Putin yemeye guhagarika ibitero ku bigo ntanganguvu vya Ukraine ariko atari guhagarika intambara

Trump na Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump (i bubamfu) na Vladimir Putin (i buryo) bagiranye ikiyago kuri terefone ejo ku wa kabiri
    • Umwanditsi, Tom Bateman
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu bushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika
    • Yakoze inkuru ari, Mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yanse ivyo guhagarika intambara vuba kandi burundu muri Ukraine, akaba yemera gusa guhagarika vy'agateganyo ibitero ku bigo ntanganguvu, inyuma y'ikiganiro yagiranye na Perezida Donald Trump wa Amerika kuri terefone.

Perezida Putin yanse no gutera igikumu ku masezerano y'agahengwe y'ukwezi aherutse gutegurwa n'intumwa za Trump n'iza Ukraine muri Arabia Sawudite.

Avuga ko agahengwe nyako gashoboka mu gihe gusa imfashanyo ya gisirikare n'igendereza zihabwa Ukraine zohagarikwa. Incuti za Ukraine i Bulaya ziherutse kwiyamiriza ibi.

Ibiganiro vya Amerika kuri Ukraine vyitezwe kubandanya ku wa Mungu i Jeddah, muri Arabia Sawudite, nk'uko bivugwa n'intumwa ya America mu Buseruko bwo Hagati, Steve Witkoff.

Muri iyi ntambara imaze imyaka itatu yonona ibintu, Uburusiya buherutse kubohoza igice kitari gito c'ubutaka mu ntara yabwo ya Kursk cari cigaruriwe n'ingabo za Ukraine, haraciye amezi indwi.

Ivyavuye muri iki kiyago hagati ya Trump na Putin ejo ku wa kabiri, vyerekana ko Amerika yasubije ibirenge inyuma uravye aho yari ihagaze mu ndwi iheze, nubwo aba bategetsi babiri basezeranye ko ibindi biganiro vy'amahoro vyoca biba ubwo nyene mu Buseruko bwo Hagati.

Igihe intumwa za Amerika zahura na bagenzi bazo bo muri Ukraine i Jeddah ku wa kabiri uheze, bumvishije Kiev (ubutegetsi bwa Ukraine) kwemera akamo kabo ko guhagarika intambara "ubwo nyene" mu misi 30, ku butaka, mu kirere no mu mazi.

Perezida Volodymyr Zelensky, ashitse i Helsinki muri Finlande mu rugendo rw'akazi ejo ku wa kabiri akanya gato inyuma y'ikiyago ca Trump na Putin, yavuze ko Ukraine yemera iciyumviro c'agahengwe ku bigo ntanganguvu, ariko akaba ashaka insiguro ziramvuye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nyuma yagirije Putin ko yanse guhagarika intambara inyuma y'ibitero vy'urutavanako vya za ndege zitajamwo abadereva (drone) z'Abarusiya.

Mu bibanza vyatewe harimwo ibitaro vyo muri Sumy, n'ibigo vy'umuyagankuba i Slovyansk, nk'uko uno mukuru w'igihugu ca Ukraine abivuga.

Aciye ku rubuga rwa X Zelensky yanditse ati: "Ikibabaje ni uko habaye ibitero, cane cane ku bikorwa remezo vya gisivire. Uyu musi, Putin yanse nezaneza iciyumviro co guhagarika intambara".

Imbere y'aho, Trump yari yanditse ku mbuga hwaniro ko ikiyago yagiranye n'indongozi y'Uburusiya cabaye ciza cane kandi ngirakamaro, kandi ko "vyinshi mu biri mu masezerano y'amahoro vyaganiriweko".

Trump yanditse ku rubuga rwa Truth Social ati: "Twemeranije ihagarikwa ry'ibitero vuba cane ku bigo vyose Ntanganguvu, twumvikana ko tuzokora vuba kugira ngo intambara ihagarare burundu, kandi, impera n'imperuka, iyi ntambara y'agahomerabunwa hagati y'Uburusiya na Ukraine IHAGARARE".

Hafi 80% vy'ibigo ntanganguvu vya Ukraine vyarasenyuwe n'amabombe y'Uburusiya, nk'uko Zelensky yabivuze muri Nyakanga (9) umwaka uheze.

Eka na Kiev na yo nyene yarakoze ibitero vy'amadrone na vya muzinga imbere cane ku butaka bw'Uburusiya, ku bigo vy'igitoro na gaze.

Amasaha makeya gusa inyuma y'uko Putin yemeye guhagarika ibitero ku bigo ntanganguvu, Uburusiya na Ukraine vyagirizanije ibitero vyo mu kirere.

Zelensky avuga ko Uburusiya bwagomoreye amadrone arenga 40 kuri Ukraine amasaha makeya inyuma y'ikiyago hagati ya Trump na Putin.

Hagati aho, abategetsi b'intara ya Krasnodar mu bumanuko bw'Uburusiya bavuga ko igitero c'amadrone ya Ukraine cateje umuriro muto ku bubiko bw'igitoro.

Igisirikare ca Ukraine nijoro ku wa kabiri carungitse mu kirere imishwarara yo kurondera mu guhiga amadrone mu kirere ca Kyiv

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Ukraine nijoro ku wa kabiri carungitse mu kirere imishwarara yo kurondera mu guhiga amadrone mu kirere ca Kyiv

Inyuma y'ibiganiro vy'i Jeddah mu ndwi iheze, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yavuze ko "umupira" uri mu minwe y'Uburusiya, inyuma y'uko Ukraine yemeye iciyumviro ca Washington co guhagarika intambara bimwe vyuzuye.

Ariko itangazo rya Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) inyuma y'ikiyago hagati ya Trump na Putin ku wa kabiri, ntaco ryavuze kuri uyu mwumvikano na Kiev.

Ahubwo rivuga ko aba bategetsi babiri bumvikanye ko "urugendo ruganisha ku mahoro ruzotangurwa n'ihagarikwa ry'ibitero ku bigo ntanganguvu n'ibikorwa remezo", rukurikirwe n'ibiganiro vyo "guhagarika intambara mu Kiyaga Cirabura, guhagarika intambara burundu n'amahoro arama".

Ariko itangazo rya Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ubwaryo ku bijanye n'iki kiyago ryerekana ivyo rivuga ko ari "urutonde rw'ibibazo bihambaye" bijanye no gushira mu ngiro amasezerano ayo ari yo yose na Kiev. Rivuga kandi ko uguhagarika imfashanyo n'igendereza amakungu aha Ukraine ari "ikintu nyamukuru" gisabwa n'Uburusiya.

Trump na Putin bumvikanye ko hazoba ibiganiro vy'abahinga vyoshikana ku mwumvikano urama, Kremlin ivuga ko utegerezwa kuzoba "ukomeye, utajegajega kandi urama mu bisanzwe".

Ariko ntibisobanutse nimba ibi bisigura ko hazoba ibindi biganiro hagati ya Amerika n'Uburusiya, canke ibiganiro hagati y'Uburusiya na Ukraine.

Kremlin ivuga kandi ko Trump ashigikiye iciyumviro ca Putin co gutegura imikino ya hockey hagati y'abakinyi ba Amerika n'Abarusiya.

Uburusiya bwarakuwe mu nkino mpuzamakungu za hockey inyuma y'uko iki gihugu giteye Ukraine mu 2022.

Kiev ishobora gufata ko ivyavuye mu kiyago co kuri terefone ku wa kabiri ari ivyari vyitezwe kuri Putin kugira ngo aronke umwanya, anasaba n'ibindi bidindiza umwumvikano uwo ari wo wose.

Putin ashimangira ko Uburusiya butegerezwa kugumana ubutaka bwa Ukraine bwigaruriye, anasaba ko ibihano bwafatiwe n'Uburengero bitezurwa nka kimwe mu vyoba biri mu mwumvikano uwo ari wo wose w'amahoro.

Perezida Putin aramaze guhonja uburyohe bw'intego ya Trump yo guhagarika imfashanyo Amerika iha Ukraine, kandi ariko agerageza kumwereka ko yobandanya - mu kwegeka vyose kuri Kiev.

Trump n'icegera ciwe JD Vance barifatiye mu gahanga Zelensky imbere y'ibinyamakuru mpuzamakungu, bamwagiriza ko ari intashima ku mfashanyo Amerika imuha.

Mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa kabiri i Berlin ari kumwe na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz yavuze ko uno mugambi w'agahengwe ari intambwe ya mbere ihambaye, ariko akaba yongeye gusaba ko intambara ihagarara burundu.

Hagati aho, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer yavuganye na Zelensky inyuma y'ikiyago hagati ya Trump na Putin, aho yashimangiye ko "[Ubwongereza] bushigikiye butitangiye itama" Ukraine, nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa Downing Street (ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza).