Intambara ya Ukraine n'Uburusiya: Kubera iki kubohoza Kursk ari kirumara kuri Putin ?

Perezida Putin yizigiye ko intara ya Kursk mu Burusiya "vuba izosubira" mu minwe ya Moscou.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Putin yizigiye ko intara ya Kursk mu Burusiya "vuba izosubira" mu minwe ya Moscou.

Ikintu nyamukuru Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yategetse ingabo mu rugendo yagize mu ntara ya Kursk iri ku rubibe buhana na Ukraine ni ukugaruza Kursk yose.

Muri Myandagaro (8) umwaka uheze wa 2024, ingabo za Ukraine zakoze igitero kitari citezwe, maze zigarurira igice kimwe c'iyi ntara, abahinga n'abihweza ibintu n'ibindi batari bake bakaba bari bizeye ko cari guhindura ibintu muri ino ntambara yatangujwe n'Uburusiya, haraciye imyaka irenga itatu ubu.

Ariko inyuma y'amezi indwi, igisirikare c'Uburusiya cashoboye kubohoza, mu misi mike cane, ubutaka hafi bwose bwari mu minwe ya Kyiv, hamwe n'uturere dukomakomeye nka Sudzha, igisagara ca mbere kinini c'ino ntara cari mu minwe y'ingabo za Ukraine.

Ku ruhande rwayo, Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine), ntivuga ku mugaragaro ivyo gusubira inyuma. Hagati aho, ivyatangajwe ku wa gatatu n'umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, Jenerali Oleksander Sirski, aho yemeje ko ingabo ziwe zariko zirimukira "ku birindiro bitekanye" mu ntumbero yo "kurokora ubuzima bw'abasirikare", bisa n'ivyemeza ko ingabo ziriko zisubira inyuma.

Yambaye umwambaro wo mu ntambara, Putin yarishimiye amakuru yahawe ku ntambwe ingabo ziwe ziriko ziratera, aca avuga ko yizeye ko "ubu bwa vuba, abansi bateye igihugu bazotuzwa".

Vyongeye, mu kwiyemeza ko ingabo za Ukraine zafashwe mpiri zitazofatwa nk'impfungwa z'intambara, ahubwo "nk'abakora iterabwoba", biragaragaraza neza ko kugaruza Kursk ari yo ntego iri imbere.

Ingabo za Ukraine zisigaranye gusa ica gatatu c’ubutaka bw'intara ya Kursk zari zashoboye kwigarurira mu kwezi kw'umunani 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Ukraine zisigaranye gusa ica gatatu c'ubutaka bw'intara ya Kursk zari zashoboye kwigarurira mu kwezi kw'umunani 2024

Akarere gatunze mu nzira ya Moscou

Mu ntango za Myandagaro 2024, Ukraine yatangaje abantu bose mu gukora igitero ku butaka bw'Uburusiya, yinjiriye mu ntara ya Kursk iri ku rubibe.

Mu misi mike cane, ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo za Ukraine, zishigikiwe n'ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, zarigaruriye akarere karenga ibirometero kwadarato (km2) 1300 k'iyi ntara ifise ubwaguke bwa kirometero kwadarato 30.000. Zarashoboye kandi no kwigarurira n'ibisagara bitari bike.

Ingabo za Ukraine zarorohewe cane muri ico gitero kubera kamere y'iyi ntara. Kursk hafi yose ni ikiyaya, gusa ikaba ifise udusozi dutoduto, ariko nta misozi miremire canke imitumba miremire vyoshobora kuzibiria ibitero.

Hejuru y'ibi, umugwa mukuru w'iyi ntara bisangiye izina uri ku birometero 500 gusa uvuye ku mugwa mukuru w'igihugu, Moscou, ari co gituma iki gitero ca Ukraine capfukuye Uburusiya, kigaragaza ukungene uburinzi bw'igihugu bushobora gushikirwa n'ingorane mu buryo bworoshe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Taras Chmut yahoze ari intwazangabo mu gisirikare ca Ukraine akaba n'umuyobozi w'ishirahamwe Come Back Alive, rifasha igisirikare ca Kiev, yabwiye ikinyamakuru The New York Times co muri Amerika ati: "Kursk yari impinduka ikomeye ku kungene iyi ntambara ifatwa.

"Yashize ahabona ko Uburusiya bushobora gutakaza ubutaka, ubutaka bwabwo. Yerekanye ko Ukraine ishobora gukora ibitari vyitezwe no mu buryo butamenyerewe".

Ariko, hejuru y'uko ari inzira yoroshe yo gushika ku mugwa mukuru w'Uburusiya, Kursk ni intara itunze cane, hampande y'isi imera cane, itunze ubutare bwinshi.

Iyi ntara ni imwe mu turere twimbura ubutare bw'icuma muri iki gihugu kiri ku migabane y'Ubulaya na Aziya, ahari ikizwi nka Kursk Magnetic Anomaly, kimwe mu bice vya mbere kw'isi bitunze ubu butare, nk'uko biri mu gitabo Encyclopedia Britannica.

Ubutare bwa Terre rare n'ubundi busanzwe nabwo nyene buraboneka mu turere tutari duke tw'iyo ntara ifise kandi amazi meza, kirumara mu bijanye n'amagara.

Nta kintu cozibira umwansi yotera Uburusiya mu biyaya bininibinini vya Kursk

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nta kintu cozibira umwansi yotera Uburusiya mu biyaya bininibinini vya Kursk

Ikimenyetso ca kahise

Kursk si intara isanzwe ku Barusiya. Iyi ntara ifise ivyibutso bidasanzwe, nk'imwe mu ntara zabereyemwo ingwano zikaze cane hafi y'umugwa mukuru w'igihugu, zasheshe amaraso menshi muri ca gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose.

Ku wa 5 Mukararo (7) 1943, igisirikare ca Adolf Hitler ku butegetsi bw'Abanazi mu Budagi cakoze igitero cafatwa ko ari nka rurangiza ku cahoze ari Ubumwe bw'Abasoviyeti, inyuma y'aho gitsindiwe mu ntambara z'ahitwa Stalingrad (ubu hitwa Volgograd).

Mu gaturuturu ko kuri uwo musi, ingabo 900.000 z'Abanazi zishigikiwe n'ibimodoka 2700 vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, be n'indege zitari nke z'intambara, niho zagerageza kugaruza ubutaka zari zatakaje mu cari kizwi nk'Urwasiro rwo mu Buseruko.

Ariko, Moscou yari yamenye integuro za Berlin (ubutegetsi bw'Ubudagi) yarashoboye kwegeranya ingabo zababa imiriyoni 1.5 zirongowe n'intwazangabo karuhariwe Georgy Zhukov yamenyekanye cane muri iyo ntambara, zikubita Abanazi ubutakigaruka.

Igitero c'ingabo z'ibihugu vyari vyishize hamwe (Allied forces/Forces Alliées) muri Sicile mu Butaliyano cahavuye gituza burundu integuro z'Ubudagi bw'Abanazi.

Ku bahinga, iki gitero ca Ukraine muri Kursk muri Myandagaro umwaka uheze catumye abanyagihugu bagira ubwoba kandi cabaye nk'agasuzuguro ku Burusiya.

Umuhinga mu vya politike w'Umudagi Andreas Umland, akaba ari umuhinga mu bibazo bijanye n'Uburusiya na Ukraine, mu kiganiro yagiranye na BBC ico gihe, yagize ati: "Ukraine yahinduye isura y'iyi ntambara.

"Uburusiya ni bwo buriko buragerageza kugaruza ubutaka bwabwo bwatakaje inyuma yo guterwa, ikintu kitari bwigere kibaho kuva ku ntambara ya kabiri y'isi yose".

Iki gitero co kwiheba ca Ukraine carashize ahabona ibibazo biri mu gisata co kwivuna abansi c'Uburusiya, mbere gituma abatari bake bagira amakenga ku majambo Kremlin yari iherutse kuvuga ku bijanye no gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

"Abanya-Ukraine barerakanye ko imirongo itukura y'Uburusiya yari amajambo gusa", bivugwa na Umland, avuga ko mbere Moscou itagifashe nk'igitero, ikanavuga kandi ko igitero cayo co kwivuna cari "igikorwa co kurwanya iterabwoba" gusa.

Kuva mu 2024, Uburusiya bwafashe umurongo mushasha wa gisirikare, uha uburenganzira ubutegetsi kwikora ku bubiko bwabwo bunini cane bw'ibirwanisho vy'ubumara n'ibindi birwanisho ruhonyanganda "mu gihe ukubaho kw'igihugu kuzoba kugeramiwe".

Igitero ku butaka bwabwo ni kimwe mu bishobora kugeramira ukubaho kw'Uburusiya.

Kursk ni ho habaye imwe mu ntambara za mbere zikomeye kuruta izindi mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kursk ni ho habaye imwe mu ntambara za mbere zikomeye kuruta izindi mu Ntambara ya Kabiri y'Isi Yose

Nta nsiguro kigifise

Nk'uko bivugwa n'abahinga batari bake, igitero ca Ukraine muri Kursk cari igifse intego zitatu: kwerekana ko Ukraine yari gushobora gutsinda intambara, guhatira Uburusiya gutahukana zimwe mu ngabo zabwo ziri mu butaka bwigaruriwe mu buseruko bwa Ukraine, hamwe no kurondera igihagararo gikomeye ari nka hamwe hari kuba ibiganiro.

Hagati aho, zimwe muri izi ntego ntizigezwe zishikwako canke mbere nta n'agaciro zigifise.

Nk'akarorero, muri ano mezi indwi, Moscou ntiyigeze itahukana ingabo ziri muri Donbas no mu tundi turere yigaruriye muri Ukraine, nubwo yashoboye kwumvisha Korea ya Ruguru ko yorungika ingabo zababa 11.000 gufasha muri iki "gikorwa co kurwanya iterabwoba" muri Kursk.

Muri iyi nzira nyene, kwigarurira ubutaka bw'Uburusiya kugira ngo izobukoreshe mu biganiro vy'amahoro bisa n'ivyataye insiguro kuri Kyiv muri iki gihe Umurepubulikani Donald Trump yagarutse ku butegetsi muri Amerika.

Serhiy Shurez, umukuru w'ikigo Defence Express ca Ukraine, yabwiye ikinyamakuru DW co mu Budagi ati: "Ubu intego za gisirikare, zamaze gushikwako ku rugero rutari ruto, ni zo ziza imbere: kugabanya ingorane zishobora gushikira intara ya Sumy muri Ukraine, gutuma ingabo zimwe zimwe z'Uburusiya ziva mu bice bimwe rw'urwasiro, no kuziburagiza uko bishoboka kwose".

Icuka kibi giherutse hagati ya Kyiv na Washington na co nyene gisa n'icabaye akaryo keza kuri Moscou.

Igitero co kwivuna c'Uburusiya muri Kursk cahuye n'ingingo ya Trump yo guhagarika imfashanyo ya Amerika mu vya gisirikare n'igendereza, inyuma yo guterana amajambo ku mugaragaro na mugenziwe wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, mu mpera z'ukwa kabiri.

Ariko, n'imbere y'uko ubucuti na Amerika butituka, Ukraine yari yamaze gutangura gutakaza ubutaka muri Kursk.

Abandi bahinga babona ko uno mukenyuro kwabaye ukwihenda kuva mu ntango.

Marina Miron, umuhinga mu vya gisirikare akaba n'umwigisha kuri kaminuza King's College London, agira ati: "Dufatiye ku bijanye n'imikenyuro ya gisirikare, yabaye ingingo y'akaga kuko yatumye urwasiro rwaguka cane mu gihe ingabo za Ukraine zari zamaze kuja mu ngorane z'uburyo n'ubuke bw'abasirikare kiriya gihe".

Hagati aho, muri kimwe mu vyegeranyo vyaco, ikigo Institute for the Study of War (ISW) kigabisha ko mu kwihora Uburusiya bushobora gukoresha ubutaka bwabohoje mu gutegura igitero gishasha ku ntara ya Ukraine ya Sumy iri ku rubibe, kikaba urwasiro rundi rushasha.

Reka turindire turabe ingene ibiganiro vyo guhagarika intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine bigenda kugira ngo turabe amaherezo y'ino ntara iri ku rubibe.