ibintu biyangaye gusumba muri izi ndyane "vyosigura iherezo ry’ibintu vyinshi cane n’ubuzima bwinshi cane".
Francis avuga ko avugana imisi yose kuri terefone n’abapatiri hamwe n’ababikira barongoye iparuwase iri muri Gaza, aho abantu 560 binyegeje, bagizwe ahanini n’abakirisu n’aba-Islam bakeya.
Avuga ati: "Gushika ubu, Imana Ishimwe, ingabo za Israel zirubaha iyi paruwase”.
Israel yameneye mu birindiro vya Hamas: igisirikare
Ku rubuga rw’intambara, umuvugizi w’igisirikare ca Israel avuga ko, zishigikiwe n’ibitero vyo mu kirere no mu mazi, ingabo zameneye mu birindiro vya Hamas ku rwasiro rwo mu burengero bwa Gaza.
Intwazangabo ya Israel ivuga ko ingabo za Israel ziri “ku marembo y’igisagara ca Gaza”.
Mw’ijoro ryakeye, ibiturika bikomeye n’ibisasu vyashobora kwumvikana muri iki gisagara, harimwo no hafi y’ibitaro al-Quds, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe Croissant-Rouge/Red Crescent rya Palestina.
Abategetsi ba Israel bari baherutse kugabisha ko ibi bitaro vyokwimuka vuba bwango. Ariko, abategetsi b’ishirahamwe ONU bavuze ko bitari gushoboka kuko kwari ugushira mu kaga ubuzima bw’abarwayi.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel arashimagiza ingabo ziwe za IDF

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi Yoav Gallant avuga ko igisirikare ca Israel kimaze gutera ibisasu birenga 10.000 ku gisagara ca Gaza conyene kuva ino ntambara itanguye kandi ko kiriko kiregereza ku ntego yaco yo gusambura Hamas.
Avuga ati: "Ni igikorwa twahagurukiye kandi gitegerezwa gushika ku co kigamije. Ugukorana gukomeye hagati y’ingabo zirwanira ku butaka n’izirwanira mu kirere zifashwe mu mugongo n’ibitero vyo mu mazi.
"Ndashaka gushima cane ibikorwa vy’ingabo zacu. Izi ni intambwe zikomeye cane muri uru rugamba, turiko turakubita abaterabwoba ku ngero zose”.
Abantu barenga 400 bari bazibiriye muri Gaza, harimwo Abongereza n’abanyamahanga, ubu bashoboye kujabuka binjira mu Misiri.
Bitegekanijwe ko imipaka isubira kwugururwa mu masaha ari imbere kuri uno musi kugira ngo abandi bashobore kujabuka.
Igisirikare ca Israel kivuga ko Hamas yatakaje abashika ‘mirongo’ mu ntambara z’iri joro ryakeye
Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko habaye ingwano zikomeye na Hamas muri Gaza mw’ijoro ryakeye, kandi ko zahitanye abaharurwa muri “mirongo” ku ruhande rwa Hamas.
IDF ivuga ko Hamas yarashe ibisasu vya misire bisambura ibimodoka bitamenwan’amasasu asanzwe, ituritsa ibiturika yongera itera ibisasu ntezwantoke (grenades) ku ngabo za Israel.
Ivuga ko yaciye yishura ikoresheje vya muzinga, ibimodoka bitamenwa n’amasasu asanzwe, ibitero vyo mu kirere hakoreshejwe kajugujugu hamwe n’ibisasu vya misire vyarasiwe mu bwato bw’igisirikare kirwanira mu mazi.
IDF ivuga kandi ko ingabo zayo zirwanira ku butaka zakubitanye n’abarwanyi ba Hamas.
Israel ivuga ko abasirikare bayo bamaze kwicwa bageze kuri 17
Igisirikare ca Israel cemeza ko uwundi musirikare mu ngabo zaco yiciwe mu ngwano mu buraruko bwa Gaza.
Ibi bitumye igitigiri c’ingabo za Israel zimaze kwicwa kuva igitero nyezina co ku butaka muri Gaza ku wa gatanu uheze, kigera kuri 17.
IDF irahakana ibivugwa na Hezbollah ko yasambuye drone ya Israel
Kuri uno wa kane, Hezbollah yavuze ko yasambuye indege ya Israel itagira umudereva (drone) yari mu kirere c’ubumanuko bwa Libani, ikavuga ko yayirasishije igisasu ca misire.
Ariko umuvugizi w’igisirikare ca Israel, Daniel Hagari, yanditse ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter) ko iyi ndege igendeshwa hakoreshejwe ubuhinga bwa telekomande (télécommande/remote control) ataco yabaye.
Hagari avuga ko ingabo za Israel zateye ikirindiro carashe kuri drone yayo.
Bubaye ubugira kabiri mu ndwi imwe Hezbollah ivuga ko yakoroye drone ya Israel mu gihe havugwa ibitero ku mipaka.
Umugore yaciriye mw’ijambo Biden asaba ko intambara ihagarara muri Gaza
Umugore yari mu bikorwa vy’imyiyamamazo muri Minnesota ejo ku wa gatatu yaraciriye mw'ijambo Perezida wa Amerika Joe Biden amusaba ko intambara ihagarara muri Gaza.
“Nyakwubahwa Perezida, uritayeho Abayahudi. Jewe nk’umu-rabbi, nkeneye ko usaba ko intambara zihagarara ubu nyene”, niko uno mugore, mu nyuma yabwiye abanyamakuru ko yitwa Rabbi Jessica Rosenberg, yavuze, mu gucira mw’ijambo Biden ageze hagati.
N’ubwo abari bahari bagerageje kumuzivya, Biden yishuye ati: "Nibaza ko dukeneye akaruhuko. Akaruhuko gasigura gutanga akanya ko gukuraho impfungwa".
Mu nyuma Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika) yatangaje ko umukuru w’igihugu yariko avuga ku bantu 240 banyurujwe na Hamas.
Rosenberg yasohowe n’abajejwe umutekano agenda aririmba ngo “agahengwe ubu”, ariko Biden yabandanije avuga ngo “ibintu nta nkeka ntivyoroshe” ku banya-Israel co kimwe no kuba-Islam.
Yongerako ati: "Ndashigikiye inyishu ishingiye kw’ishingwa ry’ibihugu bibiri; niko namye mvuga kuva kera.
"Aho bigoreye ni uko Hamas ari umuhari w’iterabwoba. Umuhari w’iterabwoba ata guca hirya no hino”.










