Umwaka uraheze ingabo za Ukraine zihawe umukuru wazo mushasha, ubu zihagaze gute?

Oleksandr Syrsky yashikiriye uburongozi bw'igisirikare ibintu bitoroshe ku rubuga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Oleksandr Syrsky yashikiriye uburongozi bw'igisirikare ibintu bitoroshe ku rubuga

Haraciye umwaka igisirikare ca Ukraine kironse uwundi mukuru waco. Hari ku wa 8 Ruhuhuma (2) 2024, igihe Perezida Volodymyr Zelensky yagena Oleksandr Syrsky yari arongoye ingabo zirwanira ku butaka kugira ngo asubirire Valeriy Zaluzhny.

Imbere y'aha, yararongoye urugamba rwo gukingira Kyiv igihe Uburusiya bwatanguza intambara muri Ruhuhuma 2022, yongera kandi arategura urugamba rwo kwirukana umwansi mu ntara ya Kharkiv, imbere y'uko igihe c'ubukonje bwinshi gitangura mu 2022.

Ariko mu 2024, ibintu ntivyagenze neza ku rubuga rw'intambara ku ngabo za Ukraine, mbere uwo mwaka igisirikare ca Ukraine nticorohewe ku burongozi bwa Syrsky.

Hagati aho, ni vyo ko ku rwasiro ingabo zabandanije zitakaza, zinasubira inyuma, ariko zarashoboye gutegura igitero ahantu umwansi wa Ukraine atari yiteze.

None 2024 wagenze gute ku gisirikare ca Ukraine kirongowe na Syrsky?

Syrsky gusubirira Zaluzhny

Volodymyr Zelensky yavuze ko ingingo yo gusubiriza umukuru w'ingabo yafashwe kuko vyari bikenewe "guhindura uburongozi bw'igisirikare ca Ukraine".

Ariko mu ntamatama, imwe mu mvo yo gusubiriza Zaluzhny yoba yari ukutumvikana hagati y'ibiro vy'umukuru w'igihugu n'uno yahoze arongoye ingabo kubera hari ivyo yariko arondera gushikako muri poritike.

Alexander Syrsky ntiyari azwi cane mu gihugu, eka mbere haba no mu binyamakuru vyo hanze.

Ariko, afatwa nk'uwumvira cane kizigenza mukuru w'intwaramiheto kandi nta vya poritike arondera muri kazoza.

Muri iki kiringo cose c'umwaka amaze arongoye ingabo, Syrsky nta kintu na kimwe arigera avuga coba cerekana ko anegura umukuru w'igihugu n'ibiro vyiwe.

Ibintu bimeze gute ku rubuga rw'intambara?

Avdiivka - canke tuti ibisigarira vyayo - yigaruriwe n'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Avdiivka - canke tuti ibisigarira vyayo - yigaruriwe n'Uburusiya

Ku rwasiro, Syrsky yarazwe ibihe bitoroshe: igitero rutura c'Uburusiya catanguye muri Gitugutu (10) 2023 kandi gushika ubu kikibandanya.

Ibibazo igisirikare ca Ukraine kirimwo, bitewe ahanini n'uko Uburusiya bufise ubushobozi burenze bwo kwinjiza igitigiri kinini cane c'ingabo, bukaba bufise amasasu, ibikoresho n'indege z'intambara karuhariwe, vyatanguranye na Zaluzhny.

Hanyuma muri Ruhuhuma 2024, igihe Syrsky yari amaze gufata amabanga, ingabo za Ukraine zaravuye muri Avdiivka, akarere kari karatsimbatajwe bikomeye hafi ya Donetsk, zari zashinze ruraguma kuva mu 2014.

Inyuma yo kuva muri Avdiivka, ingabo za Ukraine, nubwo Alexander Syrsky yavuze ko kwari ukugira ngo zikazanure maze zikubite zikuzako, ntizashoboye kuronka amaragamo mu ntara ya Donetsk.

Ingabo z'Uburusiya zabandanije zisatira, zitera intambwe buke buke mu karere ka Donbass muri iki kiringo c'umwaka wa mbere w'uno mukuru w'igisirikare mushasha.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri iki gihe, igisirikare ca Ukraine catakaje ibibanza bikomakomeye nk'uturere twa Krasnogorovka, Ugledar, Selidovo, Kurakhovo, na Velyka Novosilka.

Ariko muri ico gihe nyene, carashoboye – nubwo catakaje cane - gutangira ingabo z'Uburusiya zariko zirondera gusatira, zitera zija mu buraruko bw'intara ya Kharkiv.

Mu gihe ejo ku wa 8 Ruhuhuma yari isabukuru y'umwaka umwe Syrsky amaze arongoye igisirikare, intambara ni urutavanako muri Pokrovsk, Chasov Yar, mu karere ka Toretsk na Liman, hamwe kandi no hafi ya Kharkov, zitera zegereza igisagara ca Kupyansk.

Hagati aho, nk'uko abahinga mu vya gisirikare babivuga, nubwo yatakaje ubutaka, urugamba rwa Ukraine kuri Syrsky, ntirwapfuye: umwansi yarananiwe no kumenera mu birindiro vya Ukraine ku rwasiro rw'ibirometero mirongo, mbere n'intambwe yagira ngo arateye yayitera abanje gutakaza bikomeye cane.

Kuva uku kwa kabiri gutanguye, biriko biboneka ko igitero c'Uburusiya kimaze amezi n'amezi catanguye kugabanya umuvuduko.

Igitero ca Kursk

Imihora y'Uburusiya ikorera ku rubuga hwaniro rwa Telegram ni yo yabaye iya mbere kuvuga ingene Ukraine yariko igerageza gukora igitero co kwivuna muri Kursk ku wa 6 Ruhuhuma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imihora y'Uburusiya ikorera ku rubuga hwaniro rwa Telegram ni yo yabaye iya mbere kuvuga ingene Ukraine yariko igerageza gukora igitero co kwivuna muri Kursk ku wa 6 Ruhuhuma

Nubwo vyabaye ngombwa ko asubira inyuma muri Donbass, Oleksandr Syrsky, ku burongozi bw'igisirikare ca Ukraine, yarashoboye gutegura igitero ku rundi ruhande, igitero muri kahise k'igisirikare ca none kizogereranywa n'ico hafi ya Kharkiv mu 2022.

Mu ntango za Myandagaro (8) 2024, ingabo zirwanira mu kirere za Ukraine zarameneye ku rubibe rw'Uburusiya mu ntara ya Kursk zirafata igisagara ca Sudzha mu misi mikeya. Mu nyuma Ukraine yarashoboye kwigarurira ubutaka bw'Uburusiya burenga ibirometero kwadarato 1000.

Iyi ntambwe zateye zigishika muri Kursk irasigurwa n'imvo nyinshi. Ubwa mbere, igisirikare ca Ukraine carashoboye kwegeranya mu mpisho ingabo zakoze iki gitero, igikorwa kitoroshe na gato muri ibi bihe vy'ubuhinga bwa none bwo kuneka hakoreshejwe ibigendajuru.

Ubwa kabiri, inzobere mu ntambara kandi zishashaye urugamba ni zo zakoze iki gitero, nk'akarorero amabirigade ya 95 na 80 y'ingabo zirwanira mu kirere mu gisirikare ca Ukraine.

Ubwa gatatu, Abarusiya barananiwe no kuzibira kugira ngo umwansi ntajabuke urubibe: ingabo za Ukraine kenshi wasanga zihangana n'abarikiri ariho bacinjira igisirikare.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Le Monde mu nyuma, Syrsky yagize ati: "Nta kundi nari kugira, nategerezwa gutegura iki gitero. Vyari ngombwa ko mpungabanya igitero kuri Kharkiv, ngatezurira ingabo zari zihanganye n'umwansi mu bice bitandukanye vy'urwasiro, nkazibira kandi umwansi kugira ngo ntiyugurure urundi rwasiro kuri Sumy. Ni co gituma nafashe ingingo yo gutera umwansi ku ruhande yari afise intege nke, ahari abasirikare bake bari bacungereye urubibe".

Mu gihe habandanya havugwa ivy'ibiganiro n'Uburusiya, kugumana Kursk na vyo bifise ikibanza kiboneka ku ruhande rwa poritike.

Muri Nyakanga (9), Abarusiya baratanguye igitero co kwirukana umwansi mu ntara ya Kursk, kandi barashoboye kubohoza igice kitari gito c'ubutaka batakaje.

Hagati aho, ibirometero kwadarato vyababa 500 muri iyo ntara, harimwo Sudzha, biracari mu minwe y'ingabo za Ukraine.

Ku wa 6 Ruhuhuma, ni ho hamenyekana ko ingabo za Ukraine ziri i Kursk nazo zakoze igitero co kwivuna hafi y'ibigwati vya Ulanok na Cherkasskaya Konopelka. Rero hariya ibintu biguma bihinduka.

Ariko n'aho nyene, Syrsky aranegurwa kuri iki gitero ca Kursk – ku ngingo yo gufata ingabo zimenyereye urugamba akazitwara muri ako karere, kandi kumbure zari gushobora gufasha mu gukingira intara ya Donetsk. Aranegurwa kandi ku kuntu ubu ingabo z'Uburusiya zashoboye kwirundaniriza hafi y'intara ya Sumy.

Ariko, nubwo biri uku, vyabaye ngombwa ko Uburusiya bwimurira ingabo muri ako gace, eka mbere zikanarondera n'abazifata mu mugongo zivuye muri Korea ya Ruguru.

Bavuga iki kuri Syrsky

Nk'umukuru w'ingabo, Syrsky yaraneguwe ku kungene "apfisha abasirikare benshi" no ku bivugwa vy'uko yanse gusubiza inyuma ingabo zari mu kaga ko kugotwa, hamwe kandi n'ukungene "arongoye igisirikare nabi".

Nk'akarorero, umunyamakuru mu vya gisirikare akaba n'umwanditsi mukuru wa Censor.Net, Yuri Butusov, aranegura Syrsky ko aha amategeko adatomoye abarongoye amabirigade n'amabatayo ari ku rugamba.

Avuga kandi ko uno mukuru w'ingabo ko atazi "gutunganya, gutegura no gukoresha ingabo z'integabizoza", nk'ivyabaye kuri birigade ya 155, mbere inyuma yo gushingwa hakaba haciye hatangura kwerekanwa ko ata kazi yari ishoboye.

Syrsky afatwa nk'uwugamburukira cane kizigenza w'intwaramiheto, Perezida Volodymyr Zelensky

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Syrsky afatwa nk'uwugamburukira cane kizigenza w'intwaramiheto, Perezida Volodymyr Zelensky

Hagati aho, abandi bihweza ibintu n'ibindi bavuga ko Syrsky akora mu gihe kigoye, aho igisirikare c'Uburusiya gifise uburyo bw'ikirenga kandi bitoroshe kwinjiza izindi ngabo, ibi na vyo nk'umukuru w'ingabo akaba ata bubasha abifiseko.

Jenerali majoro Viktor Nazarov yabwiye BBC ati: "Syrsky, umukuru w'ingabo, nta kintu twovuga ngo arafise: nta buryo afise, nta mahera, nta ngabo z'integabizoza. Izi ntegabizoza azirondererwa n'uwundi muntu. Ni ngombwa ko uba ufise uburyo bw'abarwanyi, amahera n'ibindi vyose vya nkenerwa kugira ngo ushobore kurangura akazi kawe".

Ku bwiwe, n'ubundi Ukraine irakomeye kubona yihagazeko kandi ata buryo ifise: "Iyo bavuze ngo turi mu 'vyago ku rugamba' – ego ni vyo, turiko turasubira inyuma, turiko turirukanwa, ibi ni vyo bintu biboneka…ariko ibintu vyari kuba vyarabaye nabi cane".

Nazarov agira ati: "Nubwo ikibanza ca Aleksandr Stanislavovich [Syrsky] cofatwa n'umujenerali wa OTAN karuhariwe, nagomba ndakubwire ko ibintu bitogenda neza na gato".

Nayo Viktor Muzhenko yari umukuru w'ingabo za Ukraine ku ntwaro ya Petro Poroshenko, agereranya Syrsky na Zaluzhny uku: "Ku bwanje, [ubwa mbere], Syrsky ariteguye neza gusumba Zaluzhny. Ubwa kabiri, Syrsky aramenyereye cane kurongora, gutunganya no gutegura igisirikare gusumba Zaluzhny. Ubwa gatatu, Syrsky ariyemera mu nteguro ziwe n'ivyo akora".

Imbere y'aha, Muzhenko yaranegura Syrsky ku kungene yagomba kugena abantu ashingiye ku ngingo yavuga ngo: "Nimba agamburuka, uyo ni uwacu". Uyo yahoze arongoye ingabo avuga ko gukora gutya bigira ingaruka mbi ku bushobozi bw'ingabo ku nzego zitandukanye, kandi bigatuma umuntu atakaza intwazangabo zifise uburambe.

Ubu Alexander Syrsky aherutse gutangaza intango y'impinduka mu ntunganyo y'igisirikare ca Ukraine mu kuzishira mu ntunganyo nshasha ijanye no gushinga imirwi ya gisirikare (corps d'armée/army corps).

Birashoboka ko iyi ari impinduka ishobora gutuma ibikorwa vy'ingabo ziri ku rugamba bitunganywa neza, no gukuraho (canke n'imiburiburi kugabanya) ingorane ziterwa n'ukutabona ibintu kumwe hagati y'amabirigade, n'ukurungika ingabo zitamenyereye urugamba mu turere tw'intambara tugoye, canke n'amabirigade atakaza abantu benshi.

Akarusho k'izi mpinduka ahanini kazovana n'ibikorwa hamwe n'ingingo zizofatwa na

Alexander Syrsky.